Ja ku birimwo

KU WA 24 GITUGUTU, 2023
Zimbabwe

Kwamamaza ku mugaragaro mw’ihayanishwa ry’ivy’uburimyi ryabereye muri Zimbabwe mu 2023

Kwamamaza ku mugaragaro mw’ihayanishwa ry’ivy’uburimyi ryabereye muri Zimbabwe mu 2023

Kuva itariki 28 Myandagaro gushika itariki 2 Nyakanga, harabaye ihayanishwa ry’ivy’uburimyi i Harare muri Zimbabwe. Iryo hayanishwa mpuzamakungu ryarimwo abantu barenga 500 bari baje guhayanisha ibintu kandi abarenga 250.000 baraje kubiraba. Abavukanyi na bashiki bacu bo muri ako karere barashizeho ikintu co gushiramwo ibinyamakuru mu congereza, mu kindebele co muri Zimbabwe no mu gishona. Ico gihe abavukanyi na bashiki bacu 79 baratanze nk’ibinyamakuru 6.300 kandi abantu 116 barasavye kwiga Bibiliya.

Uwukiri muto yitwa Tamuka yaregereye aho hantu. Yarakwegerewe n’igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza​—Inyishu ngirakamaro, igitabu ca 1 n’ica 2. Ariko igihe yamenya ko Ivyabona vya Yehova bigisha Bibiliya ku buntu, yabajije ahimbawe ati: «Mwoshobora kumbwira vyinshi ku vyerekeye ibi vyigwa vya Bibiliya?» Aho amariye kubona ukuntu bigisha abantu Bibiliya bakoresheje agatabu Kwiberaho ibihe bidahera, yarasavye kwiga. Umuvukanyi wo ng’aho yaratunganije ivyo kubandanya yiga na Tamuka.

Uwundi mugabo yaregereye aho hantu maze avuga ko atangazwa n’ukwicisha bugufi be n’umwete Ivyabona bagaragaza mu gikorwa co kwamamaza. Umuvukanyi yari aho hantu yarasomeye uwo mugabo muri Matayo 28:19, 20 aca aramusigurira ko Ivyabona vya Yehova babona ko bihambaye cane kugamburuka itegeko rya Yezu ryo kwamamaza ubutumwa bwo muri Bibiliya. Uwo mugabo yariyemereye ko yipfuza kugira umutima rugabo nk’uyo. Uwo muvukanyi yaramusavye ko bokwiga Bibiliya, aca aremera ahimbawe.

Umugore umwe yaje aho hantu yarashimye ukuntu Ivyabona vya Yehova bafise umutima mwiza kandi bifata ruto. Abo bavukanyi barerekanye ko kwiga ijambo ry’Imana no kurishira mu ngiro mu buzima bwacu bidufasha kugaragaza izo kamere. Mushiki wacu na we yareretse uwo umugore ukuntu twigisha abantu Bibiliya dukoresheje agatabu Kwiberaho ibihe bidahera. Uwo mugore yaratangajwe no kubona ibitabu bitandukanye bitangwa ku buntu hakaba harimwo ibivuga ivy’imiryango n’abakiri bato. Amaze kwakira ibitabu bimwebimwe na Bibiliya, yaremeye kwiga Bibiliya maze avuga ati:«Iyi ni yo ngabirano ndonse isumba izo nari maze kuronka zose.»

Abavukanyi na bashiki bacu barashinze intahe kandi akaryo kizanye mu gihe c’iryo hayanishwa. Umuvukanyi umwe yaraganirije umugore yari mu kibanza yakoreramwo. Mu nyuma kuri uwo musi nyene, uwo muvukanyi yarasubiriye kuvugisha uwo mugore maze amuha Bibiliya n’ibitabu bimwebimwe. Uwo mugore yaravyakiriye ahimbawe maze aca asigura ko yahora yipfuza Bibiliya ariko ntayironke. Yaciye atanga adrese yiwe kugira umudada azomugendere ikindi gihe.

Mushiki wacu yitwa Ranganai yaraseruye ukuntu yiyumvise igihe yariko aramamaza mu kiringo c’iryo hayanishwa .Yavuze ati:« Kuva mu mwaka uheze amagara yanje atuma bitanyorohera gukora nk’uko ndavyipfuza mu gikorwa co kwamamaza. Ariko narize kugumiza umutima ku mihezagiro nironkera naho ndi mu ngorane. Kuba naragize uruhara muri iryo sekeza ni umwe muri iyo mihezagiro. Vyaratumye numva ko hari ico maze, ndaronka n’indemesho nari nkeneye.»

Ivyo vyabonywe biraduhimbaye cane kandi turanezerwa no gukorana mu bumwe n’abavukanyi na bashiki bacu bo muri Zimbabwe nk’«abakozi bakorana n’Imana.»​—1 Abakorinto 3:9.