Ja ku birimwo

Ugushikiriza impapuro z’umutsindo umugwi ugira 137 w’abasohoka Ishure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi

Ugushikiriza impapuro z’umutsindo umugwi ugira 137 w’abasohoka Ishure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi

Ku wa 13 Nyakanga 2014, abanyeshure bo mu mugwi ugira 137 w’Ishure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi barahawe impapuro z’umutsindo mu kigo ntanganyigisho c’Ivyabona vya Yehova kiri i Patterson muri New York. Iryo shure ririgisha Ivyabona vya Yehova basanzwe baciye uruma ingene borushiriza kuba kirumara mu kuremesha amashengero n’ibiro vy’amashami baba barungitswe gukoreramwo. Abakurikiranye ivyo birori bose hamwe bari 12.333. Bamwe muri abo babikurikiraniye i Patterson nyene. Abandi bo mu yindi mihingo nka Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Kanada, Jamayike na Porto Riko, babikurikiranye biciye ku buhinga bwa internet igihe nyene vyariko biraba.

Samuel Herd, wo mu Nama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, ni we yahagarikiye ivyo birori. Mu majambo yiwe y’intangamarara, yarashimitse ku kuntu ivyiyumviro vya Yehova biri hejuru cane y’ivyacu. (Yesaya 55:8, 9) Yavuze ko naho abo banyeshure bari bamaze amezi atanu buzuza imizirikanyi yabo ivyiyumviro vy’Imana, bari bagikeneye kwiga vyinshi ku bijanye n’Imana kuko ivyo bamenye ari gusa “udusunwa tw’inzira zayo.” (Yobu 26:14) Umuvukanyi Herd yavuze kandi ko igihe cose dukoraniye hamwe kugira ngo tuyage ivyiyumviro vy’Imana tuhungukira, kandi ko ukwo ari ko biri no kuri iyi porogarama.

“Icamwa c’impwemu ni . . . ukwiyumanganya.” (Abagalatiya 5:22) Umuvukanyi John Larson wo muri Komite y’ishami ryo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yarerekanye uburyo bubiri twokwerekanamwo ukwiyumanganya, ari kwo kwihangana, uwo akaba ari umuce w’icamwa c’impwemu y’Imana. Ubwa mbere, turakwiye kwihanganira Yehova igihe aba ariko aratumenyereza yongera adufasha gukomera mu kwizera. (1 Petero 5:​10) Aburahamu yarabaye intangakarorero mu kwihangana igihe Yehova yariko aramumenyereza maze amaherezo Imana irashitsa ivyo yari yaramusezeraniye.​—Abaheburayo 6:15.

Ubwa kabiri, turakwiye kwiyihanganira ubwacu. Abo banyeshure bahejeje kwiga ivyigwa vya Gileyadi, barashobora kwitega ko bagira vyinshi bakora. Ibintu bitagenze nk’uko bari bavyiteze bagishika aho barungitswe gukorera, boshobora kwibaza bati: ‘Mfise ingorane nyabaki?’ Umuvukanyi Larson afatiye ku vyamushikiye we ubwiwe, yarabakuye amazinda ko ibintu bishobora kugenda neza igihe bokwihangana bakaguma ari abanyamwete uko Imana irangiza ukumenyerezwa kwabo.​—Abaheburayo 6:11, 12.

“Imitima yanyu niyicishe bugufi ibihe bidahera!” Anthony Morris wo mu Nama Nyobozi yashingiye insiguro yiwe kuri Zaburi 22:26, ku gice ca nyuma kivuga ngo “Imitima yanyu nibeho ibihe bidahera.” Kugira ngo turonke uwo muhezagiro, dutegerezwa kwicisha bugufi. Umuvukanyi Morris yarerekanye ko tudashobora gukoreshwa na Yehova tuticisha bugufi. Umwe wese muri twebwe, mbere n’uwumaze igihe ari umukirisu, arashobora kuba atakibona akamaro ko kumera nka Kristu Yezu.​—2 Petero 1:9.

Ivyanditswe biratanga uburorero bw’abantu bagaragaje ukwicisha bugufi n’abatakugaragaje. Herodi Agiripa yaremeye n’ubwishime n’akantu amajambo asosa yabwiwe n’abantu bariko bamuha ubuninahazwa bubereye Imana yonyene, rero yaciye akubitwa n’umumarayika w’Imana maze “aca arigitwa n’inyo.” (Ivyakozwe 12:21-23) Mu buryo butandukanye na we, Petero, igihe yahambarirwa na Yezu kubera ko ‘atiyumvira ivyiyumviro vy’Imana, ariko yiyumvira ivy’abantu,’ biboneka ko ataciye ashavura. (Matayo 16:21-​23) Yaremeye impanuro maze aba abaye intangakarorero mu vyo kwicisha bugufi.​—1 Petero 5:5.

