Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Umusiguzi 3:11: «Ikintu cose yakiremye ari ciza mu gihe caco»

Umusiguzi 3:11: «Ikintu cose yakiremye ari ciza mu gihe caco»

 «Ikintu cose yakigize ciza mu gihe caco. Mbere yashize ibihe bidahera mu mitima y’abantu, ariko ntibazokwigera batahura ibikorwa Imana y’ukuri yakoze kuva mu ntango gushika kw’iherezo.»​—Umusiguzi 3:11, Bibiliya y’isi nshasha.

 «Ikintu cose yakiremye ari ciza mu gihe caco: kandi yashize ivyiyumviro vy’ibihoraho mu mitima yabo, nah’umuntu adashobora guserangura igikorwa Imana yakoze uhereye kw itanguriro ugashitsa kw iherezo.»​—Umusiguzi 3:11, Bibiliya Yera.

Ico mu Musiguzi 3:11 hasobanura

 «Ikintu cose yakigize ciza mu gihe caco.» Ijambo ry’Igiheburayo ryahinduwe ngo «ciza» ntiryerekeza gusa ku kuntu gisa neza. Rirashobora kandi guhindurwa ngo «yagitunganije neza», «yakigize ikibereye.» (Umusiguzi 3:11, akajambo k’epfo) Mu bikorwa vyiza vy’Imana harimwo n’ibindi uretse gusa ibintu vyose yaremye, kuko harimwo ivyo yakoze kugira ashitse umugambi wayo.​—Daniyeli 2:21; 2 Petero 3:8; Ivyahishuwe 4:11.

 «Yashize ibihe bidahera mu mitima y’abantu.» Imana yaremye abantu kugira babeho ibihe bidahera. (Zaburi 37:29) Birumvikana rero ko yabaremanye icipfuzo co kubaho ibihe bidahera. Yamara, abavyeyi bacu ba mbere Adamu na Eva baragambarariye Imana baca bikwegera urupfu, barukwegera n’abo bakomotseko. (Itanguriro 3:17-19; Abaroma 5:12) Naho ari ukwo, Imana yarasezeranye ko «[izohaza] icipfuzo c’ikiri n’ubuzima cose,» harimwo icipfuzo abantu bafise co kubaho ibihe bidahera. (Zaburi 145:16) Bibiliya irasigura ivyo Yehova yakoze kugira abantu basubire kuronka icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera.​—Abaroma 6:23.

 «Ntibazokwigera batahura ibikorwa Imana y’ukuri yakoze kuva mu ntango gushika kw’iherezo.» Ubukerebutsi bw’Imana burimbitse cane kandi ni bwinshi ku buryo Bibiliya ivuga ko ‘burengeye ugutahura.’ (Abaroma 11:33) Naho ari ukwo, Imana iripfuza kumenyesha imigambi yiwe abashaka kumunezereza.​—Amosi 3:7.

Amakikuro y’Umusiguzi 3:11

 Igitabu c’Umusiguzi canditswe n’Umwami Salomo yaganza Isirayeli ya kera, akaba yari umugabo yari azwi cane kubera ubukerebutsi bwinshi Imana yamuhaye. Kirimwo impanuro ngirakamaro zidufasha gutahura ibintu bihambaye mu buzima n’ibidahambaye. (Umusiguzi 1:2, 3; 2:1, 17; 7:1; 12:1, 13) Mu kigabane ca 3, Salomo aravuga ibintu bimwebimwe vyama biba mu buzima bwa misi yose. Aravuga kandi ibikorwa vyinshi bitandukanye. (Umusiguzi 3:1-8, 10) Imana yarahaye abantu uburenganzira bwo kwihitiramwo ivyo bokora n’igihe bobikorerako. (Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20; Yosuwa 24:15) Salomo arasigura ko mu gihe abantu bisunga umugambi w’Imana kandi bakubahiriza «umwanya [yawushingiye]» ari ho honyene bazohimbarirwa ibikorwa babiriye akuya. Ivyo Salomo yavyise «ingabire y’Imana.»​—Umusiguzi 3:1, 12, 13.

 Nurabe aka kavidewo kugira ubone incamake y’igitabu c’Umusiguzi.