Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Yesaya 41:10: “Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe”

Yesaya 41:10: “Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe”

 “Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe. Ntiweraguze, kuko ndi Imana yawe. Nzogukomeza. Nzogufasha vy’ukuri. Emwe, nzogufata nkugumye n’ukuryo kwanje kw’ubugororotsi.”​—Yesaya 41:10, Bibiliya y’isi nshasha.

 “Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe; ntukihebure, kuko nd’Imana yawe: nzogukomeza, nzogutabara, mbere nzokuramira n’ukuboko kw’i buryo kw’ukugororoka kwanje.”​—Yesaya 41:10, Bibiliya Yera.

Ico muri Yesaya 41:10 hasobanura

 Yehova a Imana arakura amazinda abasavyi biwe b’abizigirwa ko azobashigikira naho boshikirwa n’ingorane zimeze gute.

 “Ndi kumwe nawe.” Yehova arabwira abasavyi biwe imvo yotuma batagira ubwoba. Ababwira ko batari bonyene. Kubera ko abona ingorane bacamwo, akumva n’amasengesho yabo, ni nk’aho ari kumwe na bo.​—Zaburi 34:15; 1 Petero 3:12.

 “Ndi Imana yawe.” Yehova arahumuriza abasavyi biwe mu kubibutsa ko akiri Imana yabo be n’uko abashima. Barashobora kwizigira badakeka ko ata kintu na kimwe cotuma Imana itabafasha.​—Zaburi 118:6; Abaroma 8:32; Abaheburayo 13:6.

 “Nzogukomeza. Nzogufasha vy’ukuri. Emwe, nzogufata nkugumye n’ukuryo kwanje kw’ubugororotsi.” Yehova arakoresha amungane atatu ashimika ku ciyumviro kimwe mu gukura amazinda abasavyi biwe ko azobafasha. Arakoresha imvugo ngereranyo mu guserura ukuntu avyifatamwo igihe bari mu nkenero. Igihe umuntu atemvye, Imana iramuhagurutsa ikoresheje ukuboko kwayo kw’ukuryo.​—Yesaya 41:13.

 Ikintu nyamukuru Imana ikoresha mu gukomeza abasavyi bayo no mu kubafasha ni Ijambo ryayo Bibiliya. (Yosuwa 1:8; Abaheburayo 4:12) Nk’akarorero, Ijambo ry’Imana riratanga impanuro zifasha ababa bari mu ngorane, nk’ubukene, indwara canke ukubura uwabo. (Imigani 2:6, 7) Imana kandi irakoresha impwemu yayo nyeranda, ari zo nguvu zayo, mu gutuma abasavyi bayo bashobora kwihanganira ingorane zibashikira.​—Yesaya 40:29; Luka 11:13.

Amakikuro ya Yesaya 41:10

 Ayo majambo yarahumurije Abayuda b’abizigirwa bahavuye bajanwa i Babiloni ari inyagano. Yehova yari yaravuze ko mu mpera z’ikiringo Abayuda bomaze bari mu bunyagano, bokwumvise amakuru y’uko hariho umuntu ariko araza gutera Babiloni n’amahanga yari ayikikuje, kandi akayigarurira. (Yesaya 41:2-4; 44:1-4) Mu gihe Babiloni n’ayo mahanga yobaye atekewe n’ubwoba kubera ayo makuru, Abayuda bobo ntibohagaritse umutima kubera ko Yehova yobakingiye. Yarabakuye amazinda incuro zitatu zose ati: “Ntutinye.”​—Yesaya 41:5, 6, 10, 13, 14.

 Naho mu ntango ayo majambo yo muri Yesaya 41:10 yari yerekeye Abayuda bojanywe i Babiloni ari inyagano, Yehova Imana yarayazigamye kugira aremeshe abasavyi biwe bose. (Yesaya 40:8; Abaroma 15:4) Arafasha abasavyi biwe bo muri iki gihe nk’uko nyene yafashije n’abo muri kahise.

Nusome Yesaya ikigabane ca 41 hamwe n’utujambo tw’epfo be n’ivyanditswe vy’inyongera biri ku mubari.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.​—Zaburi 83:18.