Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Gushitsa indagano ni nk’inanga y’ubwato. Biratuma umubano wanyu udahungabana mu gihe c’ibihuhusi

ABUBATSE

1: Gushitsa indagano

1: Gushitsa indagano

ICO BISOBANURA

Umugore n’umugabo biyemeje gushitsa indagano bagiraniye babona ko umubano wabo ari uw’ibihe vyose, ivyo bigatuma babana bumva ko batekanye. Umwe wese muri bo arizigira ko mugenziwe atazomuhemukira naho boca mu bihe bitoroshe.

Hari abagumana kubera ko ata kundi bari bubigire, bivuye ku ncuti n’abagenzi bababwira ko ari ko zubakwa. Ariko rero iyo babanye biyemeje gukundana no kwubahana ni ho ibintu birushiriza kugenda neza.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Umugabo ntakwiye guta umugore wiwe.”​—1 Abakorinto 7:11.

“Igihe wipfuza gushitsa indagano wagiraniye n’uwo mwubakanye, iyo akubabaje ntiwihutira gushavura. Wihutira kubabarira canke gusaba imbabazi. Ingorane uzibona nk’intambamyi gusa aho kuzifata nk’icitwazo co kwahukana.”​—Micah.

IGITUMA BIHAMBAYE

Igihe ingorane zadutse, abubakanye badaha agaciro indagano bagiraniye biroroha cane ko biyumvira bati: ‘Nakare ntitwari dukwiranye,’ maze bagaca barondera ingene bovana.

“Hari abantu benshi bubaka izabo bazi yuko nivyagorana bazoca bahukana. Igihe umuntu yubatse urwiwe afise mwene ivyo vyiyumviro, aba atazoshikama ku ndagano.”​—Jean.

ICO WOKORA

NIWISUZUME

Igihe mushwanye . . .

  • Woba uhora wicuza kubona mwarubakanye?

  • Woba wiyumvira ivyo kwibanira n’uwundi?

  • Woba uhora uvuga uti: “Nzokubisa” canke ngo “Nzoja kwironderera uwumfata neza”?

Nimba hari ikibazo na kimwe wishuye ngo egome, harageze rero ko ukomeza indagano wagize.

GANIRA N’UWO MWUBAKANYE

  • Twoba tutagifatana uburemere indagano twagiraniye? Nimba ari ko biri, ni kubera iki?

  • Dukore iki none kugira ngo dukomeze indagano yacu?

IVYOGUFASHA

  • Nuze urandikira uwo mwubakanye agakete k’urukundo

  • Niwerekane ko ushikamye ku ndagano wagize mu gushira udufoto tw’uwo mwubakanye ku meza aho ukorera

  • Nuze uraterefona uwo mwubakanye igihe uri ku kazi canke igihe mutari kumwe

ICO BIBILIYA IVUGA: “Ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe, umuntu ntakagitanye.”​—Matayo 19:6.