Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Itanguriro 1:1: “Mu ntango Imana yaremye amajuru n’isi”

Itanguriro 1:1: “Mu ntango Imana yaremye amajuru n’isi”

 “Mu ntango Imana yaremye amajuru n’isi.”​—Itanguriro 1:1, Bibiliya y’isi nshasha.

 “Ubga mbere na mbere Imana yaremye ijuru n’isi.”​—Itanguriro 1:1, Bibiliya Yera.

Ico mw’ Itanguriro 1:1 hasobanura

 Uwo murongo wa mbere wo muri Bibiliya urashira ahabona ibintu bibiri bihambaye. Ubwa mbere, urerekana ko “amajuru n’isi” vyagize intango. Ubwa kabiri, urerekana ko vyaremwe n’Imana.​—Ivyahishuwe 4:11.

 Bibiliya ntivuga igihe kihaciye Imana iremye ijuru n’isi canke ukuntu yabigenjeje mu kubirema. Ariko irerekana ko yabiremye ikoresheje inguvu zayo nyinshi.​—Yesaya 40:26.

 Ijambo “yaremye” rivuye mu rivuga ry’igiheburayo rikoreshwa gusa ku kintu gikorwa n’Imana. a Muri Bibiliya, Yehova b Imana ni we wenyene yitwa Umuremyi.​—Yesaya 42:5; 45:18.

Amakikuro y’Itanguriro 1:1

 Uwo murongo wo mw’Itanguriro ni wo utangura inkuru y’irema ivugwa mw’Itanguriro ikigabane ca 1 n’ica 2. Kuva mw’Itanguriro 1:1 gushika 2:4, Bibiliya irigana muri make ibintu Imana yakoze igihe yarema isi n’ibiyiriko vyose, ushizemwo umugabo n’umugore ba mbere. Ihejeje kuvyigana muri make, ica ivuga mu buryo buramvuye ingene Imana yaremye umugabo n’umugore ba mbere.​—Itanguriro 2:7-25.

 Inkuru yo mw’Itanguriro yerekana ko igikorwa co kurema Imana yakoze, yagikoze mu kiringo c’“imisi” itandatu. Iyo ntiyari imisi y’amasaha 24, ahubwo cari ikiringo kitazwi uko kireha. Kanatsinda ijambo “umusi” rirashobora gukoreshwa ku bindi biringo atari amasaha 24. Ivyo turabibonera mw’Itanguriro 2:4, aho ijambo “umusi” rikoreshwa cokimwe n’ijambo “igihe,” hakerekana ko igikorwa cose co kurema Imana yakoze mu misi itandatu yagikoze ku “musi” umwe.

Ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye n’Itanguriro 1:1

 Iciyumviro kitari co: Imana yaremye ijuru n’isi mu myaka ibihumbi bikeyi iheze.

 Ukuri: Bibiliya ntivuga igihe ijuru n’isi vyaremewe. Amajambo yo mw’Itanguriro 1:1 ntavuguruza ivyo abahinga bavuga ko ijuru n’isi bimaze imyaka amamiliyaridi bibayeho. c

 Iciyumviro kitari co: Mw’Itanguriro 1:1 herekana ko Imana ari Ubutatu kuko ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “Imana” rikoreshwa muri uwo murongo riri mu bwinshi.

 Ukuri: Izina ry’icubahiro “Imana” riva mw’ijambo ry’igiheburayo ’Elo·himʹ. Kuba iryo jambo riri mu bwinshi ntivyerekeza ku gitigiri c’abantu ahubwo vyerekeza ku kuba Imana ikomeye canke ihambaye cane. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (New Catholic Encyclopedia) kivuga ko imero ya bwinshi y’ijambo ’Elo·himʹ rikoreshwa mw’Itanguriro 1:1 “yama ijana n’irivuga riri muri rudende, ivyo bikaba vyerekana ko iyo bwinshi iterekeza ku gitigiri ahubwo ari iy’icubahiro, nka kurya umuntu ahambaye yivuga mu bwinshi.”​—Integuro ya kabiri, Igitabu ca 6, urupapuro rwa 272.

Nusome Itanguriro ikigabane ca 1 hamwe n’utujambo tw’epfo be n’ivyanditswe vy’inyongera biri ku mubari.

a Ku bijanye n’iryo jambo, Bibiliya imwe (HCSB Study Bible) ivuga iti: “Irivuga ry’igiheburayo bara’, irisigura ‘kurema,’ ntiryigera ridondora ikintu gikorwa n’umuntu. Ku bw’ivyo, iryo rivuga ryerekeza ku kintu gikorwa n’Imana yonyene.”​—Urupapuro rwa 7.

b Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.​—Zaburi 83:18.

c Mu gusigura igihe cerekanwa n’imvugo y’igiheburayo yahinduwe ngo “mu ntango,” igitabu kimwe (The Expositor’s Bible Commentary) kivuga giti: “Iyo mvugo ntiyerekana ukuntu ico kiringo kireha.”​—Integuro yasubiwemwo, Igitabu ca I, urupapuro rwa 51.