Bamwe mu banyeshure bazoja gukorera kuri bimwe mu biro vy’amashami vy’Ivyabona vya Yehova, rero umuvukanyi Morris yarababuriye ko batagaragaje ukwicisha bugufi, batazohimbarwa mu murimo wabo. Yamara, ntivyoroha ko umuntu amenya yuko aticisha bugufi. Kugira atomore neza ico ciyumviro, yaravuze ikintu hari haheze imyaka myinshi kibaye. Ni umukurambere yahanuwe kubera ko aticisha bugufi. Uwo mukurambere yandikiye ibiro vy’ishami ati: “Sindabona umuntu yicisha bugufi nkanje.” Umuvukanyi Morris yaremesheje abo banyeshure kwirinda mwene ako gatima. Bazoguma bicisha bugufi nibirinda kubona mu buryo burenze urugero ubukuru bafise, bakibuka ko Yehova Imana na Yezu Kristu ari bo bafise ubukuru nyabwo.

“‘Ntitanga impwemu isorosoro.’” (Yohani 3:34) Michael Burnett, umwigisha wo mw’Ishure rya Gileyadi, yaribukije abo banyeshure ko impwemu nyeranda izobafasha kwihanganira ingorane zizobashikira mu gikorwa cabo be n’amadidane yose bogira. Impwemu y’Imana yarashoboje Bezaleli gutunganya ingorane iyo ari yo yose yoba yaragize mu gikorwa yariko arakora co kwubaka itaberenakulo. (Kuvayo 35:30-35) Impwemu nyeranda ntiyatumye gusa Bezaleli arushiriza kuba umuhinguzi w’utugenegene abishoboye ariko kandi yaramushoboje kwigisha abandi. Impwemu nyeranda irashobora kubigenza gutyo no ku basohotse Ishure rya Gileyadi, na canecane bagumye bisunga inyigisho zo mu Vyanditswe bize mw’ishure.

Mu gihe ca Bezaleli, abagore b’Abisirayelikazi na bo nyene barafashije cane mu kwubaka itaberenakulo. (Kuvayo 35:25, 26) Muri ubwo buryo nyene, bashiki bacu bari muri iryo shure barerekanye ko ari ‘abagore b’ubukerebutsi’ mu gushigikira abagabo babo. Umuvukanyi Burnett yasozereye ahanura abo banyeshure ati: “Ubuhanga mufise nimubukoreshe mubigiranye ukwicisha bugufi n’ukugamburuka. Nimwabigira, Yehova azobaha impwemu yiwe ku bwinshi.”

“Woba uzotambana nanje?” Mark Noumair, akaba afasha muri Komite nshingwanyigisho, yaciye irya n’ino umutwe w’insiguro yiwe akoresheje akarorero k’Umwami Dawidi igihe yazana isandugu y’isezerano i Yeruzalemu. (2 Samweli 6:12-14) Dawidi abigiranye ukwicisha bugufi, yaratambanye n’“abashumbakazi b’abasuku biwe” afise umunezero igihe iyo sandugu yariko iraduganwa. (2 Samweli 6:20-22) Abo bashumbakazi ntibokwigeze bibagira uwo musi Umwami Dawidi yatambana na bo. Umuvukanyi Noumair yaciye aremesha abo banyeshure ‘gutambana n’abashumbakazi.’ Yababajije ati: “Woba uzomenyekana ko uri umuntu afasha abantu baciye bugufi canke badafise amabanga? . . . Woba uzoha agaciro abandi kubera kamere zabo z’ivy’impwemu?”

Abo banyeshure bazokwigana Yehova nibabandanya gukunda abandi urukundo rudahemuka. (Zaburi 113:6, 7) Naho abo boba bari kumwe bonanirwa kwicisha bugufi, abasohotse iryo shure ntibakwiye kureka ngo utwo tunenge tw’abandi tubandukire. Umuvukanyi Noumair yavuze ati: “Niwibone ko ata co uri.” Yongeyeko ati: “Nufate intama za Yehova nk’uko yozifata.”

