Ja ku birimwo

Bibiliya yoba yemera ukwahukana?

Bibiliya yoba yemera ukwahukana?

Inyishu Bibiliya itanga

 Bibiliya iremerera umuntu kwahukana. Ariko rero, Yezu yarerekanye imvo imwe rudende yotuma umubano uhagarikwa, mu kuvuga ati: “Uwo wese yirukana umugore wiwe atamuhoye ubusambanyi [ukuryamana n’uwo batubakanye] akarongora uwundi, aba arenze ibigo.”—Matayo 19:9.

 Imana iranka ukurondera kwahukana biciye ku rwenge no ku buhemu. Izogira ico ibaza abapfa kuvana n’abo bubakanye, na canecane igihe babigira barondera kwibanira n’uwundi.—Malaki 2:13-16; Mariko 10:9.