Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU

Nari umuntu yadundumiwe kandi yitwaza igikenye

Nari umuntu yadundumiwe kandi yitwaza igikenye
  • YAVUTSE MU 1974

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: MEGIZIKE

  • KAHISE: UMUYABAGA YAKORESHA IGIKENYE, YARI MU MIRWI Y’ABARWANIRA MU MABARABARA

KAHISE KANJE:

Navukiye i Ciudad Mante, kakaba ari akarere gateye igomwe ko muri leta ya Tamaulipas, muri Megizike. Muri rusangi, abantu bo muri ico gisagara barakundana kandi bafise umutima mwiza. Ikibabaje ni uko hari akaga gakomeye kubera imigwi y’inkozi z’ikibi ihari.

Nari uwugira kabiri mu bahungu bane. Abavyeyi banje bambatirishije muri gatolika, mu nyuma nca mba umuririmvyi mw’ikorare ya paruwasi. Nashaka guhimbara Imana kubera natinya cane ko yompana, ikanterera mu muriro udahera.

Igihe nari mfise imyaka itanu, dawe yaradutaye. Ivyo vyatumye nicwa n’intuntu be n’agahinda. Sinashobora gutahura icatumye aduheba kandi twaramukunda cane. Mawe yabwirijwe gukora amasaha menshi hanze kugira aronke ikidutunga, uko twari abahungu bane.

Naciye mboneraho guta ishure kugira nifatanye n’abana bankurira. Baranyigishije kurahira, kunywa itabi, kwiba, no gukubitana ingumu. Kubera ko nakunda kwiganza, naciye niga uburyo butandukanye bwo kurwana no gukoresha ibirwanisho. Nahavuye mba umuyabaga yitwaza igikenye. Akenshi naba ndi mu barasana, kandi incuro nyinshi baranta ku nzira ndi intere, nuzuyeko amaraso. Ese ukuntu mawe yicwa n’intuntu asanze meze gutyo, agaca anterura akanjana mu bitaro!

Igihe nari mfise imyaka 16, hari umugenzi twakuranye yitwa Jorge yaje iwacu. Yatubwiye ko ari Icabona ca Yehova kandi ko yipfuza kutubwira ubutumwa buhambaye. Yabanje kutubwira ivyo yemera, akoresheje Bibiliya. Sinari bwigere ndayisoma, kandi narahimbawe no kumenya izina ry’Imana be n’imigambi yayo. Jorge yaciye atubaza nimba twoshima ko atwigisha Bibiliya, maze turavyemera.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE:

Nararuhuriwe cane ku mutima igihe namenya ko umuriro udahera atari inyigisho yo muri Bibiliya. (Zaburi 146:4; Umusiguzi 9:5) Sinasubiye gutinya Imana mu buryo butabereye. Ahubwo riho, naciye ntangura kubona ko ari Umuvyeyi w’urukundo yipfuriza ineza abana biwe.

Uko natera imbere mu kwiga Bibiliya, ni ko nabona ko nkwiye guhindura kamere nari mfise. Nari nkeneye kwicisha bugufi no guheba ivyo kurwana. Impanuro iri mu 1 Abakorinto 15:33, yaramfashije cane. Igira iti: “Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.” Naratahuye ko kugira mpindure kamere zanje, ntegerezwa kuvavanura n’abantu banyosha nabi. Abagenzi ba kera naciye ndabasubiriza abagize ishengero rya gikirisu ry’ukuri, kuko bobo batunganya ingorane bafitaniye mu kwisunga impanuro zo muri Bibiliya, aho gutana mu mitwe.

Iyindi mirongo yo muri Bibiliya yamfashije cane ni Abaroma 12:17-19. Hagira hati: “Ntihagire n’umwe mwishura ikibi ku kindi. . . . Nimba bishoboka, uko bivana namwe kwose, mubane amahoro n’abantu bose. Ntimwihore, . . . kuko vyanditswe ngo: ‘“Uguhōra ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza umuntu mu nkoko,” ni ko Yehova avuga.’” Nahavuye ntahura ko Yehova azokuraho akarenganyo mu buryo abona ko bubereye no ku gihe kibereye. Buhorobuhoro, naratsinze agatima ko kurwana.