“Kwamamaza uko akaryo kabonetse.” William Samuelson, akaba ari we ahagarikiye Urwego rujejwe amashure y’ivya gitewokarasi, yarerekanye ko intumwa Paulo atagisha akaryo ako ari ko kose yaronka ko kwamamaza inkuru nziza. (Ivyakozwe 17:17) Umuvukanyi Samuelson yaciye atanguza igice cari kigizwe n’abanyeshure bagira udukino dusubiramwo ivyabaye bari mu busuku mu kiringo c’iryo Shure. Nk’akarorero, hari umugabo n’umugore bubakanye baganiriye n’umukenyezi umwe yariko aradandaza ibifungurwa. Bararindiriye abakiriya baragabanuka maze baca baramwereka ka kavidewo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya? Baramubwiye kandi umuhora wa jw.org, aho ashobora kuronka ayandi makuru mu rurimi yonse rwitwa laotien. Uwo mugabo n’umugore barasubiye kugendera uwo mugore, baratsimbataza ugushimishwa kwiwe.

“Nubandanye kwitanga mu murimo w’Ubwami.” William Nonkes, akaba akora mu Rwego rujejwe umurimo kw’ishami rya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yarabajije ibibazo bane muri abo banyeshure. Mu buryo buhuye na Yesaya 6:8, bari basanzwe baritanze mu murimo w’Ubwami, ariko iryo shure ryaratumye barushiriza kwitanga. Mushiki wacu Snolia Maseko yarasiguye ko Ishure rya Gileyadi ryamweretse imice akwiye kuryohora, na canecane ukuntu yokoresha neza umwanya naho yoba yamaze umusi wose mu bikorwa. Yavuze ati: “Iri shure ryaratumye nkora n’ivyo nibaza ko ntoshobora.” Umuvukanyi Dennis Nielsen yarize ukuntu ibivugwa muri Zefaniya 3:​17 bishobora kumufasha kwirinda gucika intege mu busuku. Umuvukanyi Nielsen yavuze ati: “Igihe mba ndi mu busuku sindoranirwe, ndakwiye kwibuka ko Yehova ariko ariha akamo k’umunezero, nanje ngaca ngira gutyo nyene.”

“Ihweze neza inyoni zo mu kirere.” (Matayo 6:26) Stephen Lett wo mu Nama Nyobozi ni we yashikirije insiguro nyamukuru y’iyo porogarama. Umuvukanyi Lett afatiye ku vyo Yezu yigishije ko dukwiye ‘kwihweza neza’ inyoni, yarerekanye ivyigwa bitari bike twokwigira ku nyoni.​—Yobu 12:7.

Nk’akarorero, nka kurya nyene Yehova agaburira inyoni, ni ko azoturonsa ivyo dukeneye. Turi abo “mu rugo rw’Imana,” kandi iradukura amazinda ko ‘izoronsa abayo ivyo bakeneye.’ (1 Timoteyo 3:15; 5:8) Ariko ntiwumve, dutegerezwa gushitsa uruhara rwacu. Nka kurya nyene inyoni zitegerezwa kurondera ivyokurya Imana yashizeho, dutegerezwa kuguma “[tu]banza kurondera ubwami” kugira turonke imihezagiro yayo.​—Matayo 6:33.

Umuvukanyi Lett yaravuze kandi ko inyoni nyinshi ziburira zigenzi zazo iyo zibonye ikintu giteye akaga. Muri ubwo buryo nyene, turaburira abandi igihe bikenewe. Nk’akarorero, ivyo turabigira igihe uwo dusangiye ukwemera ‘atirimutse imbere y’uko abimenya.’ (Abagalatiya 6:1) Kandi biciye ku kwamamaza, turaburira abantu ku bijanye n’“umusi wa Yehova” uriko uraza wihuta cane. (Zefaniya 1:14) Mu kandi karorero, umuvukanyi Lett yarasiguye ko nka kurya nyene inyoni ziba ziriko zirimuka usanga zica hejuru y’imisozi miremire, tubifashijwemwo na Yehova turatsinda ingorane zisa n’izo tutotsinda.​—Matayo 17:20.

Insozero. Abanyeshure barahawe impapuro z’umutsindo, mu nyuma umwe muri bo aca aserukira abandi mu gusoma ikete ryo gukenguruka. Mu mpanuro umuvukanyi Herd yatanze mu gusozera, yagereranije kwinjiza ivyiyumviro vya Yehova mu mitima yacu no gutera umusumari ahantu hagumye. Bisaba ko uwuhonda akatari gake kugira winjire neza. Mu buryo busa n’ubwo, abo banyeshure bakwiye kubandanya biyumvira ibintu bigiye kw’Ishure rya Gileyadi. Umuvukanyi Herd yavuze ati: “Nimufate umwanya wo kwinjiza ivyo vyiyumviro ibwina mu mitima yanyu.” Yaciye yongerako ati: “Nimwakurikira ivyiyumviro vy’Imana, muzobera abandi umuhezagiro.”