Ja ku birimwo

Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye Daniyeli?

Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye Daniyeli?

Inyishu Bibiliya itanga

 Daniyeli yari umuhanuzi w’Umuyuda yabayeho hagati y’ikinjana c’indwi n’ica gatandatu imbere ya Kristu. Imana yaramuhaye ubushobozi bwo gusobanura indoto, iramwereka ibintu bizoba muri kazoza, yongera iramuhumekera kwandika igitabu co muri Bibiliya citirirwa izina ryiwe.​—Daniyeli 1:17; 2:19.

Daniyeli yari nde?

 Daniyeli yakuriye muri Yuda, ubwami bwarimwo igisagara ca Yeruzalemu hamwe n’urusengero rw’Abayuda. Mu 617 imbere ya Kristu, umwami wa Babiloni Nebukadinezari, yarigaruriye Yeruzalemu yongera atwara “abantu bakurubakuru bo muri ico gihugu” mu bunyagano i Babiloni. (2 Abami 24:15; Daniyeli 1:1) Daniyeli na we nyene baramutwaye, ico gihe akaba ashobora kuba yari umuyabaga.

 Daniyeli n’abandi bahungu bakiri bato (harimwo Shaduraki, Meshaki, na Abedinego) barajanywe ku kirimba i Babiloni kugira bamenyerezwe ku bw’ibikorwa bokoreye ku kirimba. Naho babahase ngo bakore ibintu bibi, Daniyeli hamwe n’abagenzi biwe batatu bagumye ari intahemuka ku Mana yabo Yehova. (Daniyeli 1:3-8) Bamaze imyaka itatu bamenyerezwa, Umwami Nebukadinezari yarashimye ubukerebutsi n’ubuhanga bari bafise, avuga mbere ko “baruta incuro cumi abaherezi b’abanyamageza bose be n’abahamagara imizimu bari mu karere kose aganza.” Yaragenye Daniyeli n’abagenzi biwe gukorera ku kirimba.​—Daniyeli 1:18-20.

 Haciye imyaka mirongo, igihe Daniyeli yari afise imyaka 90 yararengukijwe ku kirimba. Umugabo yitwa Belushazari akaba ari we yatwara Babiloni, yarasavye Daniyeli gusobanura inyandiko yari yanditse ku ruhome mu buryo butangaje. Daniyeli ayobowe n’Imana, yaramenyesheje ko intwaro y’Ubumedi n’Ubuperesi yokwigaruriye Babiloni. Muri iryo joro nyene Babiloni yarafashwe.​—Daniyeli 5:1, 13-31.

 Igihe Babiloni yatwarwa n’Abamedi n’Abaperesi, Daniyeli yaragenywe kuba umutegetsi mukuru kandi Umwami Dariyo yariyumviriye kumushira hejuru. (Daniyeli 6:1-3) Abategetsi bakuru baragiriye ishari Daniyeli baca bagira umugambi wo kumwicisha mu kumuterera mu cobo c’intambwe, ariko Yehova yaramurokoye. (Daniyeli 6:4-23) Mu mpera y’ubuzima bwiwe, umumarayika yaramubonekeye yongera aramuhumuriza incuro zibiri ko yari “umuntu ahimbaye cane.”​—Daniyeli 10:11, 19.

 Nurabe ukuntu ivyo bintu vyagenze mu bice bibiri vy’igikino gishingiye kuri Bibiliya kivuga ngo Daniyeli: Ubuzima bwiwe bwaranzwe n’ukwizera.