Ja ku birimwo

Ibikorwa vy’uguhindura ukundi ikibanza c’i Tuxedo

Ibikorwa vy’uguhindura ukundi ikibanza c’i Tuxedo

Ni isaha imwe zibura iminuta cumi n’itanu zo mu gitondo i Tuxedo muri New York, ibintu bikaba biriko bigenda nk’uko vyama. Ijuru risa n’ubururu, kandi urubura rwapfutse ikiyaga gitoyi kiri iruhande y’inyubakwa y’amagorofa atatu abagabo n’abagore bakiri bato bariko barinjiramwo. Bambaye impuzu be n’ibirato vy’akazi, bakaba muri ako gatondo baje bava mu mahoteli n’imihana vyo muri ako karere be no mu bindi bice vy’iyo leta, nk’i Patterson, Wallkill mbere n’i Brooklyn, nko ku bilometero 80.

Mu bisanzwe benshi muri abo bantu baje bava kure, mbere hirya no hino muri Leta Zunze Ubumwe canke mu bindi bihugu. Baritanze kugira bakorere ng’aha, bamwe ku bw’indwi imwe, abandi ku bw’indwi zitandatu, abandi na bo ku bw’igihe kirekire. Baririhira itike kandi ntibahemberwa ivyo bakora. Yamara, barahimbarwa no kuza ng’aha.

Uno musi hari abagera kuri 120, ariko igitigiri kiziyongera mu mezi ari imbere. Barinjira mu kibanza c’uburiro maze bakicara, cumicumi ku meza. Benshi barihereza agakawa mu gihe baguma bumva akamoto k’utunyama tw’ingurube kazanana mu gikoni. Isaha imwe zuzuye, barakurikirana ikiganiro gishingiye ku canditswe co muri Bibiliya biciye ku cuma co mu bwoko bwa televiziyo. Inyuma y’iminuta cumi n’itanu, abasereva baca bazana icayi. Twa tunyama tuzanana n’imikate, amagi be n’ubuyi. Imfungurwa ni rya na we.

Isengesho rya nyuma riturwa bahejeje kwihereza ibifungurwa rirangiye, baca batangura akazi. Abubatsi baraganira bahimbawe igihe bariko barambara inkofero z’abubatsi, amarori yo kwikingira, uduhuzu barenza ku zo bambaye tw’amabara akayangana be n’urukaba runini rwo gushiramwo ibikoresho.

Igikorwa bariko barakora ubu ni ico guhindura ukundi inzu zahoze ari ihinguriro ry’impapuro ry’i Tuxedo bakazigira inzu zizofasha mu bijanye n’ubwubatsi bw’icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova, kino kikaba kizokwubakwa ku bilometero nka bingahe ubandanije ibarabara, neza na neza mu gisagara ca Warwick. Inzu zari zihasanzwe ziriko zirahindurwamwo ivyumba vy’uburaro n’amabiro hamwe n’aho bakorera ibintu bitandukanye be n’aho babika ibintu. Ku wa kabiri igenekerezo rya 12 Ntwarante 2013, urwego rw’ivy’ubwubatsi rwo muri ako karere rwaremeje imigero y’ubwubatsi y’i Tuxedo.

Abitanga ku bw’igihe gito bakirwa gute igihe bashitse ari bwo bwa mbere aho bazorara? William w’i New Jersey avuga ati: “Igihe ushitse, abavukanyi baba bari aho baca bakubwira ibintu nyamukuru, nk’aho icumba cawe giherereye, ingene woshikayo n’ingene wokoresha imfunguruzo. Umwe wese aragufasha. Igihe ushitse i Tuxedo, uca ubonana n’umuhagarikizi w’umugwi urimwo muhejeje kwihereza icayi maze akagusigurira ivyo ugiye gukora.”

Umusi w’ibikorwa uba umeze gute? Yajaira n’umugabo wiwe bavuye muri Porto Riko bakaba bafasha mu kwubaka impome z’imbaho. Avuga ati: “Tuvyuka isaha cumi n’igice zo mu gitondo. Tugaca dutunganya aho tuba, tukanywa agakawa hanyuma tugaca tugenda gufata ibisi yama itujana. Umusi uheze tuba turushe, ariko ntitwigera tureka gutwenga. Twese tuba tunezerewe.”

Itongo ry’i Warwick rikikujwe n’ishamba. Zach n’umukenyezi wiwe Beth b’i Minnesota bafasha mu gutegura ikibanza c’i Warwick. Bababajije igituma baje ng’aho, Beth yishuye ati: “Turazi ko ata kindi kintu ciza mu buzima kuruta gukorera Yehova. Twashaka gukoresha ubuhanga dufise mu gikorwa ciwe.”