Ja ku birimwo

Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Raba amavidewo yerekana abakiri bato bo mu mihingo itandukanye bavuga ibijanye n’ingorane zo mu buzima be n’ingene bahangana na zo.

 

Noyaga gute n’abavyeyi banje?

Wosanga bigufashije cane kuruta uko uvyiyumvira.

Telefone ngendanwa

Abakiri bato benshi babona ko telefone ngendanwa ari uburyo bwo kumarana umwanya n’abandi. Ni ivyiza be n’ibibi ibihe vyo gutunga telefone ngendanwa

Nokwihanganira gute agatotezo?

Urashobora kudahindura uwugutoteza ariko urashobora guhindura uko uvyifatamwo utotejwe.

Ivyo abakiri bato bavuga ku bijanye no kuba nzobandabikora

Umviriza ivyo abakiri bato bavuga ku bijanye n’intambamyi ziri mu kuba nzobandabikora be n’ivyiza biva ku gukoresha umwanya wawe ubigiranye ubukerebutsi.

Abakiri bato baravuga ibijanye n’amahera

Raba impanuro zijanye no kuziganya amahera, kuyakoresha no kuyabona mu buryo bubereye.

Ndi nde?

Kumenya inyishu y’ico kibazo birashobora kugufasha gutsinda ingorane.

Nonanira gute akosho k’urunganwe?

Raba ingene ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zishobora kugufasha kuroranirwa.

Ivyo abakiri bato bavuga ku bijanye n’ukuntu umuntu angana ku mubiri

Ni kubera iki bishobora kubera urugamba abakiri bato kuguma babona neza ukuntu baboneka? Ni igiki cofasha?

Kubera iki ndazwa ishinga n’ukuntu mboneka?

Raba ingene wocungera ukuntu wiyumva.

Nonanira gute akosho ko kuja mu busambanyi?

Impanuro zitatu zo muri Bibiliya zogufasha gutsinda ikigeragezo.

Ivyo abakiri bato bavuga ku bijanye no kwoshwa ngo uje mu buhumbu

Umviriza ivyo abakiri bato batanu bavuga ku bijanye no kubuzwa amahoro be n’ico umuntu yokora ivyo bishitse.

Ivyo abakiri bato bavuga ku vyerekeye kwemera Imana

Muri aka kavidewo kamara iminuta itatu, abakiri bato barasigura ibibajijura ko hariho Umuremyi.

Vyoba vyumvikana kwemera ko Imana ibaho?

Raba abakiri bato babiri batsinze inkeka hanyuma barakomeza ukwizera kwabo.

Bibiliya yomfasha gute?

Inyishu y’ico kibazo irashobora kugufasha kugira agahimbare mu buzima.

Ivyo abakiri bato bavuga ku vyerekeye gusoma Bibiliya

Gusoma ntivyama vyoroshe, ariko gusoma Bibiliya birafise akamaro. Abakiri bato bane barasigura ingene bungukiye ku gusoma Bibiliya.

Nokosora gute amakosa yanje?

Ushobora gusanga gukosora amakosa yawe bitagoye nk’uko uvyibaza.

Ubuzima bwiza kuruta ubundi bwose

Woba wipfuza kugira ubuzima buhimbaye? Tega ugutwi Cameron akwiganire ingene yaronkeye agahimbare ahantu atari yiteze.