Ja ku birimwo

Kubera iki rya Honyabwoko ryagirirwa Abayahudi ryabaye? Kubera iki Imana yaretse rikaba?

Kubera iki rya Honyabwoko ryagirirwa Abayahudi ryabaye? Kubera iki Imana yaretse rikaba?

 Benshi mu babaza ivyo bibazo baba bishwe n’umubabaro kubera bamariwe ababo. Ntibabibaza kugira gusa baronke inyishu, ariko kandi kugira baronke impumurizo. Abandi na bo babona ko iryo Honyabwoko ari icerekana urugero ububisha bukorwa n’abantu bwagezeko, gutyo bikaba bibagora kwemera Imana.

Ivyiyumviro bitari vyo abantu benshi bafise ku vyerekeye Imana n’iryo Honyabwoko ryagiriwe Abayahudi

 Iciyumviro kitari co: Si vyiza kubaza igituma Imana yararetse iryo Honyabwoko rikaba.

 Ukuri: Abantu bari bafise ukwizera gukomeye barabajije igituma Imana ireka hakaba ububisha. Nk’akarorero, umuhanuzi Habakuki yabajije Imana ati: “Kubera iki ureka ubukazi, ubugarariji, ikibi, n’ububisha bigakwiragira hose?” (Habakuki 1:3, Contemporary English Version) Aho guhambarira Habakuki, Imana yarandikishije muri Bibiliya ibibazo Habakuki yabajije kugira ngo abantu bose babisome.

 Iciyumviro kitari co: Imana ntinezwe imibabaro y’abantu.

 Ukuri: Imana iranka ububisha n’imibabaro butera. (Imigani 6:16-19) Mu gihe ca Nowa, Imana ‘yarababaye mu mutima’ kubera ubukozi bw’ikibi bwari bwiraye mw’isi. (Itanguriro 6:5, 6) Nta gukeka ko yababajwe rwose na rya Honyabwoko.—Malaki 3:6.

 Iciyumviro kitari co: Rya Honyabwoko ni igihano Imana yahaye Abayahudi.

 Ukuri: Ni ivy’ukuri ko Imana yaretse Yeruzalemu iratikizwa n’Abaroma mu kinjana ca mbere. (Matayo 23:37–24:2) Ariko kuva ico gihe, nta bwoko Imana itora mu bundi ngo ibutoneshe bidasanzwe canke ngo ibuhane. Ku Mana, nta “tandukaniro ririho hagati y’Abayuda n’Abanyamahanga.”—Abaroma 10:12 Good News Translation.

 Iciyumviro kitari co: Iyo haba hariho Imana yuzuye urukundo kandi ishobora vyose, iba yarabujije rya Honyabwoko.

 Ukuri: Naho Imana itigera itera umubabaro, rimwe na rimwe irareka ukaba mu gihe kinaka.—Yakobo 1:13; 5:11.

Kubera iki Imana yaretse iryo Honyabwoko rikaba?

 Imana yararetse iryo Honyabwoko riraba ku bwa ya mvo nyene ituma ireka n’iyindi mibabaro yose igashikira abantu. Iyo mvo, ni ukugira ngo hatorerwe umuti ibibazo vyavyuwe bijanye n’ikibereye be n’ikitabereye ubu hakaba haciye igihe kirekire cane. Bibiliya irerekana neza ko ubu Imana atari yo iganza isi, ahubwo ko isi iganzwa na Shetani. (Luka 4:1, 2, 6; Yohani 12:31) Hari ibintu bibiri bivugwa muri Bibiliya bifasha gusigura igituma Imana yararetse iryo Honyabwoko rikaba.

  1.   Imana yaremanye abantu uburenganzira bwo kwihitiramwo. Imana yarabwiye ba bantu ba mbere Adamu na Eva ivyo yari ibitezeko, ariko ntiyabahase ngo bagamburuke. Bahisemwo kwifatira ingingo y’iciza n’ikibi, kandi ihitamwo ribi bagize, cokimwe n’ayandi mahitamwo asa na ryo abantu bagiye baragira, ryarakwegeye akarambaraye abantu. (Itanguriro 2:17; 3:6; Abaroma 5:12) Ivyo biremezwa n’ivyo igitabu kimwe (Statement of Principles of Conservative Judaism) kivuga giti: “Myinshi mu mibabaro iba kuri iyi si iterwa n’uko dukoresha nabi uburenganzira bwo kwihitiramwo twahawe.” Aho guca yaka abantu ubwo burenganzira, Imana yarabahaye umwanya wo kugerageza gutunganya ivyo kw’isi yo itarimwo.

  2.   Imana irashoboye gukuraho inkurikizi zose zatewe n’iryo Honyabwoko, kandi izozikuraho. Imana isezerana kuzozura abantu amamiliyoni bapfuye, harimwo n’abahitanywe n’iryo Honyabwoko. Izokuraho kandi umubabaro abacitse kw’icumu muri iryo Honyabwoko bafise bitumwe n’amabi y’ubugesera babonye. (Yesaya 65:17; Ivyakozwe 24:15) Kubera ko Imana ikunda abantu, izoshitsa iyo mihango.—Yohani 3:16.

 Benshi mu bacitse kw’icumu muri iryo Honyabwoko barashoboye kuguma bafise ukwizera barabona n’insobanuro y’ubuzima mu gutahura igituma Imana ireka ikibi kikaba be n’ukuntu itegekanya gukuraho ingaruka cateye.