Ja ku birimwo

Ubukiriro ni iki?

Ubukiriro ni iki?

Inyishu Bibiliya itanga

 Rimwe na rimwe, abanditsi ba Bibiliya barakoresha amajambo “gukira” be n’“ubukiriro” kugira batume ubona mu bwenge umuntu arokotse akaga canke agatikizo. (Kuvayo 14:13, 14; Ivyakozwe 27:20) Ariko rero kenshi, ayo majambo yerekeza ku gukizwa igicumuro. (Matayo 1:​21) Kubera ko urupfu ruva ku gicumuro, abakijijwe igicumuro baba bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera.​—Yohani 3:​16, 17. a

Inzira ishikana ku bukiriro ni iyihe?

 Kugira uronke ubukiriro, utegerezwa kwizera Yezu kandi ukagaragaza ukwo kwizera mu kwumvira amabwirizwa yiwe.​—Ivyakozwe 4:​10, 12; Abaroma 10:​9, 10; Abaheburayo 5:9.

 Bibiliya ivuga yuko ukwizera kubonekera mu bikorwa. (Yakobo 2:​24, 26) Ariko rero, nta co umuntu yokora kugira ngo ace ubukiriro. Ni “ingabirano y’Imana” turonka biciye ku “buntu” bwayo.​—Abanyaefezi 2:​8, 9; Ubwuzure bushasha.

Umuntu yoba ashobora kubura ubukiriro?

 Neza cane. Kurya nyene uwurokowe agira asome nturi yoshobora gusubira kugwa mu ruzi canke kurwisukamwo, ni na ko uwakijijwe igicumuro yoshobora kubura ubukiriro kubera atabandanije kwizera. Ku bw’ivyo, Bibiliya ihimiriza abakirisu baronse ubukiriro “kurwana intambara ikomeye yo kurwanira ukwizera.” (Yuda 3) Vyongeye, igabisha abakijijwe iti: “Mugume mushitsa ubukiriro bwanyu mutinya kandi mujugumira.”​—Abafilipi 2:​12.

Umukiza yoba ari Imana canke ni Yezu?

 Bibiliya ivuga yuko ahanini ubukiriro buva ku Mana. Akenshi, ivuga ko Imana ari “Umukiza.” (1 Samweli 10:19; Yesaya 43:11; Tito 2:​10; Yuda 25) Vyongeye, Imana yarakoresheje abantu batandukanye kugira ikize ihanga rya kera rya Isirayeli, kandi umwe wese muri bo, Bibiliya imwita “uwo kubakiza” canke “umukiza.” (Nehemiya 9:​27; Abacamanza 3:​9, 15; 2 Abami 13:5) b Kubera yuko Imana idukiza igicumuro biciye ku nkuka y’incungu ya Yezu Kristu, na Yezu nyene Bibiliya imwita “Umukiza.”​—Ivyakozwe 5:​31; Tito 1:4. c

Abantu bose boba bazokizwa?

 Oya, hariho abantu batazokizwa. (2 Abatesalonika 1:9) Igihe babaza Yezu ngo “burya abantu bakizwa ni bake?”, yishuye ati: “Nimwihate rwose kugira ngo mwinjire muciye mu muryango waga, kuko, ndabibabwiye, benshi bazorondera kwinjira mugabo ntibazobishobora.”​—Luka 13:23, 24.

Ukwihenda ku bijanye n’ugukizwa kw’ikivunga

 Ukwihenda: Mu 1 Abakorinto 15:22 havuga ko bose bazokizwa kubera ko “muri Kristu bose bazogirwa bazima.”

 Ukuri: Imirongo iza imbere n’inyuma y’uwo murongo ivuga ibijanye n’izuka. (1 Abakorinto 15:12, 13, 20, 21, 35) Iyo mvugo rero ngo “muri Kristu bose bazogirwa bazima” isobanura gusa yuko abazozuka bose bizobashobokera biciye kuri Yezu Kristu.​—Yohani 11:25.

 Ukwihenda: Muri Tito 2:​11 herekana ko bose bazokizwa kubera havuga ko “inema y’Imana izanira ubukiriro abantu bose.”​—Ubwuzure bushasha.

 Ukuri: Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “bose” muri uwo murongo rirashobora kandi gusobanura ngo “uburyo bwose canke ubwoko bwose.” d Insobanuro nyayo rero yo muri Tito 2:​11 ni iy’uko Imana iha ubukiriro abantu b’uburyo bwose, ushizemwo abantu “bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’ibisata vyose n’indimi zose.”​—Ivyahishuwe 7:​9, 10.

 Ukwihenda: Muri 2 Petero 3:9 herekana ko abantu bose bazokizwa, mu kuvuga ko Yehova “adashaka yuko hagira n’umwe arandurwa.”

 Ukuri: Imana irashaka ko abantu bakizwa, ariko ntibahata ngo bemere intunganyo yashizeho kugira bakizwe. “Umusi w’urubanza” yashinze, uzoba urimwo “n’ugutikizwa kw’abantu batibanga Imana.”​—2 Petero 3:7.

a Bibiliya iravuga ko umuntu aba amaze ‘gukizwa,’ n’igihe mbere ugukizwa nya gukizwa igicumuro n’urupfu vyoba bitarashika.​—Abanyefeso 2:5; Abaroma 13:11.

b Muri iyo mirongo yatanzwe, Bibiliya zimwezimwe zikoresha amajambo ngo “uwutsinda,” “uwurokora,” “umuhizi,” “indongozi” canke mbere ngo “umuntu” aho gukoresha “umukiza.” Ariko, mu gisomwa c’igiheburayo co mu ntango, iryo jambo nyene rirakoreshwa kuri abo barokozi b’abantu, nk’uko rikoreshwa ahandi muri Bibiliya igihe ivuga ko Yehova Imana ari Umukiza.​—Zaburi 7:​10.

c Izina Yezu rikomoka kw’izina ry’igiheburayo Yehoh·shuʹaʽ, irisobanura ngo “Yehova ni Umukiza.”

d Raba inyizamvugo yitwa Vine’s Complete Expository Dictionary of Old and New Testament Words. Iryo jambo nyene ry’ikigiriki riraboneka muri Matayo 5:​11, aho Yezu yavuze yuko abantu bobesheye abigishwa biwe ibintu bibi “vy’ubwoko bwose.”