Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | KUBERA IKI TWOBA IMVUGAKURI?

Ingaruka zivamwo

Ingaruka zivamwo

“Hama hariho ibintu bitoroshe bishobora gutorerwa umuti n’akanyoma gatoya.”​—Samantha wo muri Afrika y’Epfo.

Woba wemera ayo majambo? Cokimwe na Samantha, twese birashika tugahangana n’ibintu bitoroshe. Uko tuvyifatamwo igihe dushikiwe n’ibintu bituma twumva twobesha ni vyo vyerekana ingingo ngenderwako twisunga. Nk’akarorero, nimba uko abandi batubona ari vyo bihambaye, hari aho twobona ko kubesha vyodufasha kuguma tuboneka neza. Ariko rero igihe ukuri kugiye ahabona, kenshi kubesha bidukwegera ingaruka mbi. Raba zimwezimwe.

UKUBESHA KURASENYURA UBUGENZI

Ubugenzi bushingiye ku kwizigirana. Igihe abantu babiri bizigirana bituma bumva batekaniwe. Ariko ivyo ntibipfa kwizana. Kwizigirana kuva ku kuba abo bantu bamarana umwanya, bakavugana ukuri kandi bakitwararikana. Naho biri ukwo, ikinyoma kimwe gusa kirashobora gutuma ukwo kwizigirana gukamangana. Kandi ivyo biratuma bigora gusubira kwizigirana.

Woba urahemukirwa n’uwitwa ko ari umugenzi? Nimba vyarashitse, wumvise umerewe gute? Nta gukeka ko wababaye mbere uravunika umutima. Kandi birumvikana. Ntawoharira ko kubesha vyoshobora gusenyura ubucuti bwari bukomeye.

KUBESHA BIRANDUKIRA

Mu cigwa cagizwe na Robert Innes, umwigisha kuri kaminuza yo muri Kaliforniya, yasanze “ububeshi bwandukira.” Vyogereranywa n’umugera. Uko urushiriza kugiriranira imigenderanire n’umuntu abesha, birashoboka cane ko nawe “wandukirwa.”

Wokwirinda gute kugwa muri uwo mutego? Bibiliya irashobora kugufasha. Turakwingize urabe impanuro Bibiliya itanga.