Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

TWISUNZE BIBILIYA

Gushima

Gushima

Vyaragaragaye ko gushima bizana ivyiza vyinshi. Biratuma umuntu amererwa neza ku mubiri, mu bwenge no ku mutima. Ni vyiza rero ko twama dushima.

Gushima vyoba bidufasha kumererwa neza?

IVYO ABAGANGA BAVUGA

Nk’uko ikiganiro kimwe kivyerekana, “gushima birafitaniye isano cane no kugira umunezero mwinshi kandi vyama bijana. Abantu bashima usanga biyumva neza, bafise amagara meza, banezererwa ibintu vyiza bibashikira, bihanganira ingorane kandi bafitaniye ubucuti bwiza n’abandi.”

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Bibiliya ituremesha kuba abantu bashima. Intumwa Paulo yanditse ati: “Mwerekane ko mushima.” Ubwiwe yaratanze akarorero keza mu bijanye no gushima. Nk’akarorero, ‘yarakengurukira Imana ubudahengeshanya’ kubera abantu bakira neza ubutumwa bwiza yabashikiriza. (Abakolosayi 3:15; 1 Abatesalonika 2:13) Kuvuga gusa ngo urakoze si vyo bizana umunezero uramba, ahubwo uzanwa no kuba umuntu afise umutima wo gukenguruka. Ivyo bituma twirinda ingeso zimwezimwe zodutwara umunezero zikongera zikadutandukanya n’abandi nk’ishari, inzigo canke kubona ko dufitiye uburenganzira ivyo turonka.

Umuremyi wacu aratanga akarorero keza mu bijanye n’ugukenguruka, ivyo akaba abigirira n’abantu buntu! Mu Baheburayo 6:10 havuga hati: “Imana [si] iyitagororotse ngo yibagire igikorwa canyu n’urukundo mwerekanye ko mufitiye izina ryayo.” Iyumvire nawe, Umuremyi wacu abona ko kudashima ari ukutagororoka canke gukora ivy’akarenganyo.

“Mwame munezerwa. Mukenguruke muri vyose.”​1 Abatesalonika 5:16, 18.

Gushima bidufasha gute mu bucuti dufitaniye n’abandi?

IBISHIKA MU BUZIMA VYEREKANA IKI?

Igihe dushimye bivuye ku mutima, kwaba ari ugushima ingabire, ijambo ryiza batubwiye canke ikintu ciza badukoreye, bituma uwabidukoreye yumva ko afise agaciro. Mbere n’abantu mutazinanyi barumva baryohewe cane igihe ubashimiye bivuye ku mutima kubera ikintu ciza bagukoreye, nko kukwugururira umuryango.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Yezu Kristu yavuze ati: “Mugire akamenyero ko gutanga, namwe bazobaha. Bazobasukira mu bikondorero vyanyu ingero nziza, itsindagiye, inyingishe kandi isesekaye.” (Luka 6:38) Raba akarorero ka Rose umwigeme w’umuragi aba mw’izinga ryitwa Vanuwatu.

Umusi umwe, Rose yaritavye amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova ariko nta na kimwe yumvise. Yaba we canke abagize ishengero nta n’umwe yari azi ururimi rw’ibimenyetso. Igihe umugabo n’umugore bazi neza urwo rurimi bagendera iryo shengero bakabona iyo ngorane, baciye batangura kubigisha urwo rurimi. Rose yarakengurutse cane. Yavuze ati: “Ndaryohewe kubona mfise abagenzi benshi bankunda.” Uwo mugabo n’umugore bamufashije, iyo babonye ingene akenguruka n’ingene asigaye aremesha abandi mu makoraniro, birabaryohera cane ku buryo ata co bobigereranya. Rose kandi arashima cane utwigoro abandi bagize bakiga urwo rurimi rw’ibimenyetso kugira baze baravugana na we.​—Ivyakozwe 20:35.

“Uwushikana ugukenguruka bwa kimazi ciwe . . . aninahaza [Imana].”​Zaburi 50:23.

Wokora iki kugira ube umuntu ashima?

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Ivyo umuntu yiyumvira birafitaniye isano n’ukuntu aca amererwa mu mutima. Umwe mu banditse Bibiliya ari we Dawidi yabwiye Imana mw’isengesho ati: “Nazirikanye igikorwa cawe cose; nagumye nitwararitse igikorwa c’amaboko yawe ndabikunze.” (Zaburi 143:5) Dawidi ntiyari umuntu ata co anezwe canke atazirikana ku bintu bihambaye. Kwama azirikana ku bikorwa vy’Imana ni vyo vyatumye aba umuntu ashima, kandi ni vyo vyamuranga mu buzima bwiwe bwose.​—Zaburi 71:5, 17.

Bibiliya iduha iyi mpanuro nziza igira iti: ‘Ivy’ukuri vyose, ivyo gukundwa vyose, ibivugwa neza vyose, ingeso nziza zose be n’ikibereye gushimagizwa cose, bibe ari vyo mubandanya kwiyumvira.’ (Abafilipi 4:8) Amajambo ngo “bibe ari vyo mubandanya kwiyumvira” aratwereka ko dukeneye kwama tuzirikana kuko bizodufasha kuba abantu bashima.

“Ukuzirikana kw’umutima wanje kuzoba ku bintu vy’ugutegera.”​Zaburi 49:3.