Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Baritanze babikunze

Baritanze babikunze

MU VYABONA b’abanyamwete bakorera mu bihugu bikeneye abamamaji b’Ubwami kuruta, harimwo bashiki bacu benshi batarubaka izabo. Bamwe muri bo, baramaze imyaka mirongo bakorera mu mahanga. Ni ibiki none vyabafashije kwitegurira kujayo? Ni ibiki bigiye aho mu mahanga? Ni imihezagiro iyihe bironkeye? Twarabajije ibibazo abatari bake muri abo bashiki bacu. Nimba uri mushiki wacu atarubaka urwiwe, ukaba wipfuza cane kugira uruhara muri ico gikorwa giteye umunezero rwose, turizigiye yuko uza kwungukira ku vyo batuyagiye. Ariko ntiwumve, abasavyi b’Imana bose barashobora kwungukira ku karorero kabo.

NIWIKUREMWO AMAKENGA

Anita

Woba ukekeranya nimba vy’ukuri woshobora gukorera ubutsimvyi mu mahanga? Uwitwa Anita, ubu akaba afise imyaka nka 75, yarakekeranya cane ko atobishobora. Yakuriye mu Bwongereza, atangura ubutsimvyi afise imyaka 18. Avuga ati: “Naho nakunda kwigisha abantu ivyerekeye Yehova, sinigeze niyumvira ko noshoboye kuja gukorera mu mahanga. Sinigeze niga urundi rurimi, kandi nabona ko ata n’ivyo noshobora. Igihe rero naronka ubutumire bwo kwitaba Ishure rya Gileyadi, naciye mbona ko kabaye. Kubona umuntu ata co amaze nka jewe atumirwa kuri iryo Shure, sinavyumva. Mugabo nibwiye nti: ‘Nimba Yehova abona ko ndabishoboye, nzogerageza.’ Ubu haciye imyaka 50 ivyo bibaye. Kuva ico gihe, ndi umumisiyonari mu Buyapani.” Anita yongerako ati: “Mpora mbwira abigeme bakiri bato nimwenyurira nti ‘Gerageza namwe muze mwirabire!’ Birampimbara kubona benshi baritavye ako kamo.”

INGENE BASHIZE UBWOBA

Bashiki bacu benshi bakoreye mu mahanga, mu ntango bari bafise amakenga yo kwimukira mu kindi gihugu. None ni igiki catumye bashira ayo makenga?

Maureen

Uwitwa Maureen, ubu akaba afise imyaka nka 65, avuga ati: “Nakuze mfise icipfuzo gikomeye co gufasha abandi.” Igihe yari afise imyaka 20, yarimukiye i Québec muri Kanada, ico gihe hakaba hari hakenewe cane abatsimvyi. Yongerako ati: “Nahavuye ndonka ubutumire bwo kwitaba Ishure rya Gileyadi, mugabo naratinya kuja gukorera ahantu ntamenyereye, kure y’abagenzi banje. Naratinya no gusiga mawe wenyene, kandi yariko yitwararika dawe yari arwaye. Naramaze amajoro atari make ntakambira Yehova ndira, ndamutura ivyo bibazo. Igihe nayagira abavyeyi banje ivyari bindaje ishinga, bandemesheje kwemera ubwo butumire. Nariboneye kandi ingene ishengero ryacu ryashigikiye abavyeyi banje. Maze kwibonera ingene Yehova yahaserutse, naciye nizigira yuko na jewe yonshigikiye. Ivyo vyatumye nshira amazinda, nca ndabona ko nogenda.” Kuva mu 1979, Maureen yaramaze imyaka irenga 30 ari umumisiyonari muri Afrika yo mu Burengero. Ubu ni umutsimvyi adasanzwe muri Kanada, kubera ko yagiye kwitwararika nyina wiwe. Aravye imyaka yamaze akorera mu mahanga, avuga ati: “Igihe cose Yehova yarandonsa ivyo naba nkeneye, kandi ku gihe naba ndabikeneyeko.”

Wendy

Wendy, ubu akaba afise imyaka nka 65, yatanguye gukorera ubutsimvyi muri Ostraliya ari umuyabaga. Avuga ati: “Nari umunyamasoni cane, kandi vyarangora kuyagisha abantu ntazi. Ariko igikorwa c’ubutsimvyi caranyigishije kuyagisha abantu b’uburyo bwose, bica bituma ndushiriza guhera ubwoba. Amaherezo bwa bwoba bwaraheze. Gukora ubutsimvyi vyaranyigishije kwiheka kuri Yehova, nca ntangura kwumva ko nshobora kuja gukorera mu mahanga. Vyongeye, hari umuvukanyikazi atarubaka urwiwe yari yaramaze imyaka irenga 30 ari umumisiyonari mu Buyapani, yansavye ko twojana gukorerayo amezi atatu. Gukorana na we vyatumye ngira icipfuzo gikomeye co gukorera mu mahanga.” Nko mu 1985, Wendy yarimukiye mw’izinga rya Vanuatu, rikaba riri nko ku bilometero 1.770 mu buseruko bwa Ostraliya.

