Ja ku birimwo

“Alufa na Omega” ni nde?

“Alufa na Omega” ni nde?

Inyishu Bibiliya itanga

 Imvugo “Alufa na Omega” yerekeza kuri Yehova Imana Mushoboravyose. Iboneka ahantu hatatu muri Bibiliya.​—Ivyahishuwe 1:8; 21:6; 22:13. a

Kubera iki Imana yiyita “Alufa na Omega”?

 Alufa ni urudome rwa mbere rw’ikigiriki, Omega na rwo ni urwa nyuma. Ikigiriki ni rwo rurimi rwakoreshejwe mu kwandika igice ca Bibiliya gikunze kwitwa Isezerano rishasha, aho hakaba harimwo n’igitabu c’Ivyahishuwe. Kuba Yehova yihaye izina afatiye ku rudome rwa mbere n’urwa nyuma vyerekana ko ari we ntango n’iherezo. (Ivyahishuwe 21:6) Yamye ari Imana Mushoboravyose kuva kera na rindi, kandi azokwama ari Imana Mushoboravyose gushika ibihe bidahera. Ni we wenyene yamyeho “kuva igihe kitagira urugero gushika igihe kitagira urugero.”​—Zaburi 90:2.

Ni nde ari “uwa Mbere n’uwa Nyuma”?

 Bibiliya irakoresha iyo mvugo kuri Yehova Imana no ku Mwana wiwe Yezu, ariko iba ifise insobanuro zitandukanye. Raba uburorero bubiri:

  •   Muri Yesaya 44:6, Yehova avuga ati: “Ndi uwa mbere kandi ndi uwa nyuma, kandi uretse jewe nta Mana iriho.” Aho Yehova ashaka kwerekana ko ari we wenyene yamye ari Imana y’ukuri; uretse we nta yindi Mana iriho. (Gusubira mu vyagezwe 4:35, 39) Ku bw’ivyo, muri uwo murongo imvugo ‘uwa mbere n’uwa nyuma’ ifise insobanuro imwe na “Alufa na Omega.”

  •   Imvugo “uwa Mbere [pro’tos, atari alufa] n’uwa Nyuma [e’skha·tos, atari omega]” iraboneka kandi mu Vyahishuwe 1:17, 18 na 2:8. Iyo mirongo yerekana ko uwuriko aravugwa yigeze gupfa hanyuma arazuka. Uca wumva ko iyo mirongo iterekeza ku Mana kuko yoyo itigeze ipfa. (Habakuki 1:12) Ariko Yezu we yarapfuye hanyuma arazuka. (Ivyakozwe 3:13-15) Ni we muntu wa mbere yazutse afise umubiri w’impwemu udapfa, azukira kuba mw’ijuru “ibihe bitazoshira.” (Ivyahishuwe 1:18; Abakolosayi 1:18) Yezu ni we azura abandi bose bazuka mu nyuma. (Yohani 6:40, 44) Ku bw’ivyo, ni we wa nyuma yazuwe na Yehova ubwiwe. (Ivyakozwe 10:40) Birabereye rero ko Yezu yitwa “uwa Mbere n’uwa Nyuma.”

Mu Vyahishuwe 22:13 hoba herekana ko Yezu ari we ari we “Alufa na Omega”?

 Oya. Uwuvuga amajambo ari mu Vyahishuwe 22:13 ntazwi neza, kandi ibiri muri ico kigabane bivugwa n’abantu batandukanye. Porofeseri William Barclay yaragize ico avuze kuri ico gice c’igitabu c’Ivyahishuwe. Yanditse ati: “Urutonde ibintu vyanditswemwo ntiruboneka neza; . . . kandi akenshi biragoye kumenya uwuba ariko aravuga.” (The Revelation of John, Igitabu ca 2, Integuro yasubiwemwo, urupapuro rwa 223) Ku bw’ivyo, “Alufa na Omega” avugwa mu Vyahishuwe 22:13 ashobora kuba ari wa wundi nyene avugwa ahandi mu gitabu c’Ivyahishuwe, ni ukuvuga Yehova Imana.

a Ahantu hagira kane iboneka ni mu Vyahishuwe 1:11 muri Bibiliya yitwa King James. Ariko Bibiliya nyinshi zo muri iki gihe ntizirimwo iyo mvugo muri uwo murongo kuko itaboneka mu vyandikano vya kera vy’ikigiriki. Biboneka ko yongewemwo mu nyuma.