Sinzokwibagira ivyashitse umusi umwe ku mugoroba ndiko ndataha. Umugwi w’imisore yari mu kagwi twahoze tudacana uwaka yarangavyeko igitero. Umukuru wabo yarankubise mu mugongo, aca ambwira ankankamira ati: “Vyura umutwe turabe!” Naciye ntura Yehova isengesho rigufi, ndamusaba ngo amfashe kwihanganira ico gitero. Naho numvise nshaka cane kwivuna, narabiyatse nca nkura meza. Bukeye, narahuye n’umukuru w’ako kagwi ari wenyene. Naciye ndibwaribwa nshaka kwihora, ariko na ho nyene ndasaba Yehova mu gacerere ngo amfashe kwigumya. Naratangaye mbonye uwo musore aciye aza imbere yanje ambwira ati: “Mbabarira ku vyabaye ejo ku mugoroba. Sha, icompa nkamera nkawe. Ndipfuza kwiga Bibiliya.” Emwe, narahimbawe kubona narashoboye kwigumya! Ivyo vyatumye na we nyene atangura kwiga Bibiliya.

Ikibabaje ni uko mu muryango wacu ata wundi yabandanije kwiga Bibiliya ico gihe. Ariko rero, nari niyemeje kubandanya niga no kutareka ngo hagire umuntu n’umwe canke ikintu na kimwe kimbuza. Nari nzi ko kuguma nifatanya n’abasavyi b’Imana vyomvuye ibikomere vyo mu mutima kandi bigatuma ndonka umuryango nari nkeneye. Narabandanije gutera imbere, maze mu 1991 ndabatizwa, mba Icabona ca Yehova.

IVYIZA NAHAKUYE:

Nahoze ndi umuntu yadundumiwe, yiganza kandi yitwaza igikenye. Mugabo Ijambo ry’Imana ryarampinduye rwose. Ubu ndabwira ubutumwa bw’amahoro bwo muri Bibiliya uwushoboye kuntega amatwi wese. Muri iyi myaka 23 iheze, naratewe agateka ko gukora umwanya munini nitanga mu bikorwa bijanye n’ugusenga.

Naramaze igihe nkora ku biro vy’Ivyabona vya Yehova muri Megizike. Ng’aho, naramenyanye n’umwigeme yitwa Claudia, akaba yari umukirisu akerebutse, maze turubakana mu 1999. Ese ukuntu nkengurukira Yehova kubona yarandonkeje uwo mugenzi w’umwizigirwa!

Twarakoreye mw’ishengero ry’ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Megizike, tugafasha abatumva kwiga ivyerekeye Yehova. Mu nyuma twasabwe kwimukira i Belize kugira twigishe Bibiliya abantu bo muri ico gihugu. Naho ubuzima tubayemwo ng’aha bworoheje cane, turafise ivyo dukeneye vyose kugira ngo duhimbarwe. Nta na kimwe twobukaba.

Mawe yahavuye asubira kwiga Bibiliya, maze arabatizwa. Vyongeye, mukuru wanje, umugore wiwe n’abana biwe, ubu ni Ivyabona vya Yehova. Bamwebamwe mu bagenzi banje ba kera nabwiye ubutumwa bw’Ubwami, ubu na bo nyene barakorera Yehova.

Birababaje kubona hari abo mu muryango wacu bapfuye kubera banse guhindura agatima kabo k’ubunyamaswa. Iyo nza kuguma muri iyo nzira, hari aho na jewe mba ntakiriho. Ndakengurukira Yehova kubona yaranyiyegereje, akanyegereza n’abasavyi biwe, abanyigishije gukurikiza impanuro Bibiliya itanga, babigiranye ukwihangana n’umutima mwiza.