Ja ku birimwo

Amakarata yo muri Bibiliya

Amakarata yo muri Bibiliya

Agatabu kavuga ngo ‘Raba ca gihugu ciza’ karimwo amakarata yo muri Bibiliya ushobora gukoresha kugira urushirize gutahura Bibiliya igihe uriko wiyigisha. Bibiliya iravuga ibibanza bitari bike, ibisagara vyinshi n’ibihugu bitandukanye. Gukoresha ayo makarata ari mu gatabu ‘Raba ca gihugu ciza’ igihe uriko urasoma wongera wiyigisha Bibiliya, bizogufasha kubona mu bwenge ahantu inkuru zo muri Bibiliya zabereye. Bizogufasha kandi kubona ukuntu uturere tuvugwamwo twagize ico dukoze ku nkuru ziri muri Bibiliya.

Agatabu ‘Raba ca gihugu ciza’ karimwo amakarata n’ibicapo vy’amabara menshi vyerekana uturere tuvugwa muri Bibiliya. Muri ako gatabu harimwo kandi amafoto n’ibindi bintu bishobora gutuma kwiyigisha Bibiliya birushiriza kukuryohera.

Ayo makarata yo muri Bibiliya azogufasha

  • gutahura ingendo Aburahamu, Izahaki na Yakobo bagize

  • kubona aho Abisirayeli baciye igihe bava mu Misiri baja mu Gihugu c’isezerano

  • kubona aho Abisirayeli baba ugereranije n’aho abansi babo baba

  • kubona uturere Yezu yaciyemwo mu kiringo c’ubusuku bwiwe

  • gutahura ukuntu uturere tw’inganji zikomeye zivugwa muri Bibiliya twangana, harimwo Babiloni, Ubugiriki n’Uburoma

Urashobora kuronka ako gatabu karimwo amakarata yo muri Bibiliya muri ca Cegeranyo c’ibitabu co kuri internet.