Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIBAZO CA 15

Woronka gute agahimbare?

«Isahani y’imboga itanganywe urukundo iruta impfizi y’inka ivyibushe itanganywe urwanko.»

Imigani 15:17

«Jewe Yehova ndi Imana yawe, Umwe akwigisha ibikugirira akamaro, akakuyobora mu nzira ukwiye gucamwo.»

Yesaya 48:17

«Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’Imana, kuko Ubwami bwo mw’ijuru ari ubwabo.»

Matayo 5:3

«Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.»

Matayo 22:39

«Ivyo mushaka ko abandi babagirira, abe ari vyo namwe mubagirira.»

Luka 6:31

«Hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarikurikiza!»

Luka 11:28

«Naho umuntu yoba afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze.»

Luka 12:15

«Iyo rero dufise ivyo kurya n’ivyo kwambara, ivyo biratubumba.»

1 Timoteyo 6:8

«Gutanga bizana umunezero kuruta guhabwa.»

Ivyakozwe 20:35