Ja ku birimwo

Bibiliya yoba yomfasha kuronka agahimbare mu muryango?

Bibiliya yoba yomfasha kuronka agahimbare mu muryango?

Inyishu Bibiliya itanga

 Egome. Ng’izi zimwezimwe mu mpanuro ziranga ubukerebutsi itanga zafashije abagabo n’abagore amamiliyoni kuronka agahimbare mu muryango:

  1.   Nimwandikishe umubano wanyu. Kuragana imbere y’amategeko yuko muzobana ubuzima bwose ni co kintu nyamukuru gituma muronka agahimbare mu muryango.—Matayo 19:4-6.

  2.   Nimukundane kandi mwubahane. Ivyo birimwo gufata uwo mwubakanye nk’uko woshima gufatwa.—Matayo 7:12; Abanyefeso 5:25, 33.

  3.   Niwirinde amajambo ababaza. Nuvugane uburwaneza n’igihe nyene uwo mwubakanye avuze canke akoze ikintu kibabaza. (Abanyefeso 4:31, 32) Bibiliya ivuga mu Migani 15:1 iti: “Inyishu, iyo irimwo ubwitonzi, ikevya uburake, mugabo ijambo ritera umubabaro riduza ishavu.”

  4.   Ntimuhemukirane. Nugaragarize inyiyumvo z’ivy’urukundo uwo mwubakanye gusa abe ari na we gusa wipfuza mu vy’igitsina. (Matayo 5:28) Bibiliya igira iti: “Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka muri bose, kandi uburiri bw’ababiranye bwoye guhumana.”​—Abaheburayo 13:4.

  5.   Nimurere abana banyu mu rukundo. Ntimubarekerane canke ngo mubabere umururazi.​—Imigani 29:15; Abakolosayi 3:21.