Ja ku birimwo

Icaha kidaharirwa ni iki?

Icaha kidaharirwa ni iki?

Inyishu Bibiliya itanga

 Imvugo “icaha kidaharirwa” yerekeza ku bikorwa hamwe n’agatima bituma umucumuzi atigera aharirwa n’Imana. None agatima mwene ako kotsimbatara mu muntu gute?

 Imana iraharira abantu bigaya ivyaha vyabo, bagakurikiza amategeko yayo mu buzima bwabo kandi bakizera Yezu Kristu. (Ivyakozwe 3:19, 20) Ariko rero, umuntu arashobora kumogorera igicumuro ku buryo atigera ahindura agatima afise canke ingeso ziwe. Bibiliya ivuga ko mwene uwo muntu aba afise ‘umutima mubi wakomantajwe n’ububasha buhendana bw’igicumuro.’ (Abaheburayo 3:12, 13) Nka kurya nyene ibumba ryokejwe mw’ifuru ritaba rigishobora guhindurwa imero, umutima w’uwo muntu uba waramogoreye kurwanya Imana. (Yesaya 45:9) Imana ntiyokwigera ironka ikintu yofatirako mu guharira uwo muntu. Aba rero yagirwa n’icaha kidaharirwa.​—Abaheburayo 10:26, 27.

 Abakuru b’idini ry’Abayuda bamwebamwe bo mu gihe ca Yezu barakoze mwene ico caha. Bari bazi ko impwemu nyeranda y’Imana ari yo yashoboza Yezu gukora ibitangaro, ariko bavuze n’ibigirankana ko Shetani ari we amuha ubwo bubasha.​—Mariko 3:22, 28-30.

Uburorero bw’ivyaha bishobora guharirwa

  •  Kurogota bivuye ku kutamenya. Intumwa Paulo yari yarigeze kuba umurogosi, ariko mu nyuma yavuze ati: “Naragiriwe imbabazi, kuko nari mu kutamenya kandi ngakorana ukutizera.”—1 Timoteyo 1:13.

  •  Ubusambanyi. Bibiliya iravuga abantu bigeze kuba ari abasambanyi ariko mu nyuma bagahindura ingendo maze Imana ikabaharira.​—1 Abakorinto 6:9-11.

“Noba narakoze icaha kidaharirwa?”

 Nimba wumva ubabajwe vy’ukuri n’icaha wakoze kandi ukaba wipfuza guhindura ingendo, aho ntiwakoze icaha kidaharirwa. Nimba umutima wawe utakomantajwe no gukora ivyo Imana yanka, irashobora kuguharira naho vyoba vyarashitse ukaza urasubiramwo ca gicumuro nyene.​—Yesaya 1:18.

 Abantu bamwebamwe usanga biyumvira ko bakoze icaha kidaharirwa kubera ko baguma biyagiriza. Ariko Bibiliya itubwira ko tudakwiye kwama twizigira umutima wacu. (Yeremiya 17:9) Imana ntiyaduhaye uburenganzira bwo gucira urubanza abandi, canke mbere bwo kwicira urubanza. (Abaroma 14:4, 12) Irashobora kuduharira naho umutima wacu woba ukitwagiriza.​—1 Yohani 3:19, 20.

Yuda Isikariyoti yoba yakoze icaha kidaharirwa?

 Egome. Umunoho yari afise watuma yiba amahera y’intererano yari agenewe gukora ibintu vyeranda. Mbere yarigeze kwigira nk’aho yoba ababaye aboro, ariko mu vy’ukuri yashaka kuronka ayandi mahera yiba. (Yohani 12:4-8) Kubera ko umutima wa Yuda wari waramogoreye gukora ikibi, yaragurishije Yezu ibiceri 30 vy’ifeza. Yezu yari azi ko Yuda atokwigeze yigaya vy’ukuri. Ni co gituma yamwise “umwana wo kuranduka.” (Yohani 17:12) Ivyo vyasigura ko Yuda apfuye yobaye aranduwe buhere, ata cizigiro co kuzuka.​—Mariko 14:21.

 Yuda ntiyigaye vy’ukuri igicumuro ciwe. Aho kwaturira igicumuro ciwe Imana, yacaturiye abakuru b’idini bari basangiye umugambi.​—Matayo 27:3-5; 2 Abakorinto 7:10.