Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Narakiriye ukuri ntagira amaboko

Narakiriye ukuri ntagira amaboko

Iyo abantu bashaka kugwa, baca barondera ico bishimikiza. Jewe sinshobora kubigira kubera ko ntagira amaboko. Amaboko yanje bayaciye igihe nari mfise imyaka indwi, kugira ngo barokore ubuzima bwanje.

Mawe yamvyaye mu 1960 afise imyaka 17. Dawe yamutaye anyibungenze. Twe na mawe twabana na nyogokuru na sogokuru mu gasagara gatoya kitwa Burg, mu cahoze ari Republika iharanira demokrasi y’Ubudagi, ari ho mu Budagi bwo mu Buseruko. Abantu benshi muri ico gihugu bari abahakanamana, ushizemwo n’umuryango wanje. Imana nta co yari ivuze kuri twebwe.

Sogokuru yaranyitwararika cane. Yaza aramenyereza udukorwa tumwetumwe, nko kwurira ibiti ngaca amashami yavyo. Nkiri umwana narabikunda cane. Nta co nabura mu buzima kandi nari mpimbawe.

ISANGANYA RYAHINDUYE UBUZIMA BWANJE

Igihe nari mfise imyaka indwi, hari ikintu c’agacavutu canshikiye. Nari ntanguye umwaka wa kabiri w’ishure. Igihe kimwe ntashe i muhira, naruriye icuma c’umuyagankuba. Ngeze ku metero 8, narafashwe n’umuyagankuba nca ndata ubwenge. Igihe natora ubwenge ndi mu bitaro, amaboko yanje ntiyikoma. Yari yahiye aratokombera, ku buryo vyabaye ngombwa ko bayaca kugira ngo amaraso ntajemwo ubumara. Ntiworaba ukuntu mawe, sogokuru na nyogokuru bagize intuntu nyinshi! Ariko kubera ko nari umwana, sinatahura neza ingene gucika amaboko vyongizeko ingaruka zikomeye mu buzima.

Nsohotse ibitaro, naciye nsubira kw’ishure. Abandi bana barantwenga, bakansunura, bakantera ibintu kubera ko ntashobora kubasubiza. Narababazwa cane n’amajambo mabi bambwira be n’ukuntu bankengera. Nahavuye nja kw’ishure ry’i Birkenwerder, rikaba ryari nk’ishure ry’indaro rigenewe abana bagendana ubumuga. Kubera yuko ryari kure y’i muhira, ntivyakunda ko mawe be na sogokuru na nyogokuru baza kundaba. Twabonana gusa mu buruhuko. Mu nyuma, haraciye imyaka cumi tudasubiye kubonana.

INGENE NAKUZE NTAGIRA AMABOKO

Naciye niga gukora ibikorwa bimwebimwe nkoresheje amaguru. Iyumvire kurisha ifurusheti canke ikiyiko ukoresheje amano! Ariko nahavuye ndabimenyera. