Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ukuri ku vyerekeye Halowini

Ukuri ku vyerekeye Halowini

Aho iwanyu hoba hahimbazwa umusi mukuru witwa Halowini? Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika no muri Kanada, uwo musi mukuru urazwi cane. Buri mwaka uhimbazwa ku wa 31 Gitugutu. Ariko rero, imigenzo ijanye na Halowini iraboneka n’ahandi hantu henshi kw’isi. Mu mihingo imwimwe, harahimbazwa imisi mikuru yitwa ukundi ariko irimwo ibintu bifitaniye isano n’uwo musi mukuru wa Halowini, ari vyo vy’ibi: gukorana n’imizimu, abapfumu, shetani n’amashetani yiwe be n’ibindi biremwa nsigabwenge.—Raba uruzitiro ruvuga ngo  “Imisi mikuru ihimbazwa kw’isi yose imeze nka Halowini.”

HARI aho woba utemera ibiremwa nsigabwenge. Ushobora kuba uhimbaza Halowini canke iyindi misi mikuru isa n’uyo kugira ngo gusa winezereze wongere wigishe abana bawe gukoresha ububasha bwabo bwo kwiyumvira. Ariko rero, hari abantu benshi babona ko iyo misi mikuru atari myiza ku bw’imvo zikurikira:

  1. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Encyclopedia of American Folklore) kivuga giti: “Umusi mukuru wa Halowini ahanini ujanye n’ivyo gukorana n’ibiremwa nsigabwenge,  vyinshi muri vyo bikaba bitera ubwoba.” (Raba uruzitiro ruvuga ngo  “Kahise ka Halowini.”) Imisi mikuru myinshi imeze nka Halowini na yo nyene yakomotse mu bapagani kandi ishingiye cane ku vyo gusenga aba kera. No muri kino gihe, abantu bo hirya no hino kw’isi, barahimbaza iyo misi mikuru kugira ngo bakorane n’ivyitwa ngo ni imizimu.

  2. Naho Halowini yamye ibonwa ko ari umusi mukuru w’Abanyamerika, mu bihugu vyinshi buri mwaka haguma haboneka abantu bashasha bawijukira. Ariko rero, benshi muri abo bantu bashasha bahimbaza uwo musi mukuru ntibazi ko ibimenyetso vyawo, ibisharizo vyawo n’imigenzo yawo vyakomotse mu bapagani, vyinshi muri vyo bikaba bifitaniye isano n’ibinyabuzima nsigabwenge be n’ububasha nsigabwenge.—Raba uruzitiro ruvuga ngo  “Wakomotse he?”

  3. Abantu ibihumbi bagikurikiza imigenzo y’idini ry’Abaseleti ba kera, uwo musi mukuru wa Halowini baracawita izina rya kera, ari ryo Samain, kandi ijoro bawuhimbazamwo babona ko ari ryo joro ryeranda kuruta ayandi yose yo mu mwaka. Umuntu umwe yiyita umupfumu, yavuze ati: “[Abakirisu] barifatanya natwe mu guhimbaza umusi mukuru wacu batabizi. . . . Ivyo biraturyohera.”—Vyakuwe mu kinyamakuru kimwe co muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika (USA Today).

  4.   Halowini be n’imisi mikuru imeze nka yo irahushanye n’ivyo Bibiliya yigisha. Bibiliya igabisha iti: “Muri mwebge ntihaze haboneke . . . ūragura, cank’ūtera amabara, cank’umupfumu, cank’umurozi, cank’umwābūzi, cank’ūja guhamagara imizimu, cank’umumenyi, cank’ūraguza imizimu.”—Gusubira mu vyagezwe 18:10, 11, Bibiliya Yera; raba kandi Abalewi 19:31; Abagalatiya 5:19-21.

Twisunze ivyo duhejeje kuvuga, birabereye ko umenya ko Halowini be n’iyindi misi mikuru imeze nka wo bifise inkomoko mbi. Gutahura neza ivyo bintu vyoshobora gutuma uja mu gitigiri c’abandi bantu benshi badahimbaza iyo misi mikuru.

“Abakirisu ‘barifatanya natwe mu guhimbaza umusi mukuru wacu batabizi. . . . Ivyo biraturyohera.’ ”—Amajambo yo mu kinyamakuru USA Today yavuzwe n’umuntu avuga ko ari umupfumu

^ par. 37 Uwo musi mukuru ugenewe gutera iteka aberanda bose bapfuye n’abamaratiri. Ijoro rya buca ari umusi mukuru w’aberanda ni ryo bahora bita Hallow Even, iryo jambo rikaba ari ryo ryavuyemwo izina Halowini.