Ja ku birimwo

Iyo ivyago biteye, urukundo ruratuma dutabara

Iyo ivyago biteye, urukundo ruratuma dutabara

Mu bihe vy’ingorane, Ivyabona vya Yehova barafasha abo basenga hamwe be n’abandi. Ivyo babitumwa n’urukundo, akaba ari rwo ruranga abakirisu b’ukuri.​—Yohani 13:35.

Urutonde rukurikira rwerekana ibihugu vyatanzwemwo imfashanyo mu kiringo c’amezi 12, kikaba carangiye umwaka wa 2012 ugeze hagati. Urwo rutonde ntirurimwo ibikorwa twama dukora bijanye no guhumuriza abantu mu vy’Imana no kuremesha imitima. Amakomite ajejwe gutabara yagenywe n’ibiro vyacu vy’amashami, ni yo yatunganije vyinshi muri ivyo bikorwa. Ariko kandi amashengero yo mu turere twatewe n’ivyago yaritanze cane arafasha.

Ubuyapani

Ubuyapani: Ku wa 11 Ntwarante 2011, mu buraruko bw’Ubuyapani harateye nyamugigima yatumye haba igisebuzi maze abantu ibihumbi amajana barahabonera. Ivyabona vya Yehova hirya no hino kw’isi baritanze babikunze baratanga amahera, ivyo batunze, barakoresha n’ubuhanga bwabo kugira batabare abashikiwe n’ivyago.

Brezile: Abantu amajana n’amajana barahitanywe n’imyuzurira, imisozi yasidutse n’isegenya ry’urwondo. Ivyabona vya Yehova baciye barungika muri utwo turere amatoni 42 y’ibifungurwa bidapfa ningoga, amacupa y’amazi 20.000, amatoni 10 y’ivyambarwa n’amatoni 5 y’ibikoresho vy’isuku, tudasize inyuma imiti n’ibindi vya nkenerwa.

Kongo (Brazzaville): Igihe ibisasu vyari mu bubiko bw’ibirwanisho vyaturika, inzu 4 z’Ivyabona vya Yehova zarasambutse, 28 na zo zirononekara. Imiryango yahuye n’ivyo vyago yararonkejwe imfungurwa be n’ivyambarwa, Ivyabona bo muri ako karere na bo barabaronsa indaro.

Kongo (Kinshasa): Abarwayi ba kolera bararonkejwe imiti. Abatewe n’imyuzurira yavuye ku mvura y’isegenya barahawe ivyambarwa. Abari mu makambi y’impunzi na bo bararonkejwe imiti, imbuto n’amatoni y’ivyambarwa.

Venezuwela: Imvura y’isegenya yatumye hatera imyuzurira n’urwondo rwinshi. Komite zijejwe gutabara zarafashije Ivyabona 288 bashikiwe n’ivyago. Harubatswe inzu zirenga 50. Vyongeye, izo komite ziriko zirafasha abantu amazu yabo ageramiwe n’amazi y’Ikiyaga Valencia aguma yongerekana.

Filipine

Filipine: Ibihuhusi vyaratumye haduka imyuzurira mu gice kimwe c’igihugu. Ibiro vy’ishami vyararungikiye abashikiwe n’ivyago ibifungurwa n’impuzu. Ivyabona bo muri ako karere barabafashije kugira isuku amazi amaze kugabanuka.

Kanada: Inyuma y’umuriro ukomeye wadutse mu mashamba yo mu ntara ya Alberta, Ivyabona vya Yehova bo muri ako karere bararungikiye amahera atari make ishengero rya Slave Lake ngo abafashe mu bikorwa vy’isuku. Kubera ko iryo shengero ritayakoresheje yose, ryaciye riterera ayarenga igice cayo kugira afashe abandi bashikiwe n’ivyago mu yindi mihingo y’isi.

Côte d’Ivoire: Imbere y’uko intambara yaduka muri ico gihugu, imaze kwaduka n’inyuma yayo abari mu nkenero bararonkejwe ibifungurwa, uburaro, imiti n’ibindi vya nkenerwa.

Fiji: Haraguye imvura y’isegenya iteza imyuzure ikomeye maze yonona imirima y’imiryango 192 y’Ivyabona vya Yehova, kandi ari yo bari bazeyeko uburaro n’uburamuko. Iyo miryango yararonkejwe imfashanyo y’imfungurwa.

