Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ico wokora ngo ntiwicwe n’umuruho

Ico wokora ngo ntiwicwe n’umuruho

UMUGABO yitwa Anil uburuhe bwari mu kumwica. Yari yahevye akazi yari afise, aja gukora akandi, yizigiye ko kotumye yubahwa cane, akaronka n’umushahara munini. Mugabo yari asigaye agodoka bwije cane, agakora no ku mpera y’imishamvu, rimwe na rimwe agakora amasaha ashika 80 ku ndwi. Avuga ati: “Ku kazi hari akajagari, kandi ni je nabwirizwa kubitunganya. Nibwiye nti: ‘Ibi biriko biranshikira ni ibiki ga yemwe? Ntagize ico nkoze, nzohasigara.’” Anil yari arembejwe n’umuruho.

Kwicwa n’umuruho si ukuruha gusanzwe, kandi si ukugira gusa umwitwarariko w’akazi ka misi yose. Kwicwa n’umuruho ni ukwama wumva urushe, ukavunika umutima kandi ukihebura. Abafise iyo ngorane usanga kenshi bataciyumvamwo akazi bakora, umwete ugahera, bagasigara batagikora neza. Ivyigwa vyagizwe vyerekana kandi ko kwicwa n’umuruho biri mu bituma umuntu atamererwa neza mu mutima, akagira n’ingorane nyinshi z’amagara.

None kwicwa n’umuruho biva ku ki? Kenshi biva ku kugira akazi kenshi birenze. Ingorane z’ivy’ubutunzi zituma abakoresha bamwebamwe basaba abakozi babo gukora amasaha menshi cane, ariko rimwe na rimwe bakabaha umushahara w’inticantikize. Ubuhinga bwa none butuma bamwebamwe bashobora gufatirwa n’ivy’akazi umwanya uwo ari wo wose, ntibabe bakironka n’akanya ko kwitwararika ababo no gukora ivyabo. Ibindi bituma bamwebamwe bicwa n’umuruho, ni ugutinya ko bohava bakurwa mu kazi, kuba ata co bashobora guhindura ku kazi bakora canke kubona yuko bafatwa nabi. Vyongeye, igihe umuntu aba adatahura neza ivyo akwiye gushira imbere mu kazi akora, canke akaba atumvikana n’abakozi bagenziwe, birashobora na vyo nyene gutuma yicwa n’umuruho.

Ariko rero, umuntu arashobora kwicwa n’umuruho bimuvuyeko. Hari abagerageza gukora cane rwose barondera kuduzwa igiti no kwongerezwa umushahara. Abantu nk’abo boshobora kurengerwa n’akazi, amaherezo bigatuma bicwa n’umuruho.

Nimba wicwa n’umuruho kubera akazi, wokora iki ngo uronke agahengwe? Ni ivy’ukuri ko ushobora kwihebura kubera ubona ko ata co uri buhindure ku kazi ukora. Yamara, raba ibintu bine wokora kugira ureke kwicwa n’umuruho. Hari igihe wosanga hari ibintu vyinshi wokora vyogufasha.

 1. NURABE IVYO USHIRA IMBERE MU BUZIMA.

Ni igiki ubona ko gihambaye kuruta ibindi mu buzima bwawe? Abantu benshi boshobora kuvuga ko umuryango n’amagara meza biri mu bintu babona ko bihambaye cane mu buzima bwabo. Ivyo nyene ni vyo usanga bishobora kuhabonera igihe uba wishwe n’umuruho.

Kwihweza neza ivyo ushira imbere mu buzima biragufasha gufata ingingo zimwezimwe zitoroshe, ukemera no kugira ivyo uhevye. Nk’akarorero, woshobora kuba ubona ko ari kabiri na rimwe ugasigara wishwe n’umuruho. Ariko kandi woshobora kwiyumvira uti: ‘Sinoheba akazi canke ngo ndeke gukora cane. None ndagahevye nobaho gute?’ Twese turakeneye amahera kugira tubeho. Ariko none, yoba ari yo woshira imbere ukemera guheba ivyo ubona ko bihambaye kuruta ibindi mu buzima bwawe?

Uribuka ko ingendo y’uwundi ivuna. Ivyo abandi bashira imbere ntibibe ari vyo nawe ushira imbere. Ivyo shobuja ashira imbere bishobora kuba bitandukanye n’ivyo wewe ushira imbere. Kuba abandi bashira imbere mu buzima akazi bakora, ntibisobanura ko nawe ari ko ukwiye kubigenza.

ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA COFASHA: “NO MU GIHE UMUNTU AFISE UMURENGERA, UBUZIMA BWIWE NTIBUVA KU BINTU ATUNZE.”LUKA 12:15

2. NUGIRE UBUZIMA BUSANZWE.

Kugira ngo amaganya agabanuke, ushobore no kuronkera umwanya ivyo ubona ko bihambaye cane mu buzima bwawe, woraba nimba utogabanya umwanya umara ukora. Woshobora gusaba shobuja ngo akuremurure canke ukaraba nimba worondera akandi kazi. Ico wohitamwo gukora cose, hari aho vyoba ngombwa ko ugira ivyo uhinduye mu kuntu ukoresha amahera no mu kuntu ubayeho. Ivyo birashoboka, kandi hari igihe wosanga bitagoye nk’uko wabiziga.