Wendy aracari muri Vanuatu, akaba akorera ku biro vy’ubuhinduzi biri ukwa vyonyene. Avuga ati: “Nta kimpimbara nko kubona ingene amashengero be n’imigwi biguma bivuka mu turere turi kure cane. Simbona ingene nodondora agateka natewe ko kugira uruhara na rutoyi mu gikorwa ca Yehova muri aya mazinga.”

Kumiko (hagati)

Mushiki wacu yitwa Kumiko, akaba afise imyaka nka 65, yari umutsimvyi asanzwe mu Buyapani igihe umutsimvyi mugenziwe yamusaba ngo bimukire muri Népal. Avuga ati: “Yaguma anyinginga ngo tujeyo, nkaguma ndamwankira. Naratinya kwiga urundi rurimi be no kwimukira ahantu ntamenyereye. Iyindi ngorane, kwari ukuronka amahera yo kwimukirayo. Igihe ntari bwafate ingingo, naciye ngira isanganya n’ipikipiki nca nja mu bitaro. Ndi ku musego, nariyumviriye nti: ‘Mbe nk’ubu noca ngwariramwo indwara ikomeye, akaryo ko gukorera mu mahanga ntikoba kancitse? Ubwo sinoja gukorerayo n’imiburiburi umwaka umwe?’ Narasenze cane Yehova kugira ngo amfashe kugira ico nkoze.” Kumiko avuye mu bitaro, yaciye aja muri Népal kuharaba, mu nyuma arimukirayo be na wa mutsimvyi mugenziwe.

Kumiko aravye imyaka hafi cumi amaze akorera muri Népal, avuga ati: “Ibintu nabona ko ari ingorane vyahavuye bimbisa ndirenganira, nka kumwe Ikiyaga Gitukura cigaburamwo kubiri Abisirayeli bakirenganira. Ndahimbarwa cane no kuba naragiye gukorera ahari inkenero kuruta. Akenshi, iyo ndiko ndigisha Bibiliya umuryango umwe, ababanyi babo batanu canke batandatu baraza kwumviriza. Mbere n’abana batobato, baradusaba n’urupfasoni udupapuro tw’inkuru nziza. Gukorera mu karere kimbuka nk’aka, birantera umunezero mwinshi cane.”

INGENE BIHANGANIYE INGORANE

Abo bashiki bacu b’abanyamwete twaganiriye, nta gukeka ko bahuye n’ingorane. None bavyifashemwo gute?

Diane

Diane wo muri Kanada avuga ati: “Mu ntango, nabona ko bizongora cane kuba kure y’umuryango wanje.” Ubu arengeje gato imyaka 60, kandi amaze imyaka 20 ari umumisiyonari muri Côte d’Ivoire. Agira ati: “Narasavye Yehova ngo amfashe gukunda abantu baho. Umuvukanyi Jack Redford, akaba ari umwe mu batwigishije i Gileyadi, yaratubwiye yuko nitwashika mu vyibare turungitswemwo, mu ntango vyoshika tugahungabana, canke mbere tukababazwa n’ukuntu ibintu vyifashe, na canecane twiboneye ingene abantu baho bakenye cane. Yaciye avuga ati: ‘Muzogume mwitegereza abantu, aho kwitegereza ubukene barimwo. Muzogume mubahanze amaso kugira ngo mubone ingene bakira ukuri mubabwira.’ Ico nyene ni co nakoze, kandi vyaravuyemwo ivyiza! Igihe naba ndiko ndabwira abantu ubutumwa bw’Ubwami buhumuriza, narabona ko baryohewe!” Ni ikindi kintu ikihe cafashije Diane gukunda gukorera mu mahanga? Avuga ati: “Kwiyegereza cane abo nigisha Bibiliya vyaratumye bacika abasavyi ba Yehova b’intahemuka, ivyo bikaba vyaranezereza cane. Aho nakorera hari hasigaye ari nko muhira. Nka kumwe Yezu yabisezerana, naraharonkeye ba mawe na ba dawe be n’abo tuvukana mu buryo bw’impwemu.”—Mrk. 10:29, 30.

