Ja ku birimwo

Kubera iki Yezu yapfuye?

Kubera iki Yezu yapfuye?

Inyishu Bibiliya itanga

 Yezu yapfuye kugira abantu babarirwe ibicumuro vyabo kandi baronke ubuzima budahera. (Abaroma 6:23; Abanyefeso 1:7) Urupfu rwa Yezu rwarerekanye kandi ko umuntu ashobora kuguma ari intahemuka ku Mana naho yoba ari mu kigeragezo gikomeye kuruta ibindi vyose.​—Abaheburayo 4:15.

 Raba ingene urupfu rw’umuntu umwe rwashitse ku bintu vyinshi.

  1.   Yezu yapfuye kugira “[tubabarirwe] ibicumuro vyacu.”—Abakolosayi 1:14.

     Umuntu wa mbere Adamu yaremwe atunganye, atagira igicumuro. Ariko yahisemwo kugambararira Imana. Igicumuro ca Adamu carandukiye abamukomotseko bose. Bibiliya isigura iti: “Benshi bagizwe abacumuzi bivuye ku bugambarazi bw’umuntu umwe.”—Abaroma 5:19.

     Na Yezu yari atunganye, ariko we ntiyigeze acumura. Ku bw’ivyo, yari gushobora kuba “ikimazi c’impongano ku bw’ibicumuro vyacu.” (1 Yohani 2:2) Nk’uko nyene ubugambarazi bwa Adamu bwatumye umuryango w’abantu wose wandukirwa n’igicumuro, ni ko n’urupfu rwa Yezu rwakuye ikirabagu c’igicumuro ku bamwizera bose.

     Twovuga ko Adamu yagurishije abantu mu kubaraga igicumuro. Yezu yaremeye kudupfira, gutyo aba aratuguze ngo tube abiwe. Ku bw’ivyo, “hagize uwukora igicumuro, turafise umufasha ari kumwe na Data, akaba ari Yezu Kristu, umugororotsi.”—1 Yohani 2:1.

  2.   Yezu yapfuye “kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.”—Yohani 3:16.

     Naho Adamu yari yaremwe ngo abeho ibihe bidahera, igicumuro yakoze catumye acirwa urwo gupfa. Biciye kuri Adamu, ‘igicumuro carinjiye mw’isi, urupfu na rwo ruzanwa n’igicumuro, gutyo urupfu rukwira ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.’—Abaroma 5:12.

     Urupfu rwa Yezu rworwo rwaradukuyeko ikirabagu c’igicumuro rwongera ruratuma abamwizera bose bakurwako urubanza rwo gupfa bari baciriwe. Bibiliya ibivuga muri make iti: “Nk’uko igicumuro caganje hamwe n’urupfu, n’ubuntu ata wari abukwiriye buganze biciye ku bugororotsi ku bw’ubuzima budahera biciye kuri Yezu Kristu Umukama wacu.”—Abaroma 5:21.

     Ariko ntiwumve, abantu baracabaho igihe gito. Mugabo Imana isezerana ko izoha abagororotsi ubuzima budahera be n’uko izozura abapfuye kugira na bo nyene bungukire ku rupfu rwa Yezu.​—Zaburi 37:29; 1 Abakorinto 15:22.

  3.   Yezu “[yaragamburutse] gushika no ku rupfu,” aba arerekanye ko umuntu ashobora kuguma ari umwizigirwa ku Mana naho yoba ari mu kigeragezo kimeze gute.​—Abafilipi 2:8.

     Naho Adamu yari afise umubiri n’umuzirikanyi bitunganye, yaragambarariye Imana kuko yipfuje ikintu kitari rwiwe. (Itanguriro 2:16, 17; 3:6) Mu nyuma, Shetani wa mwansi mukuru w’Imana yavuze ko ata muntu n’umwe ashobora kugamburukira Imana atabitumwe n’imvo z’ubwikunzi, na canecane igihe ubuzima bwiwe bwoba bugeramiwe. (Yobu 2:4) Yamara, Yezu wa muntu atunganye yaragamburukiye Imana yongera aguma ari intahemuka kuri yo naho yishwe urupfu rw’agashinyaguro kandi rubabaje. (Abaheburayo 7:26) Ivyo vyarerekanye ko umuntu ashobora kuguma ari intahemuka ku Mana naho yoba ari mu kigeragezo kimeze gute.

