Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | INDERO YAROYE HE?

Ingene wotoza indero umwana

Ingene wotoza indero umwana

NTA WOHARIRA ko kurera ari ibanga ritoroshe. Mugabo kudatoza indero abana bituma iryo banga rirushiriza kuba irigoye. Uti kuki? (1) Kubera ko abana baca babandanya gukora ivyo bishakiye, bigatuma abavyeyi bata umutwe; (2) kubera ko abavyeyi baza barivuguruza mu mategeko baha abana babo, bigatuma abana babura ico bafata n’ico bareka.

Ku rundi ruhande, gutoza umwana indero ubigiranye urukundo kandi utarenza urugero, biramucisha ubwenge bikanamwigisha kwigenza neza. Vyongeye, biratuma umwana akura yumva ko atekaniwe. Ariko none, ni hehe wokura impanuro zo kwizigirwa zogufasha kurera abana bawe?

Agaciro k’impanuro zo muri Bibiliya

Ivyabona vya Yehova, ari na bo basohora iki kinyamakuru, baremera ko Bibiliya ari “ngirakamaro ku kwigisha, ku gukangīra, ku kugorora ibintu, ku gutoza indero,” nk’uko yo ubwayo ibivuga. (2 Timoteyo 3:16) Naho Bibiliya atari igitabu kivuga gusa ivy’ukurera abana, irimwo impanuro zifasha vy’ukuri imiryango. Raba uburorero bukeyi.

BIBILIYA IVUGA ITI: “Ubupfu buboheye ku mutima w’umwana.”Imigani 22:15.

Naho abana bashobora kugira umutima mwiza, barafise impengamiro yo gukora ivy’ubupfu. Ni co gituma abana bakeneye gutozwa indero. (Imigani 13:24) Gutahura ico kintu birashobora kugufasha gushitsa neza ibanga ujejwe ry’ubuvyeyi.

BIBILIYA IVUGA ITI: “Ntiwime indero umwana.”Imigani 23:13.

Ntiwiyumvire yuko gutoza abana bawe indero iri ku rugero bizobagirira nabi canke ngo bitume bakugirira inzigo bamaze gukura. Gutoza abana indero mu rukundo bizotuma nyabuna biga kwicisha bugufi bemere gukosorwa. Ivyo bizobafasha n’igihe bazoba bamaze gukura.Abaheburayo 12:11.

BIBILIYA IVUGA ITI: “Ico umuntu abiba cose [ni] co nyene azokwimbura.”Abagalatiya 6:7.

Mu bisanzwe abavyeyi baripfuza gukingira abana babo, kandi ivyo birumvikana. Ariko n’aho nyene, abavyeyi barakwiye kutarenza urugero. Nta co uba uriko urafasha abana bawe igihe wama urondera kubakingira ingaruka z’amakosa bakora canke igihe ubavugira iyo umwigisha canke uwundi muntu akuze akubwiye amakosa baba vy’ukuri bakoze. Ukwiye nyabuna kwibuka ko umwana atari uw’umwe. Ivyo bizotuma wigisha abana bawe kwubaha ababakurira, na wewe urimwo.Abakolosayi 3:20.

BIBILIYA IVUGA ITI: “Umwana arekeranwa azomaramaza nyina.”Imigani 29:15.

Garagaza urukundo, ntube mahindagu, kandi nturenze urugero

Ni ivy’ukuri ko abavyeyi badakwiye kwigera bafata nabi abana babo, ariko kandi bakwiye kwirinda kurenza urugero ntibabarekerane. Igitabu kimwe (The Price of Privilege) kivuga giti: “Abana bafise abavyeyi babarekerana usanga badatahura yuko abavyeyi babo ari bo bakwiye gutanga amategeko mu rugo.” Igihe rero udakoresha ubukuru ufise mu rugo, umwana wawe ashobora guca yiyumvira ko ari we afise ijambo. Ivyo ntibizobura gutuma afata ingingo mbi zizotuma we ubwiwe agira intuntu, eka na wewe ubwawe.Imigani 17:25; 29:21.

BIBILIYA IVUGA ITI: “Umugabo . . . [azokwi]fatanya n’umugore wiwe, kandi abo babiri bazoba umubiri umwe.”Matayo 19:5.

Bibiliya ivuga yuko umugabo n’umugore babanza kwubakana imbere y’uko bavyara abana kandi bakagumana mbere n’igihe abana baba bamaze gukura, batakibana na bo. (Matayo 19:5, 6) Twovuga rero yuko ibanga rya mbere ujejwe ari ukuba wubatse, irya kabiri ukuba uri umuvyeyi. Ariko ubicuritse, umwana wawe ashobora guca “[yi]yumvira ko ahambaye kuruta uko abwirizwa kwiyumvira.” (Abaroma 12:3) N’ikindi kandi, kwitwararika umwana birenze urugero biratuma ubucuti mufitaniye bwa mugore n’umugabo butaba bugikomeye.

Icofasha abavyeyi

Kugira ngo ushitse ibanga ujejwe ry’ubuvyeyi, indero utanga ikwiye kuba ihuye n’izi mpanuro:

Garagaza urukundo. “Ntimuratse abana banyu, kugira ngo ntibavunike umutima.”Abakolosayi 3:21.

Ntube mahindagu. “Ijambo ryanyu Ego niribe Ego, Oya yanyu ibe Oya.”Matayo 5:37.

Nturenze urugero. “Nzogukosora koko ku rugero rubereye.”Yeremiya 30:11. *

^ par. 21 Wipfuza kumenya n’ibindi, ja kuri jw.org. Raba ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > ABUBATSE BE N’ABAVYEYI, urahasanga ibiganiro nk’ibi: “Ugutoza indero abana,” “Ingene wofata umwana akunda kwishavuza,” “Niwigishe abana bawe ingingo zigenga inyifato runtu,” be n’ikivuga ngo “Ingene wotoza indero umwana wawe w’umuyabaga.”