Gana: Mu buseruko bw’ico gihugu harateye imyuzure ironona ibintu. Abashikiwe n’ivyo vyago bararonkejwe ibifungurwa, imbuto n’aho baba barakika umusaya.

Leta Zunze Ubumwe za Amerika: Mu maleta atatu, ibivumbuzi vyarasenyuye inzu 12 z’Ivyabona vya Yehova, 66 na zo zirononekara. Naho benshi muri bene ayo mazu bari bafise asiransi, ishirahamwe ryacu ryaratanze amahera yo kubafasha kuzisanura.

Arjantine: Amashengero y’Ivyabona vya Yehova yarafashije abo mu bumanuko bw’ico gihugu bari bagize ivyago kubera ko inzu zabo zari zononywe n’iminyota y’ibirunga.

Mozambike: Abantu barenga 1.000 batewe n’uruzuba bararonkejwe ibifungurwa.

Nijeriya: Ivyabona bashika 20 bakomerekeye mw’isanganya rikomeye ry’imodoka barahawe imfashanyo y’amahera. Imfashanyo kandi yarahawe abantu benshi bo mu buraruko bateshejwe izabo kubera indyane zishingiye ku madini.

Bénin: Abashikiwe n’ivyago kubera imyuzurira ikomeye, bararonkejwe imiti, impuzu, imisegetera, amazi meza n’uburaro.

République dominicaine

République dominicaine: Inyuma y’igihuhusi cataziriwe Irène, amashengero yo muri ako karere yarafashije mu gusanura amazu yongera aratanga ibindi bintu vya nkenerwa.

Etiyopiya: Mu turere tubiri twatewe n’uruzuba no mu karere katewe n’umwuzurira abashikiwe n’ivyago barahawe amahera kugira bironse ivyo bakeneye.

Kenya: Abashikiwe n’ivyago kubera uruzuba, barahawe imfashanyo y’amahera.

Malawi: Abahungiye mw’ikambi ya Dzaleka bararonse imfashanyo.

Népal: Umusozi wasidutse warononye cane inzu y’Icabona ca Yehova. Baciye bamwubakira inzu y’imfatakibanza yongera arafashwa n’ishengero ryo muri ako karere.

Papouasie-Nouvelle-Guinée: Hari abantu baturiye inzu umunani z’Ivyabona vya Yehova. Haciye hatunganywa ibikorwa vyo gusubira kuzubaka.

Rumaniya: Hari inzu z’Ivyabona vya Yehova zahitanywe n’imyuzurira. Baciye baronswa imfashanyo kugira ngo zisubire kwubakwa.

Mali: Abari bakenye ibifungurwa kubera uruzuba rwatumye umwimbu utagenda neza, bararonkejwe imfashanyo ivuye mu gihugu kibanyi ca Senegale.

Sierra Leone: Abaganga b’Ivyabona bavuye mu Bufaransa baragiye kuvura Ivyabona vya Yehova bo mu turere twari duherutse gutabagurwa n’intambara.

Tayilande: Imyuzure yarihaye inkumbi mu ntara zitandukanye. Hari imigwi ijejwe gutabara yagiye gusanura no gusukura inzu zishika 100 n’ibibanza 6 dusengeramwo vyitwa Ingoro z’Ubwami.

République tchèque: Muri ico gihugu harateye imyuzure ironona inzu zitari nke. Ivyabona vya Yehova bo mu gihugu kibanyi ca Slovakiya baciye bitanga baraja gufasha.

Sri Lanka: Ibikorwa nyamukuru vyo gutabara imbabare zahuye n’ibisebuzi biramaze kurangira.

Sudani: Ivyabona vya Yehova bateshejwe izabo n’intambara bararonkejwe ibifungurwa, impuzu, ibirato, n’ibisashe vyo kwipfuka.

Tanzaniya: Imiryango 14 yaratakaje ivyabo bivuye ku myuzure ikomeye. Amashengero yo muri ako karere yaratanze impuzu n’ibikoresho vyo mu nzu. Inzu imwe na yo yarasanuwe.

Zimbabwe: Hari akarere kamwe katewe n’inzara kubera uruzuba. Abahuye n’ivyo vyago bararonkejwe ibifungurwa n’udufaranga two kwifashisha.

Burundi: Hariko haraba ibikorwa vyo gufasha impunzi, ushizemwo no kuzironsa imiti.