Ja ku birimwo

Gukorana n’Ivyabona kw’ishantiye y’i Warwick

Gukorana n’Ivyabona kw’ishantiye y’i Warwick

Abantu benshi baratangajwe cane n’agatima ko kwitanga kagaragajwe n’abakorera kw’ishantiye i Warwick. Umuyobozi w’ishirahamwe ryashizeho vya vyuma biduza abantu mu magorofa canke bikabamanura, yabwiye umukozi umwe ati: “Muriko murakora igikorwa gitangaje kandi kitoroshe. Muri iki gihe, abantu benshi ntibitanga bigeze iyo.”

Igihe uwo muyobozi be n’abandi bumva ko abubaka ico cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova i Warwick, muri New York, ahanini bari abakora badahembwa, baciye biyumvira ko ari Ivyabona bo ng’aho bokoze mu ma wikende. Igihe basanga ari abantu bahevye ubuzi bwabo bakaza kuri iyo shantiye bavuye mu gihugu cose, kandi baje kuhamara amezi abandi na bo imyaka, vyarabatangaje cane.

Mu mpera z’umwaka wa 2015, Ivyabona bashika 23.000 baritanze barakorana n’abagize umuryango wa Beteli wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kuri iyo shantiye y’i Warwick. Vyongeye, abubatsi bashika 750 batari Ivyabona barafashije muri iyo shantiye bituma ibikorwa bihera ku gihe. Gukorana n’Ivyabona vya Yehova vyarakoze ku mutima abatari bake muri bo.

Harangwa akayaga keza

Umuhagarikizi w’ishirahamwe rikora impome zigizwe n’amadirisha yanditse ati: “Abakozi bacu bose bakoreye kuri iyi shantiye barahimbawe n’ukuntu abo bakoranye bari bameze. Bituma benshi muri twebwe bumva bipfuza kuhakorera.”

Hari irindi shirahamwe ry’ivy’ubwubatsi ryatanze abakozi bafashije mu kwubaka inyubakwa z’uburaro. Igihe bemeranije kimaze guhera, batatu mu bakozi b’iryo shirahamwe baciye bahitamwo kwigumira i Warwick. Barahevye ubuzi bwabo baca baja mu rindi shirahamwe ryari rikiriko rirakorera ng’aho.

Kamere za gikirisu Ivyabona bagaragaje zaragize akosho keza kuri bamwe mu bakozi bahakorera. Hari umugabo umwe yakorera ishirahamwe ryubatse imishinge y’izo nyubakwa. Amaze amezi makeyi akorera i Warwick, umugore wiwe yarabonye ko yari yahinduye ukuntu yahora yigenza be n’imvugo yakoresha imuhira. Yavuze aryohewe ati: “Sinari bwigere ndamubona ukuraho!”

“Ivyabona b’abagore bazoza gukora”

Benshi mu Vyabona bakoreye kuri iyo shantiye bari abagore. Ntibanyonga gusa amabisi, bakagira isuku canke ngo bakore ivyo kwandika abatonze, ahubwo baraba abaroraje, bagakora ibikorwa vy’inguvu, bagashiraho intsinga za internet, bagakingira amatiyo atwara ibintu, barashiraho impome bakongera bagasuka ibeto. Barakoze baratama.

Uwutari Icabona yamanitse izo nyubakwa yavuze ko abagabo n’abagore bururutse amabisi bamwe wasanga bagenda bafatanye amaboko. Ivyo vyaramukoze ku mutima. Yariboneye kandi ko abagore bakora batiziganya muri vyo bikorwa. Yavuze ati:“Ubwa mbere niyumvira ko abo bagore baba baherekeje abagabo babo gusa. Ariko bashitse ku gikorwa barakora bagatama! Narakoze ku mashantiye atandukanye mu gisagara ca New York cose, ariko sinari bwigere mbona ikintu nk’ico.”

Mu rushana rwo mu 2014 ushira 2015 hari hakanye bidasanzwe, vyari vyoroshe ko umuntu yigumira imuhira aho kuja kumara umusi wose akorera ahantu hakanye cane ukuraho. Icabona yitwa Jeremy yakorera mu rwego ruhagarikiye iyo shantiye yibuka ibi: “Mu gihe hari hakanye cane, umushefu w’ishirahamwe ryubatse imishinge, yarakunda kumbaza ati: ‘Ubwo ejo abagore banyu bazoza gukora?’

“‘Ego.’

“‘N’abarya bakorera hanze b’abaroraje?’

“‘Egome.’

“Mu nyuma yambwiye ko yaca abwira abakozi biwe kuza gukora kubera ko n’Ivyabona b’abagore boje gukora!”

Abashoferi b’amabisi barakozwe ku mutima

Abashoferi barenga 35 b’amabisi barahawe akazi ko kwunguruza abakozi bakora bavyishakiye.

Igihe kimwe bagira bafate urugendo, umushoferi yarahagurutse araraba abo yagira atware, ababwira ati: “Nararyohewe no kubatwara. Ndabasavye mwandikire umubosi wanje mumusabe ko noguma ndabatwara. Narize ibitari bike ku vyerekeye Bibiliya ndavyumvanye mwebwe. Ntarababona sinari nzi izina ry’Imana canke ko iyi si izoba iparadizo. Singitinya urupfu. Vyabaye ibintu bidasanzwe kuri jewe. Umusi w’akaruhuko uzokurikira muzombonera ku Ngoro y’Ubwami.”

Damiana, Icabona yakoreye i Warwick yavuze ati: “Umusi umwe duhejeje kwurira ibisi, umushoferi yaciye atumenyesha ko afise ico ashaka kutubwira. Yavuze ko amaze gutwara Ivyabona 4.000 mu bibanza bitandukanye twariko dukoreramwo i New York. Yaciye avuga ati: ‘Abantu bose barafise ukuntu bimereye, mugabo mwebwe murakorera hamwe mufatanye mu nda naho mufise ibibatandukanya. Ni ikintu ciza cane.’ Yaravuze kandi ko akunda kuyaga natwe.

“Amaze kuvuga ivyo, umwe mu Vyabona bari muri iyo bisi yaciye amubaza ati: ‘Vyoba bikuryohera turiko turaririmba?’

“Yishuye atwenga ati: ‘Ego! Ahubwo mubona gute dutanguriye ku ruririmbo rwa 134?’” *

^ ing. 22 Mu gitabu Turirimbire Yehova, ururirimbo rwa 134 rufise umutwe uvuga ngo: “Niwibone vyose vyabaye bishasha.” Ruvuga umunezero tuzogira igihe Imana izoba yahinduye isi iparadizo.