Ja ku birimwo

Isekeza ryarokoye abantu

Isekeza ryarokoye abantu

Kubera igitigiri c’abiyahura caguma congerekana muri leta ya Megizike yitwa Tabasco, mu 2017 Ivyabona vya Yehova baratunganije isekeza ridasanzwe ryamaze amezi abiri. Iryo sekeza ryari iryo kwongera gushikiriza Be maso! yo muri Ndamukiza 2014 yavuga ngo “Kubera iki wobandanya kubaho? Imvo zitatu.” Abantu barashimye cane iryo sekeza.

Imfashanyo yaje hageze

Icabona yitwa Faustino yaraganiriye n’umukenyezi yari ahagaritswe umutima n’umuhungu wiwe w’imyaka 22. Uwo muhungu yari arwaye akabonge kandi yari yaragerageje kwiyahura. Nyina wiwe ntiyabona ingene yomufasha. Ariko igihe Faustino yamuha ico kinyamakuru, yavuze ati: “Iki nyene ni co umuhungu wanje yari akeneye.” Bukeye, Faustino yaragiye kuraba uwo muhungu baraganira ku mpanuro zo muri Bibiliya zari muri ico kinyamakuru. Amaze kumugendera nka kangahe, inyifato yiwe yarahindutse bimwe biboneka. Faustino avuga ati: “Ubu aratekanye kandi n’umunezero warongerekanye.” Ubu uwo muhungu arabwira mwene wabo ivyo yiga, na we nyene akaba arwaye akabonge.

Uwitwa Karla wo mu gisagara ca Huimanguillo yarakoresheje ico kinyamakuru mu gufasha umunyeshure bigana. Avuga ati: “Narabonye ko umukobwa twigana w’imyaka 14 yasa n’uwubabaye. Naramuganirije, na we aca arambwira uko vyifashe mu muryango iwabo. Turiko turaganira, narabonye ko afise inkovu ku kuboko kw’ukubamfu.” Biboneka ko uwo mukobwa yari afise ingeso yo kwikebagura ku maboko no ku maguru. Yumva yiyanse kandi yabona ko kubaho ata co bimaze. Karla yaramuhaye iyo Be maso! Amaze kuyisoma, yamubwiye ati: ‘Womengo ni je bayandikiye.’ Yamubwiye amwenyura ati: ‘Ubu ndabona ko kubaho biri n’akamaro.’

Hari umugabo wo mu gisagara ca Villahermosa yari yihebuye. Yari yarakuwe mu kazi, kandi umugore wiwe yari yaramutanye abana. Yarasavye Imana ngo imufashe ariko yaguma yumva yihebuye. Yagira yiyahure igihe Marti̇́n na Miguel badodora ku rugi. Yaruguruye, ivyo Vyabona baca baramuha iyo Be maso! Asomye umutwe w’iyo Be maso!, yabonye ko Imana yari yishuye isengesho ryiwe. Marti̇́n na Miguel baramuhumurije bakoresheje Bibiliya. Haciye imisi mikeyi baragarutse kumuraba, basanga aratekanye kuruta uko yahora. Ubu baramwigisha Bibiliya kabiri mu ndwi.

Imbohe zumva inkuru nziza

Muri iryo sekeza, Ivyabona baragendeye amabohero atari make yo muri leta ya Tabasco kugira babwire imbohe ubutumwa bwo muri Bibiliya butanga icizigiro. Ivyabona barateguye amavidewo, insiguro ishingiye kuri Bibiliya n’ikiganiro cerekana imvo zotuma umuntu abandanya kubaho nk’uko zivugwa muri ya Be maso! Imbohe n’abakozi bo kuri ayo mabohero barashimye kuba Ivyabona barabagendeye. Nk’akarorero, umunyororo umwe yavuze ati: “Naragerageje kwiyahura gatatu kose. Hari abantu bambwiye ko Imana inkunda ariko ntibigeze bakoresha Bibiliya kugira banyereke ko ivyo bavuga ari ukuri. Amajambo yanyu yandemesheje cane.”

N’abandi barashimye iryo sekeza. Umunyamabanga wa leta ajejwe amagara y’abantu yarakeje Ivyabona kubera utwigoro bagize two gufasha abantu. Hari n’ikinyamakuru co muri ako karere casohoye ikiganiro cerekeye iryo sekeza. Ico kiganiro cavuga giti: “Bahagurukiye ingorane yo kwiyahura.”