Ja ku birimwo

Isandugu y’isezerano ni iki?

Isandugu y’isezerano ni iki?

Inyishu Bibiliya itanga

 Isandugu y’isezerano yari isandugu nyeranda yakozwe n’Abisirayeli ba kera, ari Yehova abibategetse kandi bisunze imigero yatanze. Ni yo bashiramwo ca “Gishingantahe,” ni ukuvuga ya Mategeko cumi yari yanditse ku bisate bibiri vy’amabuye.—Kuvayo 25:8-10, 16; 31:18.

  •   Ukuntu yari ikozwe. Yapima amatambwe abiri n’igice y’uburebure (cm 111), itambwe n’igice y’ubwaguke (cm 67), hamwe n’itambwe n’igice y’amahagarara (cm 67). Yari ikozwe mu giti c’umunyinya kandi yari yometseko inzahabu imbere n’inyuma, ikagira n’bicapo vyiza ku mpera. Umufuniko wayo wari ukozwe mu nzahabu ikomeye, uriko n’abakerubi babiri bakozwe mu nzahabu ku ntango no ku mpera. Abo bakerubi bararabana, amababa yabo nayo akaba ashanje araba hejuru apfutse iyo sandugu. Iyo sandugu yari ifise ibigombo bine bikozwe mu nzahabu hejuru y’amaguru yayo. Yari ifise iminiho y’igiti c’umunyinya yometseko inzahabu, bayicisha muri vyo bigombo kugira barerure iyo sandugu.—Kuvayo 25:10-21; 37:6-9.

  •   Aho bayishira. Bayishira Aheranda Rwose h’itaberenakulo. Itaberenakulo yari ihema yo gusengeramwo yashobora kwimurwa. Yakozwe igihe kimwe n’iyo sandugu. Aheranda Rwose hari hakingiriwe ku buryo abaherezi n’abantu batahabona. (Kuvayo 40:3, 21) Umuherezi mukuru ni we gusa yahinjira rimwe mu mwaka, ku musi w’impongano akabona iyo sandugu. (Abalewi 16:2; Abaheburayo 9:7) Yahavuye yimurirwa aheranda rwose h’urusengero rwa Salomo.—1 Abami 6:14, 19.

  •   Igituma yariho. Iyo sandugu yarimwo ibintu vyeranda vyibutsa abisirayeli isezerano Imana yagiranye na bo ku musozi Sinayi. Yarakoreshwa ku Musi mukuru w’impongano.—Abalewi 16:3, 13-17.

  •   Ivyarimwo. Yarimwo ibisate vy’amabuye vyanditseko ya Mategeko Cumi. (Kuvayo 40:20) Bahavuye bayishiramwo kandi ikarabo ry’inzahabu ryarimwo manu be na “ya nkoni ya Aroni yanaga”. (Abaheburayo 9:4; Kuvayo 16:33, 34; Guharūra 17:10) Biboneka ko iyo nkoni n’iyo karabo babikuyemwo kubera ko igihe isandugu yinjizwa mu rusengero bitari birimwo.—1 Abami 8:9.

  •   Ukuntu bayitwara. Yarerurwa n’abalewi ku bitugu bakoresheje ya miniho ikozwe mu giti c’umunyinya. (Guharūra 7:9; 1 Ngoma 15:15) Iminiho yagumana n’isandugu ibihe vyose, abalewi ntibigera bakora kuri iyo sandugu. (Kuvayo 25:12-16) Bayirerura ipfukishije ya “rido yo gukingiriza”, yatandukanya Ahera n’Aheranda Rwose.—Guharūra 4:5, 6. a

  •   Ico yagereranya. Iyo Sandugu yerekana ko Imana iri kumwe na bo. Nk’akarorero, igicu caboneka hejuru y’Isandugu Ahera Rwose be no mw’ikambi y’Abisirayeli cari ikimenyetso c’imihezagiro ya Yehova be n’uko ari kumwe nabo. (Abalewi 16:2; Guharūra 10:33-36) Mu kwerekeza kuri ba bakerubi babiri bari ku Sandugu, Bibiliya ivuga ko Yehova ‘yicaye ku bakerubi.’ (1 Samweli 4:4; Zaburi 80:1) Abo bakerubi rero bari “ishusho y’umukogote” wa Yehova. (1 Ngoma 28:18) Afatiye ku co iyo sandugu yagereranya, Umwami Dawidi yaranditse ko Yehova “[y]aba i Siyoni,” inyuma y’aho bayimuriyeyo.—Zaburi 9:11.

