Ja ku birimwo

Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya

Niwirabire insobanuro y’ukuri y’imirongo n’imvugo vyo muri Bibiliya bimenyerewe. Uko usoma amakikuro y’iyo mirongo numenye uko ibintu vyari vyifashe igihe ibivugwa muri yo vyandikwa. Nukoreshe utujambo tw’epfo be n’ivyanditswe vyo mu nkingi kugira wongereze ugutahura kwawe.

Insobanuro y’ibivugwa mw’Itanguriro 1:1: “Mu ntango Imana yaremye amajuru n’isi”

Ni ibintu bibiri bihambaye ibihe uwo murongo wo muri Bibiliya ushira ahabona?

Insobanuro y’ibivugwa muri Kuvayo 20:12: “Tera iteka so na nyoko”

Umuhango yaciye yongerako ni nk’iyindi mvo yari gutuma bagamburuka iryo tegeko.

Insobanuro y’ibivugwa muri Yosuwa 1:9: “Gira umutima rugabo kandi ukomere”

Woshobora gute kugira umutima rugabo n’inkomezi igihe uri mu ngorane zitoroshe n’intambamyi zisa n’izikurengeye?

Insobanuro ya Zaburi 37:4: «Nezerwa n’Umukama»

Iyo zaburi idufasha gute kuronka ubukerebutsi no kuba abantu bashimwa n’Imana?

Insobanuro ya Zaburi 46:10: «Nimwisigireho, mumenye kw’ari jewe Mana»

Uwo murongo woba usobanura ko turi mw’isengero dukwiye kunuma?

Insobanuro y’ibivugwa mu Migani 16:3 «Shikiriza Umukama ibikorwa vyawe»

Ni imvo zibiri izihe zikwiye gutuma abantu bisunga impanuro Imana itanga igihe bafata ingingo?

Insobanuro yo mu Migani 17:17: «Umugenzi akundana igihe cose»

Uyu mugani uradondora neza ico ari co umugenzi nyakuri.

Insobanuro y’ibivugwa mu Musiguzi 3:11 «Ikintu cose yakiremye ari ciza mu gihe caco»

Mu bikorwa vyiza vy’Imana harimwo n’ibindi uretse gusa ibintu vyose yaremye. None ivyo bituma wiyumva gute?

Insobanuro y’ibivugwa muri Yesaya 26:3​: «Umutima ukwiyegetseko, uzowuzigama mu mahoro»

Vyoba vy’ukuri bishoboka ko tugira amahoro atagira agahaze? Kwiheka ku Mana bisobanura iki?

Insobanuro y’ibivugwa muri Yesaya 40:31: “Abizigira Yehova bazosubira kugira ububasha”

Kubera iki Ivyanditswe bigereranya umuntu Yehova aha inkomezi n’inkona iriko iraguruka?

Insobanuro y’ibivugwa muri Yesaya 41:10: “Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe”

Yehova arakoresha amungane atatu mu gukura amazinda abasavyi biwe b’intahemuka ko abashigikiye.

Insobanuro yo muri Yeremiya 11:11: «Nzobazanako ivyago»

Imana yoba ari yo yateje «ivyago» abasavyi bayo, canke yarabiretse gusa biraba?

Insobanuro y’ibivugwa muri Yeremiya 33:3: «Mpamagara, nanje ndakwitaba»

Imana yasezeranye guhishurira «ibintu bihambaye kandi bidatahurika» abemera ako kamo yabateye. Ivyo bintu vyari ibiki? Vyoba ari ko biri n’ubu?

Insobanuro y’ibivugwa muri Matayo 6:34: “Ntimukiganyire ivy’ejo”

Yezu ntiyashaka kuvuga ko tudakwiye gutegekanya ivya kazoza.

Matayo 11:28-30: “Ni muze kuri jewe, . . . ndabaruhura”

Yezu yoba yabasezeraniye guca abakurako akarenganyo n’agacinyizo?

Insobanuro y’ibivugwa muri Mariko 1:15: “Ubgami bg’Imana buri hafi”

Yezu yoba yashaka kuvuga ko Ubwami bwari bwaratanguye kuganza?