Anne w’imyaka nka 45, akorera mu gihugu kimwe co muri Aziya, aho igikorwa cacu kibujijwe. Yigana ati: “Mu myaka namaze nkorera mu bihugu bitandukanye, nagiye ndabana n’abavukanyikazi dutandukanye cane mu mico no muri kamere. Hari aho ivyo vyatuma tutumvikana kandi tugashavuzanya. Bishitse, naragerageza kubegera kugira ngo ndushirize gutahura imico yabo. Vyongeye, narihase cane kugira ngo ndushirize kubakunda no kubatahura. Ndahimbarwa no kubona ako kigoro nagize katumye nironkera abagenzi benshi bamfasha kwihangana mu gikorwa ndangura.”

Ute

Uwitwa Ute wo mu Budagi, ubu akaba arengeje gato imyaka 50, yarungitswe gukorera ubumisiyonari muri Madagaskari mu 1993. Avuga ati: “Mu ntango, naragize ingorane zo kwiga ururimi rwaho, kumenyera ikirere caho, kurwara malariya, amibe be n’izindi nzoka zo mu nda. Mugabo abandi baramfashije cane. Abavukanyikazi be n’abana babo hamwe n’abo nigisha Bibiliya, baramfashije kwiga ururimi babigiranye ukwihangana. Igihe naba ndwaye, umumisiyonari twakorana yaranyitwararika cane. Ariko ikiruta vyose, Yehova yaramfashije. Naguma ndamusenga, nkamusukira amaganya yanje. Naca ndindira inyishu nihanganye, rimwe na rimwe bikaba vyafata imisi canke amezi. Nta ngorane yanje n’imwe Yehova atatoreye umuti.” Ubu Ute amaze imyaka 23 akorera muri Madagaskari.

IMIHEZAGIRO BIRONKEYE

Cokimwe n’abandi bakorera ahari inkenero kuruta, bashiki bacu batarubaka izabo bakorera mu mahanga, akenshi baravuga yuko ico gikorwa gituma bironkera imihezagiro myinshi. None imwimwe muri iyo mihezagiro ni iyihe?

Heidi

Uwitwa Heidi wo mu Budagi, akaba arengeje gato imyaka 70, ni umumisiyonari muri Côte d’Ivoire kuva mu 1968. Avuga ati: “Ikintu kintera umunezero cane ni ukubona abana banje bo mu buryo bw’impwemu ‘babandanya kugendera mu kuri.’ Bamwe mu bo nigishije Bibiliya, ubu ni abatsimvyi abandi ni abakurambere. Benshi muri bo banyita mawe abandi na bo nyogokuru. Umwe muri abo bakurambere be n’umukenyezi wiwe hamwe n’abana babo, bamfata nk’uwo mu muryango wabo. Urumva rero ko Yehova yampaye umuhungu, umukazana n’abuzukuru batatu.”—3 Yoh. 4.

Karen (hagati)

Karen wo muri Kanada, arengeje gato imyaka 70, akaba yamaze imyaka irenga 20 akorera muri Afrika yo mu Burengero. Avuga ati: “Igikorwa c’ubumisiyonari caranyigishije kwitanga cane, gukunda abandi no kwihangana. Vyongeye, gukorana n’abandi bo mu bihugu bitandukanye vyaratumye nuguruka. Narize yuko ikintu kimwe gishobora gukorwa mu buryo butandukanye. Ese ukuntu ari umuhezagiro kwironkera abagenzi beza hirya no hino kw’isi! Naho bamwebamwe tutakiri kumwe, ubugenzi bwobwo burabandanya.”

Margaret wo mu Bwongereza yegereje imyaka 80. Yarabaye umumisiyonari muri Laos. Yigana ati: “Gukorera mu mahanga vyatumye nibonera ukuntu Yehova akwegēra mw’ishirahamwe ryiwe abantu bo mu moko yose no mu mico kama yose. Ivyo vyarakomeje cane ukwizera kwanje. Biratuma njijuka rwose ko Yehova ariko arayobora ishirahamwe ryiwe be n’uko imigambi yiwe izoranguka.”

Ego cane, bashiki bacu batubatse bakorera mu mahanga, barakoze birashimwa mu murimo wa Yehova. Ni abo gukezwa cane. (Abac. 11:40) Ikigeretseko, igitigiri cabo kiguma ciyongera. (Zab. 68:11) Woba nawe ushobora kugira ivyo uhinduye kugira ngo wigane abo bashiki bacu b’abanyamwete bavuzwe muri iki kiganiro? Niwabigira, nta nkeka ko ‘uzohonja, ukibonera ko Yehova aryoshe.’—Zab. 34:8.