Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ibaba ry’ikinyugunyugu

Ibaba ry’ikinyugunyugu

AMABABA y’ikinyugunyugu aroroshe cane ku buryo agiyeko n’agakungugu gakeyi canke amama y’amazi, bishobora gutuma bikigora kuguruka. Ariko rero, ayo mababa aguma asa neza kandi yumutse. None ivyo biva ku ki?

Ibaba ry’ikinyugunyugu ririko utugaragamba dutoduto cane tugerekeranye

Rimbura ibi: Abashakashatsi bo kuri kaminuza yo muri leta ya Ohio batohoje ibijanye n’ikinyugunyugu citwa morpho bleu (Morpho didius) basanze ku buringanire bw’amababa yaco hari utugaragamba dutoduto cane tugerekeranye nka kurya kw’amategura asakaye inzu, naho umuntu abona umengo ayo mababa aranyerera. Ku buringanire bw’utwo tugaragamba hari uturongorongo twimburuye tunzwinya tubangabanganye, dutuma umukungugu n’amama y’amazi bishunguruka bitagoranye. Abahinga bariko bararondera kwigana ayo mababa y’ikinyugunyugu kugira bahingure ibintu vy’ubuhinga buhanitse boshira ku bikoresho vyo mu mahinguriro no kwa muganga birinda umukungugu n’amazi.

Ibaba ry’ikinyugunyugu ni akandi karorero kerekana ukuntu ubuhinga bwa siyansi bugerageza kwigana ukuntu ibinyabuzima bikozwe. Umushakashatsi yitwa Bharat Bhushan avuga ati: “Ibidukikije vyuzuyemwo ibintu vy’ubuhinga bw’agatangaza abantu bamaze ibinjana bagerageza kwigana, guhera kuri bito cane gushika kuri bininibinini.”

None uvyibazako iki? Ibaba ry’ikinyugunyugu coba ari ikintu ciyadukije? Canke hariho uwagishizeho?