Ico muri Luka 1:37 hasobanura: «Kuko ata kinanira Imana»

Nta kintu na kimwe gishobora kubuza Imana Mushoboravyose gushitsa ivyo yasezeranye. Ivyo bikumariye iki?

Insobanuro y’ibivugwa muri Yohani 3:16: “Kuko Imana yakunze isi cane”

Yehova Imana yerekanye gute ko adukunda umwe wese ku giti ciwe be n’uko yipfuza ko turonka ubuzima budahera?

Yohani 14:27: “Amahoro ndayabasigaranye”

Ni amahoro nyabaki Yezu yasigiye canke yahaye abayoboke biwe b’ukuri? Twoyaronka gute?

Yohani 16:33: «Jewe naranesheje isi»

Ni gute amajambo ya Yezu akura amazinda abigishwa biwe ko bashobora kuroranirwa mu guhimbara Imana?

Insobanuro y’ibivugwa mu Vyakozwe 1:8: «Muzohabga ubushobozi»

Ni ububasha nyabaki Yezu yasezeraniye abigishwa biwe, kandi bwobafashije gukora iki?

Insobanuro y’ibivugwa mu Baroma 6:23: «Ingero y’icaha ni urupfu ariko ingabire y’Imana ni ubugingo budashira»

Nta muntu w’umucumuzi ashobora gukorera ubukiriro, ariko turashobora kwemera ingabire y’Imana y’ubuzima budahera. Gute?

Insobanuro y’ibivugwa mu Baroma 10:13: ‘Kwambaza izina ry’Uhoraho’

Imana iraha abantu bose akaryo ko kurokoka no kuronka ubuzima budahera, ata kuraba igihugu bavamwo, ibara ryabo ry’urukoba canke ikibanza bafise mu kibano.

Insobanuro y’ibivugwa mu Baroma 12:12: “Munezerwe mu cizigiro. Mwihangane mu makuba. Mushishikare gusenga”

Ni gute umukirisu yoguma ari intahemuka naho yoshikirwa n’uruhamo be n’izindi ngorane?

Insobanuro y’ibivugwa mu Baroma 15:13: “Imana itanga ivyizigiro ibuzuze umunezero wose n’amahoro”

Umunezero n’amahoro bifitaniye isano gute n’icizigiro be n’impwemu nyeranda?

1 Abakorinto 10:13: «Imana ni iyo kwizigirwa»

Ni mu buryo ubuhe Imana yo kwizigirwa idufasha canecane igihe turi mu kigeragezo?

Insobanuro y’ibivugwa mu 2 Abakorinto 12:9: «Ubuntu bganje buraguhāgije»

Ni gute ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana bwagiriye akamaro cane intumwa Pawulo ? Tweho bite?

Insobanuro yo mu Bagalatiya 6:9: «Ntiturambirwe n’ugukora ivyiza»

Ni impembo iyihe abakirisu bashishikara bakora ivyiza bazokwironkera?

Insobanuro y’ibivugwa mu Banyefeso 3:20: «[Imana ira]shobora gukora ibirengeye cane ivyo dusaba n’ivyo twiyumvira vyose»

Ni mu buryo ubuhe Imana yishura amasengesho y’abasavyi bayo ikongera ikabakorera ivyo bayisaba?

Insobanuro y’ibivugwa mu Bafilipi 4:13: “Nshobozwa vyose n’ūmpa inkomezi”

Paulo yashaka kuvuga iki igihe yandika yuko yoronse inkomezi “muri vyose”?

2 Timoteyo 1:7: “Imana [ntiya]duhaye umutima upfana isoni n’ubwoba”

Imana yofasha gute umuntu gutsinda ubwoba gutyo akagira umutima rugabo wo gukora ikibereye?

Insobanuro y’ibivugwa mu Baheburayo 4:12: «Ijambo ry’Imana ni rizima, rirarangura ico rivuga»

Woba ureka ijambo ry’Imana rikagufasha mu buzima bwawe? Ingene uvyifatamwo, vyerekana ko uri umuntu ameze gute?

Mu Vyahishuwe 21:4 havuga hati​—«Izohanagura amosozi yose ku maso yabo»

Uyu murongo uravuga ikintu ciza igitangaza Imana isezerana kuzokora.