Ibibazo vyerekeye urupfu rwa Yezu

  •   Ni kubera iki Yezu yategerezwa gupfa kugira ngo aducungure? Imana ntiyari gusa gukuraho ico gihano co gupfa bikaba biheze?

     Itegeko ry’Imana rivuga ko “impembo igicumuro gitanga ari urupfu.” (Abaroma 6:23) Imana ntiyahishije Adamu iryo tegeko, ahubwo yaramubwiye ko aramutse agambaraye yopfuye. (Itanguriro 3:3) Igihe Adamu yacumura, Imana yarashikije iryo yari yaravumereye kubera ko “idashobora kubesha.” (Tito 1:2) Adamu yararaze abamukomotseko igicumuro hamwe n’impembo yaco, ari rwo rupfu.

     Naho abantu b’abacumuzi babereye igihano co gupfa, Imana yarabagaragarije “ubutunzi bw’ubuntu ata wari abukwiriye bwayo.” (Abanyefeso 1:7) Intunganyo yashizeho yo kubacungura mu kurungika Yezu ngo abe ikimazi kitagira akanenge yararanga ubutungane hamwe n’ikigongwe cinshi.

  •   Yezu yapfuye ryari?

     Yezu yapfuye “kw’isaha y’icenda” kuva izuba riserutse, ni ukuvuga isaha icenda z’umuhingamo ku musi Abayuda bahimbarizako Pasika. (Mariko 15:33-37) Uwo musi uhura no ku wa gatanu igenekerezo rya 1 Ndamukiza mu 33 inyuma ya Kristu twisunze ikirangamisi ca none.

  •   Yezu yapfiriye hehe?

     Yezu yapfiriye “ahantu hitwa Ahantu h’Agahanga, ari ho bita Gologota mu giheburayo.” (Yohani 19:17, 18) Mu gihe ca Yezu aho hantu hari “inyuma y’irembo” rya Yeruzalemu. (Abaheburayo 13:12) Hashobora kuba hari ku murambi kuko Bibiliya ivuga ko hari abariko barihweza ingene Yezu yicwa bari “nka hariya.” (Mariko 15:40) Ariko rero, nta wuzi neza aho Gologota iherereye muri iki gihe.

  •   Yezu yiciwe ku ki?

     Naho abantu benshi bavuga ko Yezu yabambwe ku musaraba, Bibiliya yoyo ivuga iti: “Imana ya ba sogokuruza yazuye Yesu, uwo mwebge mwishe mumumanitse ku giti.” (Ivyakozwe 5:30, Bibiliya Yera) Abanditsi ba Bibiliya bakoresheje amajambo abiri y’ikigiriki mu kuvuga ikintu Yezu yiciweko, ari yo stau·rosʹ na xyʹlon. Abahinga batari bake basanze ayo majambo asigura igikingi canke igiti kimwe gishinze.

  •   Urupfu rwa Yezu rukwiye kwibukwa gute?

     Mw’ijoro rimwe rya Pasika Abayuda bahimbaza ku mwaka ku mwaka, Yezu ari kumwe n’abigishwa biwe yaratanguje ikintu gishasha maze abategeka ati: “Muragume mugira ibi mu kunyibuka.” (1 Abakorinto 11:24) Inyuma y’amasaha makeyi, Yezu yarishwe.

     Abanditsi ba Bibiliya bagereranije Yezu n’umwagazi w’intama watangwako ikimazi ku musi wa Pasika. (1 Abakorinto 5:7) Nka kurya nyene Pasika yibutsa Abisirayeli ko bari barakuwe mu buja, ni ko n’Icibutso c’urupfu rwa Yezu cibutsa abakirisu ko bakuwe mu buja bw’icaha n’urupfu. Pasika yahimbazwa ku wa 14 Nisani dufatiye ku kirangamisi co muri Bibiliya aho baharura amezi bafatiye ku mboneko z’ukwezi, kandi yahimbazwa rimwe mu mwaka. N’abakirisu bo mu kinjana ca mbere bahimbaza Icibutso rimwe mu mwaka.

     Buri mwaka, kw’igenekerezo rihuye no ku wa 14 Nisani, abantu amamiliyoni hirya no hino kw’isi barahimbaza urupfu rwa Yezu.