Ja ku birimwo

Bafasha impunzi ziri i Buraya

Bafasha impunzi ziri i Buraya

Muri iyi myaka, abantu benshi barahungira i Buraya bavuye muri Afrika, mu bihugu vy’Abarabu no muri Aziya y’amaja epfo. Amashirahamwe ya Leta n’abagiraneza barafasha izo mpunzi mu kuzironsa ivyo kurya, uburaro n’imiti.

Ariko ntiwumve, impunzi zirakenera n’ibindi uretse izo mfashanyo. Benshi muri bo baba barahahamutse, ku bw’ivyo bakaba bakeneye impumurizo be n’icizigiro. Ivyabona vya Yehova bo mu Buraya bwo Hagati bariko barihatira kubibaronsa mu kubatega amatwi bagaca bababwira ivyiyumviro bihumuriza vyo muri Bibiliya.

Impumurizo yo muri Bibiliya

Kuva muri Myandagaro 2015, Ivyabona vya Yehova bo mu mashengero arenga 300 yo muri Otrishe no mu Budagi baragize utwigoro tudasanzwe two guhumuriza izo mpunzi. Basanze impunzi zishimishwa cane n’ibiyago bishingiye kuri Bibiliya vyerekeye ibi bibazo:

Mu mezi abiri gusa, ni ukuvuga kuva muri Myandagaro gushika muri Gitugutu 2015, ibiro vy’Ivyabona vyo muri ako karere vyararungitse ibitabu bishingiye kuri Bibiliya birenga itoni zine kugira bihabwe izo mpunzi.

Barahuza naho bavuga indimi zitandukanye

Benshi muri izo mpunzi bavuga indimi zabo kavukire. Ivyabona rero barakoresha rwa rubuga rwabo jw.org, ruriko ibiganiro n’amavidewo biri mu ndimi amajana. Matthias na Petra bavuga inkuru nziza i Erfurt mu Budagi, bavuga bati: “Rimwe na rimwe turayaga na bo dukoresheje ibimenyetso, amashusho canke ibicapo.” Ivyabona barakoresha kandi ka gaprograma ka JW Language, kakabafasha kubwira impunzi ubutumwa bwo muri Bibiliya mu rurimi rwabo kavukire. Abandi na bo barakoresha ka gaprograma kari mu ndimi nyinshi kitwa JW Library kugira basome ivyanditswe bongere berekane amavidewo.

Bavyakirana ugukenguruka

Abubakanye bo muri Schweinfurt mu Budagi, bigana bati: “Isinzi ry’abantu ryaradukikuje. Mu masaha abiri n’inusi, impunzi zarakiriye ibitabu nka 360. Benshi muri bo mu gushima barunama.” Uwitwa Wolfgang w’i Diez mu Budagi avuga ati : “Impunzi zirahimbarwa iyo abantu bazitwararika. Hari igihe badusaba ibitabu mu ndimi zitanu canke zitandatu.”

Benshi bakironka igitabu, baca batangura kugisoma, abandi na bo baragaruka gushimira Ivyabona. Uwitwa Ilonca w’i Berlin mu Budagi, yigana ati: “Imisore ibiri yaratoye ibitabu. Haciye iminota mirongo itatu baciye bagaruka banzaniye umukate. Baransavye imbabazi barambwira ko ata kindi kintu baronse bompa kugira bankengurukire.”

“Mugira neza! Mugira neza cane!”

Abagiraneza, abategetsi n’ababanyi barakenguruka utwigoro Ivyabona bagira. Umugiraneza umwe yitwararika impunzi 300, yavuze ashimitse ati: “Mugira neza! Mugira neza cane kuba mwitwararika ineza y’aba banyamahanga!” Uwundi mugiraneza akorera mw’ikambi y’impunzi yabwiye Ivyabona ko guha impunzi ibitabu vyiza basoma mu ndimi zabo kavukire, ari kintu ciza cane, “narirya ata kindi bakora atari kurya gatatu ku musi.”

Marion n’umugabo wiwe Stefan bo muri Otrishe barasiguriye abapolisi babiri bariko baracungera umutekano, igituma baza kwigisha izo mpunzi. Abo bapolisi barabashimiye bongera babasaba ibitabu bibiri. Marion avuga ati: “Abo bapolisi bagumye badukeza ku bw’igikorwa dukora.”

Umugore umwe wo muri Otrishe yama atanga imfashanyo mw’ikambi, yarabonye ukuntu Ivyabona bagumye baba hafi izo mpunzi naho ikirere caba cifashe gute. Umusi umwe yababwiye ati: “Ni ivy’ukuri ko impunzi zikeneye imfashanyo. Ariko ico bakeneye kuruta ni ukuronka icizigiro, kandi ni vyo muriko murakora.”