Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ibibazo bitatu abantu boshima kubaza Imana

Ibibazo bitatu abantu boshima kubaza Imana

SUSAN yatanguye kwibaza ibibazo vyerekeye Imana afise imyaka indwi, igihe umugenzi wiwe w’imyaka icenda yitwa Al yaja mu bitaro kubera ubukangwe agashirwa mu cuma kimufasha guhema. Inkuru yiwe tuyisanga mu kinyamakuru kimwe (The New York Times) casohotse ku wa 6 Nzero 2013.

Susan avuye kuraba Al mu bitaro yabajije nyina wiwe ati: “Imana yahoye iki umwana mutoyi gutyo?”

Nyina yamwishuye ati: “Patiri yovuga ko Imana izi igituma, ariko jewe simbona igituma yobikora.”

Haciye imyaka ibiri, mu 1954, Jonas Salk yaratoye urucanco rw’ubukangwe, nyina wa Susan aca avuga ko kumbure Imana ari yo yayoboye Jonas.

Susan yaciye yishura ati: “Aho hoho Imana yari kuba yarayoboye abaganga kuva kera Al ntiyirirwe araja mu cuma kimufasha guhema.”

Susan asozera iyo nkuru yiwe yo mu bwana ati: “Inyuma y’imyaka umunani [Al] yarapfuye, ico gihe sinari ncemera Imana.”

Cokimwe na Susan, abantu benshi babonye canke bashikiwe n’ivyago ntibararonka inyishu zibashimisha ku bibazo bafise vyerekeye Imana. Bamwe baca bareka kwemera Imana. Abandi na bo ntibahakana rwose ko Imana iriho, ariko barakekeranya.

Abahakanamana canke abakekeranya ko ibaho ntibisobanura ko batigeze baja mu madini. Ahubwo, ivyo babonye muri ayo madini ni vyo kenshi bituma bareka kwemera Imana. Babona ko amadini atabafashije kuronka inyishu z’ibibazo bihambaye mu buzima. Ivyo bibazo ni ibihe? Igitangaje, ni uko kenshi usanga nya bibazo nyene ari vyo bitesha umutwe abitwa ko bemera Imana. Raba ibibazo bitatu abantu benshi boshima kubaza Imana nka hamwe boronka ako karyo, urabe n’inyishu Bibiliya itanga.

1 “KUBERA IKI UREKA ABANTU BAKABABARA?”

Kubera iki babaza ico kibazo?

Benshi bavuga bati: ‘Imana y’urukundo ntiyoreka ngo abantu bashikirwe n’ivyago.’

IYUMVIRE IKI KINTU: Twoshobora kubona ko imico y’abandi bantu itangaje canke mbere ko ari mibi. Twoshobora kubona ukutari kwo ivyo bakora. Nk’akarorero, mu mico kama imwimwe abantu babona ko kuraba mu maso umuntu muriko murayaga ari ikimenyetso c’uko umwitwararitse; mu yindi na ho bakabona ko ari ukutamwubaha. Muri iyo mico yompi, nta wovuga ko uwu canke uriya ari mubi. Ahubwo igikenewe ni ukuyitahura neza.

Ikintu nk’ico coba gishobora kudushikira igihe turiko turiga ivyerekeye Imana? Abantu benshi babona ko imibabaro idushikira yerekana ko Imana itabaho. Abamaze gutahura igituma Imana ireka bigashika bobo ntibakekeranya ko ibaho.

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: Ivyiyumviro vy’Imana n’inzira zayo biratandukanye n’ivyacu. (Yesaya 55:8, 9) Ni co gituma hari igihe tutoshoka dutahura ivyo ikora n’igituma ibanza kurindira imbere yo gukora ikintu.

Naho ari ukwo, Bibiliya ntidusaba kwemera ivyiyumviro nk’ibi ngo “Ibikorwa vy’Imana ni amayobera.” Ahubwo ituremesha kurushiriza kwiga ivyerekeye Imana, ikadufasha gutahura igituma Imana ikora ibintu n’igihe ibikorerako. * Turashobora mbere kuyiyegereza.Yakobo 4:8.

