Ja ku birimwo

Igitabu Inkuru za Bibiliya gishika kw’ishure

Igitabu Inkuru za Bibiliya gishika kw’ishure

Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya co mu rurimi rwitwa pangasinan, icasohowe mu 2012, kiriko kirafasha abanyeshure bakiri abana bo muri Filipine bavuga urwo rurimi. Ico gitabu kirahuye neza n’ubuyobozi bwatanzwe n’Urwego rujejwe indero muri Filipine bw’uko mu kwigisha mu mashure y’intango hokoreshwa ururimi umwana yonse.

Muri Filipine havugwa indimi zirenga 100, rero ikibazo co kumenya ururimi rwokoreshwa mu kwigisha caramaze igihe kiganirwako. Mu 2012, itegeko ryavuye mu Rwego rujejwe indero ryarerekanye ko “gukoresha ururimi rukoreshwa i muhira” bituma “abanyeshure bamenya ibintu neza kandi ningoga.” Ivyo vyatumye hashingwa porogarama yitwa “Kwigisha mu ndimi zitandukanye bivanye n’ururimi umuntu yonse.”

Ururimi rwitwa pangasinan rwari rumwe mu ndimi zakoreshwa. Ariko hari ikibazo cari kihari. Umuyobozi umwe w’ishure yavuze ko hariho ibitabu bike vyo muri urwo rurimi abanyeshure bokwikorako. Ku bw’ivyo, Ivyabona vya Yehova basohoye Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya muri urwo rurimi hageze, bakaba bagisohoye ku mahwaniro yabo y’intara yabaye muri Munyonyo 2012.

Hacapuwe ibitabu nka 10.000 vyo gutanga kuri ayo mahwaniro. Abana bato n’abavyeyi babo barahimbawe no kuronka igitabu mu rurimi bonse. Hari umugabo n’umugore wiwe bavuze bati: “Abana bacu baragikunda kubera bashobora kugitahura neza.”

Iryo hwaniro rikirangira, hari Ivyabona bakeyi bajanye ibitabu vyabo vy’Inkuru za Bibiliya kw’ishure rimwe ryo mu gisagara ca Dagupan. Abigisha bo ng’aho barahimbawe cane n’ico gitabu, bano bakaba bariko baragwa bavyuka barondera ibitabu vyo muri urwo rurimi. Hatanzwe ibitabu birenga 340. Abo bigisha baciye ubwo nyene batangura gukoresha ico gitabu mu kwigisha abana gusoma mu rurimi bonse.

Ivyabona vya Yehova barahimbawe n’uko ico gitabu kiriko kirafasha mu kwigisha abana bato. Umwe mu bahinduzi bafashije guhindura Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya yavuze ati: “Twarabonye akamaro ko gusohora ibitabu mu ndimi abantu bonse, kugira ngo bakorwe ku mutima. Ni co gituma Ivyabona bita ku rutare kugira bahindure Amabibiliya be n’ibitabu bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi amajana.”