Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova boba baja hamwe n’ayandi madini kugira basengere hamwe?

Ivyabona vya Yehova boba baja hamwe n’ayandi madini kugira basengere hamwe?

 Twebwe Ivyabona vya Yehova turakunda kuganira ivy’Imana n’abantu bo mu yandi madini, ariko ntituja hamwe na yo ngo dusengere hamwe. Bibiliya ivuga ko abakirisu b’ukuri ‘bafatanirijwe hamwe,’ kandi ikintu nyamukuru gituma ivyo bishoboka ni uko bemera bimwe. (Abanyefeso 4:16; 1 Abakorinto 1:10; Abafilipi 2:2) Ivyo ntibigarukira gusa ku kwemera ko kugaragaza urukundo, impuhwe n’imbabazi bihambaye. Ivyo twemera bishingiye ku bumenyi bw’ukuri bwo muri Bibiliya. Tutabufise, ukwizera kwacu nta co kwoba kumaze.—Abaroma 10:2, 3.

 Kuja hamwe n’ayandi madini kugira musengere hamwe, Bibiliya ibigereranya no kuboherwa ku ngǒgo zitangana, ivyo bikaba vyokwonona ukwizera kw’umukirisu. (2 Abakorinto 6:14-17) Ni co gituma Yezu atemereye abigishwa biwe kuja hamwe n’ayandi madini. (Matayo 12:30; Yohani 14:6) Na rya Tegeko Imana yatanga biciye kuri Musa ryarabuza Abisirayeli kuja hamwe n’amahanga yari abakikije ngo basengere hamwe. (Kuvayo 34:11-14) Mu nyuma, Abisirayeli b’intahemuka baranse kwemera ikintu cotumye bagiranira imigenderanire n’abo badasangiye ukwizera.—Ezira 4:1-3.

Ivyabona vya Yehova boba baganira n’abo mu yandi madini?

 Egome. Kanatsinda mu 2023 twamaze amasaha 1.791.490.713 turiko turaganira n’abantu bo mu yandi madini. Cokimwe n’intumwa Paulo, iyo turi mu gikorwa cacu co kwamamaza, turashima gutega yompi ivyiyumviro vy’“abantu benshi bashoboka” hamwe n’ivyo bemera. (1 Abakorinto 9:19-22) Igihe tuganira na bo, turihatira gushira mu ngiro impanuro yo muri Bibiliya idusaba kugaragariza abandi “icubahiro kigera kure.”—1 Petero 3:15.