Ja ku birimwo

Ingabirano y’amatike y’indege 19.000

Ingabirano y’amatike y’indege 19.000

Muri Mukakaro 2013, hari ikete riteye umunezero Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova yarungikiye abamisiyonari bose be n’abandi bari mu murimo udasanzwe w’igihe cose bakorera mu mahanga. Iryo kete ryavuga ibijanye n’intunganyo yo gufasha abakorera mu mahanga kwitaba amahwaniro y’akarere n’amahwaniro mpuzamakungu yobaye mu 2014 no mu ntango y’umwaka wa 2015.

Intumbero y’iyo ntunganyo ntiyari iyo gusa gufasha abasukurira mu mahanga kwitaba ihwaniro kanaka ariko kandi yari iyo kubafasha kumarana umwanya n’imiryango yabo canke abagenzi babo. Iryo kete ryarerekana ko ishirahamwe ryobarihiye itike y’indege y’ukugenda n’ukugaruka.

Naho ikintu nk’ico kuba, iyo yoyo yari itandukanye. Komite nshingwanyigisho y’Inama Nyobozi yarashizeho urwego rushasha rujejwe ivy’ingendo ku cicaro gikuru kugira ngo rwitwararike ivyo kugura ayo matike.

Gatoyi inyuma y’aho iryo kete rirungikiwe, urwo rwego rwaciye rutangura kuronka abasaba amatike y’indege ku bwinshi. Gushika muri Nzero 2014, abasaba amatike y’indege bari babaye benshi cane rwose. Abagize umugwi ujejwe ico gikorwa co gutunganya ingendo baragurira amatike abari mu murimo udasanzwe w’igihe cose bo hirya no hino kw’isi.

Hari amatike amwamwe y’indege yari agoye kuronka. Hari ababwirizwa kuva i Reykjavik muri Islande baja i Cochabamba muri Boliviya. Abandi bakava i Nouméa muri Nouvelle-Calédonie baja i Antananarivo muri Madagaskari. Hari abandi bipfuza kuva i Port Moresby muri Papouasie-Nouvelle-Guinée baja i Seattle muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, abandi bakava i Ouagadougou muri Burkina faso baja i Winnipeg muri Kanada.

Wa mugwi wo ku cicaro gikuru, uwari ugizwe n’abantu batanu, waraguze amatike y’indege 19.000. Bakoresheje amahera amashengero, canecane ayatanze ku bw’iyo ntunganyo, baraguze ayo matike maze barayarungikira hafi abantu 4.300 bo mu bihugu 176.

Abavukanyi barashimye cane iyo ntunganyo. Hari umugabo n’umugore bubakanye banditse bati: “Ubu dusubiye aho dusanzwe dukorera mu gice ca Aziya co mu bumanuko bushira ubuseruko. Turabashimiye bivuye ku mutima kuba mwaradufashije gusubira mu Bwongereza, igihugu cacu c’amavuka, maze tukabonana n’imiryango yacu ari bwo bwa mbere muri iyi myaka itanu ihaciye. Iyo itaza kuba iyi ntunganyo yo kudufasha, urwo rugendo nta rwo twari kugira. Rero turashimiye cane abo bose bagize ico baterera.”

Umumisiyonari akorera muri Paragwe yanditse ati: “Jewe n’umukenyezi wanje twagomba guserura ugukenguruka kuvuye ku mutima akaryo twaronse ko kwitaba ihwaniro mpuzamakungu ryabereye i New Jersey muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Mu ntango z’umwaka wa 2011, twaratanguye kwitegurira urugendo rwo kuja muri Leta Zunze ubumwe za Amerika kugira ngo tuje kuratira ijisho icicaro gikuru. Rero twaraziganije amahera. Yamara muri Ruheshi z’uwo mwaka nyene, twarasabwe kugendera amashengero akoresha ururimi rw’ibimenyetso muri Paragwe. Ico gikorwa cotumye tugira ingendo nyinshi. Tumaze kuzirikana cane, twarafashe ingingo yo guheba kuja muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika maze duhitamwo kugura imodoka kugira ngo turushirize kwitwararika neza igikorwa cacu gishasha. Inyuma yaho ni ho twaza tubona ubutumire bwo kwitaba ihwaniro mpuzamakungu. Wa wundi ngo ‘ico umwana w’umwami aririye arakironka,’ ico twipfuza twarakironse. Turashimira cane Yehova ku bw’ukumera neza kwiwe be n’urukundo yatugaragarije mu kuturonsa ako karyo.”

Umugabo umwe n’umugore wiwe bo muri Malawi banditse bati: “Twipfujije kubarungikira ubutumwa bugufi kuri e-mail kugira ngo tubabwire ngo ‘murakoze cane!’” Bongeyeko bati: “Turazi ko gutunganya izo ngendo nyinshi ukuraho cari igikorwa kitoroshe gisaba umwanya, n’amahera menshi. Turakenguruka igikorwa kitoroshe mwakoze kandi turakenguruka canecane agatima ko gutanga kagaragajwe n’ishirahamwe rya Yehova kugira ngo bishoboke ko twitaba amahwaniro mpuzamakungu twongere tumarane igihe n’imiryango yacu be n’abagenzi bacu.”

Abakorera muri rwa rwego rujejwe ingendo ku cicaro gikuru igikorwa bashinzwe carabaryoheye. Mileivi avuga ati: “Gufasha abamisiyonari gusubira iwabo kuramukanya n’imiryango yabo be n’abagenzi babo cari igikora kitari igisanzwe.” Dorise na we yongeyeko ati: “Caramfashije guha agaciro urukundo rukomeye kandi rugera kure ishirahamwe rifitiye abakorera mu mahanga.” Rodney na we, umuhagarikizi w’urwo rwego yavuze ati: “Vyari ibintu biteye umunezero kugira uruhara muri ico gikorwa.”

Ivyabona vya Yehova bo hirya no hino kw’isi barahimbawe no guterera kugira ngo abavukanyi babo na bashiki babo bakora bagatama kandi bitanga baronke amatike y’indege