Ja ku birimwo

Mwoba muri akadumbi k’idini ko muri Amerika?

Mwoba muri akadumbi k’idini ko muri Amerika?

 Icicaro gikuru cacu kiri muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ariko ntituri akadumbi k’idini ko muri Amerika kubera imvo zikurikira:

  •   Bamwe basigura ko akadumbi ari umugwi wiyonkoye kw’idini rikomeye. Ivyabona vya Yehova nta dini rinaka twiyonkoyeko. Ahubwo tubona ko twasubijeho ubukirisu bwariho mu kinjana ca mbere.

  •   Ivyabona vya Yehova dukorera mu bihugu n’uturere birenga 230. Aho tuba hose, tuyobokera ahanini Yehova Imana na Yezu Kristu, atari intwaro yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika canke iyindi ntwaro iyo ari yo yose.—Yohani 15:19; 17:15, 16.

  •   Inyigisho zacu zose zishingiye kuri Bibiliya, si ku vyandiko vy’umukuru w’idini kanaka wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.​—1 Abatesalonika 2:13.

  •   Ntidukurikira indongozi n’imwe y’umuntu, ahubwo dukurikira Yezu Kristu.​—Matayo 23:8-10.