Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UMUNARA W’INDERETSI No 1 2018 | Bibiliya yoba igihuje n’igihe tugezemwo?

BIBILIYA YOBA IHUJE N’IGIHE TUGEZEMWO?

Ubu mw’isi hari agafyo k’amakuru yo mu buhinga bugezweho. None Bibiliya yoba ari iya kera cane ku buryo itaba igihuje n’igihe? Bibiliya ivuga iti:

“Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro.”​—2 Timoteyo 3:16.

Uwu Munara w’Inderetsi urarimbura ukuntu Bibiliya ishobora kutuyobora mu mice yose y’ubuzima, nk’uko ibivuga.

 

Kwisunga Bibiliya vyoba bihuje n’igihe tugezemwo?

Ni kuki twokwisunga igitabu haheze imyaka hafi 2.000 canditswe, mu gihe hari agafyo k’amakuru agezweho?

Ivyo Bibiliya itwigisha vyama biranga ubukerebutsi

Naho abantu basigaye bazi vyinshi, ivyo Bibiliya itwigisha ntivyataye igihe namba. Ahubwo riho, Bibiliya irimwo impanuro n’ingingo ngenderwako ngirakamaro kandi zitigera zita igihe.

Yoba yarataye igihe canke ivuga ibintu imbere y’igihe?

Naho Bibiliya atari igitabu c’ivya siyansi, irimwo ibintu bijanye na siyansi vyogutangaza.

1 Iradufasha kwirinda ingorane

Rimbura ukuntu ubukerebutsi bwo mw’Ijambo ry’Imana bwafashije abantu kwirinda ingorane zimwezimwe zo mu buzima zikomeye cane.

2 Iradufasha gutorera umuti ingorane

Bibiliya iratubwira ingene twotorera umuti ingorane zitesha umutwe kandi zidahera, nko kwiganyira birenze urugero, kuba nzobandabikora no kwicwa n’irungu.

3 Iradufasha guhangana n’ingorane

Twokora iki igihe hari ingorane tudashobora kwirinda canke gutorera umuti, nk’indwara idakira canke ukubura?

Bibiliya iragufasha gutegura kazoza

Ijambo ry’Imana riradufasha kuvyifatamwo neza mu biba biduhanze, ni ukuvuga ingorane za misi yose zidushikira muri iyi si iguma ihindagurika. Ariko si ivyo gusa. Bibiliya kandi iratumurikira tukabona n’ivyo muri kazoza.

Uvyibazako iki?

Rimbura ivyo bamwebamwe bemera be n’ivyo Bibiliya ubwayo yigisha ku bijanye n’ico kibazo.