Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 VYOBA VYARIYADUKIJE?

Irondoka ry’igikere kibundikirira mu nda

Irondoka ry’igikere kibundikirira mu nda

IGIKERE kibundikirira mu nda co muri Ostraliya, iciyumvirwa ko coba carazimanganye kuva mu 2002, cari gifise uburyo budasanzwe bwo kurondoka. Ikigore carafata amagi yaco kikayamira maze utwana twaco kikatubundikira mu mushishito gushika haheze nk’indwi zitandatu. Mu nyuma, utwana twaco twarasohoka duciye mu kanwa kaco ari udukere dukwije vyose.

Kugira ngo umushishito w’ico gikere ntusye ayo magi yaco, cabwirizwa kutarya ariko kandi kikareka guhingura aside y’umushishito waco. Biboneka ko yaba amagi yaco canke utwana twaco vyahingura ibintu vyo mu mubiri bituma umushishito udahingura iyo aside.

Ico gikere cabundikira amagi nka 24. Imbere y’uko kiberagura, utwana twayo wasanga twose hamwe dushobora kugira uburemere bungana n’ibice hafi 40 kw’ijana vy’uburemere bwa nyina watwo. Twobigereranya n’umugore afise ibilo 68 yokwibungenga abana 24, umwe wese akaba afise ikilo 1 n’amagarama 800! Utwo dukere twaragura cane umushishito wa nyina watwo gushika n’aho amahaha yaco atunatunwa, ku buryo biba ngombwa ko gihemera mu ruhu rwaco.

Mu bisanzwe vyarasaba imisi kanaka kugira utwo dukere twose dusohoke, kamwe kose kagasohoka hageze. Ariko nyina watwo abonye akaga yarashobora guca atudahwa. Abashakashatsi barigeze kwitegereza igikere c’ikigore cariko kiradahwa utwana twaco dutandatu icarimwe, dufyirukira nko ku metero imwe.

Hari abiyumvira yuko uburyo bwo kurondoka bw’ico gikere bwabayeho biciye kw’ihindagurika. Ariko rero, ubwo buryo bwaco bwo kurondoka bwavana n’ukuntu umubiri waco umeze be n’inyifato yaco. Kugira ngo rero igikere gisanzwe gicike igikere kibundikirira mu nda, vyari kuba ngombwa ko kigirira icarimwe amahinduka akomakomeye akenewe. Yamara, inyigisho y’ihindagurika ivuga ko ubwoko bushasha bw’ikinyabuzima bubaho biciye ku mahinduka agenda araba bukebuke. Ni co gituma bamwebamwe bashitse ku ciyumviro c’uko ubwo bwoko bw’igikere budashobora kuba bwabayeho biciye kw’ihindagurika, ahubwo ko bwaremwe. *

None uvyibazako iki? Uburyo ico gikere kibundikirira mu nda kirondoka bwoba bwariyadukije? Canke hariho uwabushizeho?

^ par. 7 Mu gitabu Charles Darwin yanditse (L’Origine des espèces) yavuze yuko “ihindagurika riba biciye gusa ku mahinduka matomato cane agenda arakurikirana, rikaba ridashobora gutera . . . intambwe nini” bukwi na bukwi.