Mu bihugu vyinshi, abantu usanga bashira imbere ivyo kugura ibintu, bigatuma umuntu yiyumvira ko guhembwa menshi no gutunga ibintu vyinshi ari vyo bituma agira agahimbare. Mugabo ukwo ni ukwihenda. Kugira ubuzima busanzwe birashobora gutuma urushiriza kugira umwidegemvyo n’umunezero. Kugira ngo ubishikeko, nugabanye amahera ukoresha wongere uziganye. Nugerageze kugabanya amadeni ufise canke kuyavamwo. Nusigurire abagize umuryango wawe igituma mukeneye kugira ivyo muhinduye, ubasabe musenyere ku mugozi umwe.

ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA COFASHA: “DUFISE IVYO KURYA N’IVYO KWAMBARA, IVYO BIRATUBUMBA.”1 TIMOTEYO 6:8

 3. NTIWEMERE IVYO SHOBUJA AGUSAVYE VYOSE.

Nimba ufise akazi k’umurengera canke ingorane kanaka ku kazi iguma ikubuza amahoro, nubiyage na shobuja. Igihe cose bishoboka, mu gutorera umuti ingorane ufise, nushikirize ivyiyumviro bikworohereza bikongera bikorohereza na shobuja. Numusubirize umutima mu nda yuko witwararika cane akazi ujejwe. Numusigurire ivyo witeguriye gukora vyose ariko kandi umutomorere ivyo utokwemera gukora.

Nube umuntu abona kure kandi atitega ibidashoboka. Nimba wipfuza kugabanirizwa akazi ukora, hari aho shobuja yoca yitega ko wemera guhembwa make. Niwiyumvire ivyoshobora gushika kandi witegurire ingene uzovyifatamwo. Nk’akarorero, hari aho shobuja yoca aguhagarika mu kazi. Niwibuke yuko mu gihe ufise akazi ari ho vyoroha cane ko uwundi mukoresha aguha akazi.

Naho ushobora kuba warumvikanye na shobuja, niwitege ko ashobora kukuremēra arondera kuguha akazi kenshi. Ni igiki cogufasha kwumira ku ngingo wafashe? Ni ukwubahiriza amasezerano mwagiraniye. Ivyo birashobora gutuma ugira uruvugiro rwo gusaba ko shobuja na we yubahiriza ivyo mwasezeranye. Muri ivyo harimwo n’ivyo kutaguha akandi kazi mutumvikanye.

ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA COFASHA: “IJAMBO RYANYU EGO NIRIBE EGO, OYA YANYU IBE OYA.”MATAYO 5:37

 4. NIWIGARUKIRE.

Naho ata ngorane zikomeye woba ufise ku kazi, woshobora kuba ufise ibindi bintu bigutera amaganya. Ushobora kuba ukorana n’abantu bagoye canke hakaba hari ibindi bintu bitakworohereza. Birahambaye rero ko uruhuka bihagije kandi ugasama akayaga ku rugero rubereye. Niwibuke ko gusama akayaga uri kumwe n’umuryango wawe bidasaba gukoresha uburyo bwinshi.

Niwitwararike ibindi bintu bitari ivy’akazi, urondere n’abandi bagenzi batari abo ku kazi. Ivyo bizotuma akazi ukora kataba co kintu nyamukuru kikuranga mu buzima bwawe. Uti kubera iki? Igitabu kimwe (Your Money or Your Life) kivuga giti: “Ico uri ni co gihambaye cane kuruta akazi ukora kugira uce amahera.” Nimba akazi ari co kintu nyamukuru kikuranga kandi gituma wumva ko ufise agaciro, kugabanya umwanya n’inguvu akazi kagutwara bica bikubera urugamba.

ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA COFASHA: “URUSHI RW’AKARUHUKO RURUTA AMASHI ABIRI Y’IGIKORWA C’UBUTAME N’UKWIYAHAGURA UKURIKIRA UMUYAGA.”UMUSIGUZI 4:6

Vyoba vy’ukuri bishoboka ko ugira ivyo uhinduye kugira ntiwicwe n’umuruho? Emwe, ibishoboka ni ivyo. Umwe Anil twavuga mu ntango z’iki kiganiro, yarabishoboye. Avuga ati: “Naravuganye n’uwahoze ari umukoresha wanje, ndamubaza nimba yosubira kumpa akazi, kandi yarakampaye. Vyaranteye isoni gusubira guhura n’abo twari twarakoranye kubera ko nari narabasezeye ndababwira ko ngiye kwogorora. Naho umushahara wagabanutse, narashoboye kugira amahoro mu mutima. Nararonse n’umwanya ukwiye wo kwitwararika umuryango wanje n’ibindi bintu vyari bihambaye cane mu buzima bwanje.”