Ja ku birimwo

Bibiliya yoba ishobora kumfasha mfise ingorane z’amahera n’amadeni?

Bibiliya yoba ishobora kumfasha mfise ingorane z’amahera n’amadeni?

Inyishu Bibiliya itanga

 Ego. Ng’izi ingingo ngenderwako zine zo muri Bibiliya zishobora kugufasha nimba ufise ingorane z’amahera n’amadeni:

  1.   Nugire integuro y’amahera utegekanya gukoresha. “Imigambi y’umunyamwete ntibura kuvamwo akarusho, ariko uwihutagiza wese ntabura kugana ku bukene.” (Imigani 21:5) Ntiwihutire kugura ikintu ngo ni uko kiriko kigurishwa make. Nugire integuro y’ukuntu utegekanya gukoresha amahera yawe kandi uyikurikize.

  2.   Niwirinde amadeni adakenewe. “Uwugurana aba umusavyi wa nyene kumugurana.” (Imigani 22:7) Nimba ufise amadeni maze ukaba udashoboye gushitsa ivyo wiyemeje, gerageza usubire uganire n’abakuguranye muvugane ingene uzobishura. Nugume ugira akigoro. Kurikiza iyi mpanuro Bibiliya itanga ku bijanye n’uwemeye ingurane atabanje kwiyumvira maze akabwirizwa kuriha iryo deni: “Bandanya, wicishe bugufi, wisabe mugenzawe ushishikaye. Amaso yawe ntuyahe itiro.” (Imigani 6:1-5, Bibiliya Yera) Ugerageje irya mbere bikanka, ntuce uta hasi. Guma umusaba ko mwogira ivyo mwumvikanye ku bijanye na nya deni.

  3.   Nubone amahera mu buryo bubereye. “Ntugire ubwikunzi ngo ushashare gutunga, [ahandi ho] uzosanga bikugendeye nabi rwose bimwe utaziga.” (Imigani 28:22, Contemporary English Version) Umunoho n’umwina birashobora gutuma ugira ingorane z’ubutunzi, bikonona n’ubucuti ufitaniye n’Imana.

  4.   Nubumbwe n’ivyo ufise. “Iyo rero dufise ivyo kurya n’ivyo kwambara, ivyo biratubumba.” (1 Timoteyo 6:8) Amahera ntashobora kugura agahimbare. Bamwe mu bantu bahimbawe kurusha abandi kw’isi usanga ata mahera menshi bifitiye. Ico bifitiye ni urukundo bakunda umuryango n’abagenzi, be n’ubucuti bafitaniye n’Imana.​—Imigani 15:17; 1 Petero 5:6, 7.