  •   Amazina yayo. Bibiliya iravuga ko yitwa “isandugu y’igishingantahe,” “isandugu y’isezerano,” “isandugu ya Yehova,” n’“isandugu y’inkomezi za [Yehova].”—Guharūra 7:89; Yosuwa 3:6, 13; 2 Ngoma 6:41.

     Umurumyo w’iyo sandugu bawita “umurumyo w’impongano,” canke “umutemere wo guhongerako.” (1 Ngoma 28:11; Bibiliya Yera) Iryo zina ryerekeza ku gikorwa nyamukuru c’umurumyo ku Musi w’Impongano igihe umuherezi mukuru yajojotereza amaraso y’ibitungwa vyatanzweko ikimazi imbere y’umurumyo. Ivyo vyose vyakorwa n’umuherezi mukuru kugira atange impongano y’ivyaha “ku bwiwe no ku bw’inzu yiwe no ku bw’ishengero ryose rya Isirayeli.”—Abalewi 16:14-17.

Isandugu y’isezerano yoba ikiriho?

 Nta kibitwemeza. Bibiliya ivuga ko iyo sandugu itagikenewe kubera ko isezerano ryayo ryasubiriwe n’“isezerano rishasha,” rishingiye ku kimazi Yezu yatanze. (Yeremiya 31:31-33; Abaheburayo 8:13; 12:24) Bibiliya yari yaravuze ko hogeze igihe iyo sandugu ntibe ikiriho, ariko ko abasavyi b’Imana bogumanye iryo sezerano.—Yeremiya 3:16.

 Inyuma y’aho hatangiwe isezerano rishasha, Intumwa Yohani yareretswe ya sandugu y’isezerano mw’ijuru. (Ivyahishuriwe 11:15, 19) Iyo sandugu cari ikigereranyo c’uko Imana ishigikiye ikongera igahezagira rya sezerano rishasha.

Isandugu yoba yakora nk’igiheko?

 Oya. Kugira isandugu y’isezerano si vyo vyatuma baroranirwa. Nk’akarorero, igihe Abisirayeli baja gutera igisagara ca Ayi bari bafise iyo sandugu mw’ikambi, yamara baratsinzwe bitumwe n’uko umwe muri bo yari yahemutse. (Yosuwa 7:1-6) Ikindi gihe naho barayitwaye ku rugamba ariko baratsindwa n’Abafilisitiya. Batsinzwe kubera ububi bwakorwa n’abaherezi babo Hofuni na Finehasi. (1 Samweli 2:12; 4:1-11) Abafilisitiya barafashe nya sandugu ku rugamba, ariko Imana yarabateje ivyago kugeza aho bayigarukana muri Isirayeli.—1 Samweli 5:11–6:5.

Kahise k’isandugu y’isezerano

Umwaka (Imbere ya Kristu)

Ivyabaye

1513

Bezaleli be n’abo bafashanya barakoze iyo sandugu bakoresheje ibikoresho vyatanzwe n’Abisirayeli.—Kuvayo 25:1, 2; 37:1.

1512

Musa ayigira nyeranda hamwe n’itaberenakulo akongera agatanguza n’ubuherezi.—Kuvayo 40:1-3, 9, 20, 21.

1512—Inyuma ya 1070

Bayishira mu bibanza bitandukanye.—Yosuwa 18:1; Abacamanza 20:26, 27; 1 Samweli 1:24; 3:3; 6:11-14; 7:1, 2.

Inyuma ya 1070

Umwami Dawidi ayizana i Yeruzalemu.—2 Samweli 6:12.

1026

Bayimurira mu rusengero rwa Salomo i Yeruzalemu.—1 Abami 8:1, 6.

642

Umwami Yosiya ayigarukana mu rusengero.—2 Ngoma 35:3. b

Imbere ya 607

Biboneka ko ari ho yakurwa mu rusengero. Ntivugwa mu rutonde rw’ivyajanywe i Babiloni igihe urusengero rwasamburwa mu 607 imbere ya Kristu canke mu vyasubijwe i Yeruzalemu .—2 Abami 25:13-17; Ezira 1:7-11.

63

Igihe umujenerali w’umuroma yitwa Pompey yafata Yeruzalemu maze akinjira kuraba Aheranda Rwose h’urusengero, bivugwa ko atayo yabonyeyo. c

a Igihe abisirayeli bagambarara itegeko ry’Imana ry’ukuntu iyo sandugu yatwarwa bariboneyeko.—1 Samweli 6:19; 2 Samweli 6:2-7.

b Bibiliya ntivuga igihe n’igituma yakuweho canke ngo ivuge uwayikuyeho.

c Raba igitabu The Histories, by Tacitus, igitabu ca 5, ingingo ya 9.