Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 ICOFASHA UMURYANGO | URWARUKA

Ingene wotsinda akosho k’urunganwe

Ingene wotsinda akosho k’urunganwe

INGORANE

“Nkiri mu gice ca mbere c’amashure yisumbuye, abana benshi ntibampa nirwere, bikaba vyarambabaza. Igihe rero natangura igice ca kabiri c’amashure yisumbuye, naciye mpindura inyifato n’ukuntu nambara be n’ukuntu nitunganya; kandi ayo mahinduka nagize ntiyari meza. Naripfuza cane kuronka abagenzi ku buryo nemeye ndatwarwa n’akosho k’urunganwe kugira gusa abana twigana banshime.”​—Vyavuzwe na Jennifer, w’imyaka 16. *

Woba nawe uhangana n’akosho k’urunganwe? Nimba ari ukwo biri, iki kiganiro kiragufasha kumenya uko wovyifatamwo.

Gukora ivyo abo mu runganwe rwawe bashaka bituma umera nk’agakinisho kabo, kubera ko ureka abandi bakagukoresha uko bishakiye. Kubera iki none wovyemera?—Abaroma 6:16.

ICO UKWIYE KUMENYA

Akosho k’urunganwe karashobora gutuma abantu bameze neza bakora ibintu bibi.

“Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.”​—1 Abakorinto 15:33.

“Turashobora kuba tuzi ko ikintu kanaka ari kibi, ariko iyo abandi batugizeko akosho ugasanga turatwawe n’inyiyumvo, tugasigara turondera gushimisha abantu!”​—Vyavuzwe na Dana.

Akosho ntikava ku bandi gusa.

“Iyo nshatse gukora ikigororotse, ikibi kibana nanje.”​—Abaroma 7:21.

“Akenshi ni je ntuma akosho k’urunganwe kandemera; nakare, ni jewe nipfuza ibintu abo mu runganwe rwanje baguma bavuga bagashaka no kwerekana ko biryoshe cane.”—Vyavuzwe na Diana.

Gutsinda akosho k’urunganwe ni ikintu ciza wokwishimira.

“Mugire ijwi ryo mu mutima ryiza.”​—1 Petero 3:16.

“Vyarigeze kuba bingora cane kunanira akosho k’urunganwe, ariko ubu singitinya kuba uwutandukanye n’abandi, kandi iyo mfashe ingingo simpindura. Nta coza gisumba kuryama ufise ijwi ryo mu mutima ritakwagiriza ikibi.”​—Vyavuzwe na Carla.

 ICO WOKORA

Igihe abo mu runganwe rwawe bashaka ko ukora ikintu kitabereye, nubigenze gutya:

Niwiyumvire ingaruka. Niwibaze uti: ‘Vyogenda gute nka hamwe noshira aho bashaka, hanyuma bikamenyekana? Abavyeyi banje bazombona gute? Jeho nzosigara nibona gute?’​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abagalatiya 6:7.

“Abavyeyi banje barambaza akabazo nk’aka: ‘Nka hamwe wokora ivyo bashaka, ni ibiki vyoshobora kugushikira?’ Baramfasha kubona ko akosho k’urunganwe gashobora kunta mu rudubi.”​—Vyavuzwe na Olivia.

Nujijuke ku vyo wemera. Niwibaze uti: ‘Kubera iki mbona ko ico kintu cogira ingaruka mbi, haba kuri jewe canke ku bandi?’—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abaheburayo 5:14.

“Nkiri umwana, navuga gusa ngo oya canke ngatanga inyishu ngufi, ariko ubu ndashobora gusigura neza igituma nshobora canke ntashobora gukora ikintu kanaka. Sinkekeranya na gato ku vyo nemera ku bijanye n’iciza be n’ikibi. Inyishu ntanga iva mu mutima wanje, ntiva ku wundi muntu.”​—Vyavuzwe na Anita.

Niwiyumvire ingene wipfuza kumera. Niwibaze uti: ‘Nipfuza kuba umuntu ameze gute?’ Nuce wiyumvira akosho uhanganye na ko, uheze wibaze uti: ‘Umuntu ameze gutyo yokora iki hamwe yoba ari mu kibanza canje?’​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: 2 Abakorinto 13:5.

“Ndashima ico ndi, ni co gituma ntitaho rwose ukuntu abandi banyiyumvira. Vyongeye, abantu benshi banshima uko ndi vy’ukuri.”​—Vyavuzwe na Alicia.

Niwiyumvire kazoza. Nimba ukiri ku ntebe y’ishure, mu myaka mikeyi, canke mbere mu mezi makeyi, abo bantu ushaka kunezereza hari igihe wosanga ata na hamwe muzoba mugihurira.

“Naritegereje ifoto twifotoje kw’ishure, nsanga bamwebamwe mu bana twiganye sincibuka n’amazina yabo. Ariko tukiri kumwe kw’ishure, ukuntu bambona ni vyo vyandaza ishinga cane kuruta kwisunga ivyo nemera. Emwe, nari akajuju!”​—Vyavuzwe na Dawn, ubu akaba afise imyaka 22.

Niwitegure. Bibiliya ivuga iti: “Mumenye ingene mukwiye kwishura umuntu wese.”​Abakolosayi 4:6.

“Abavyeyi banje baradufasha twe na mutoyi wanje kwiyumvira ibintu bishobora gushika, maze tukabikina mu dukino, kugira ngo biramutse bidushikiye tumenye ingene tuvyifatamwo.”​—Vyavuzwe na Christine.

^ par. 4 Muri iki kiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.