2 “KUBERA IKI AMADINI YUZUYE UBURYARYA?”

Kubera iki babaza ico kibazo?

Hari abovuga bati: ‘Iyaba Imana idakunda uburyarya, uburyarya ntibuba ari bwinshi ukuraho mu bavuga ko bayisenga.’

IYUMVIRE IKI KINTU: Dufate ko umwana ateye akagere indero nziza se yamuhaye akava iwabo kugira aje kwiberaho uko yishakiye. Naho se atabishigikiye, aramureka akifatira ingingo. Ubwo abobona uwo mwana mu nyuma boba bakwiye kuvuga ko se ari mubi canke mbere ko ata we agira? Habe namba! Muri ubwo buryo nyene, uburyarya buri mu madini bwerekana ko Imana ireka abantu bakihitiramwo ingene bobaho mu buzima.

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: Imana iranka uburyarya buri mu madini. (Yeremiya 7:29-31; 32:35) Ariko kandi irareka abantu bakihitiramwo. Benshi mu bavuga ko bemera Imana usanga bahitamwo gukurikira inyigisho n’ivyiyumviro vy’abantu.Matayo 15:7-9.

Idini Imana yemera ryoryo nta buryarya ririmwo. * Yezu yavuze ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yohani 13:35) Urwo rukundo ntirukwiye ‘kubamwo ubwiyorobetsi.’ (Abaroma 12:9) Amadini menshi vyarayananiye kugaragaza urwo rukundo. Nk’akarorero, mu gihe c’ihonyabwoko ryo mu 1994 mu Rwanda, abanyamadini ibihumbi n’ibihumbi barishe abo basangiye ukwemera kubera gusa badasangiye ubwoko. Mugabo Ivyabona vya Yehova bobo ntibagize uruhara muri ubwo bwicanyi kandi benshi muri bo barakingiye abo basenga hamwe be n’abandi, barahakwa mbere kuhasiga agatwe. Ivyo birerekana ko idini rishobora kwirinda uburyarya.

3 “KUBERA IKI TURIHO?”

Kubera iki babaza ico kibazo?

Hari abobaza bati: ‘Kubera iki abantu babaho imyaka 80 canke 90 bagaca bapfa? Intumbero y’ubwo buzima bugufi ni iyihe?’

IYUMVIRE IKI KINTU: Abantu benshi batemera Imana ntibahakana ko ibiri mu bidukikije bihanitse kandi bigendera ku rutonde. Barabona ko isi tubako, iyindi mibumbe be n’ukwezi bimeze neza ku buryo bituma ubuzima bushoboka kw’isi. Bavuga ko amategeko agenga ibidukikije atunganijwe neza ku buryo hamwe hogira akantu na gatoyi gatirigana vyotuma ubuzima butaba bugishoboka kw’isi.

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: Naho abantu benshi babona ko ubuzima bugufi dufise bwerekana ko Imana itabaho, ibidukikije birerekana neza ko hariho Umuremyi. (Abaroma 1:20) Ivyo vyose yabiremye afise umugambi kandi ubuzima bwacu burafitaniye isano cane n’uwo mugambi. Imana yaremye abantu ngo babeho ibihe bidahera kw’isi, kandi uwo mugambi ntiyawuhevye.Zaburi 37:11, 29; Yesaya 55:11.

Naho biciye ku vyo Imana yaremye dushobora gutahura ko ibaho n’ingene imeze, si muri ubwo buryo Imana yashaka ko tumenya umugambi wayo. Kugira tumenye umugambi wayo n’igituma turiho bisaba ko ibitubwira. Biciye kuri Bibiliya irabitubwira mu buryo bworoshe kandi butomoye. * Ivyabona vya Yehova bakuremesheje gusubira kwihweza inyishu Bibiliya itanga.

^ ing. 17 Ushaka kumenya igituma Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro, raba ikigabane ca 11 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Kiraboneka no kuri www.dan124.com.

^ ing. 23 Ushaka ayandi makuru, raba ikigabane ca 15 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Kiraboneka no kuri www.dan124.com.

^ ing. 29 Ushaka ayandi makuru, raba ikigabane ca 3 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Kiraboneka no kuri www.dan124.com.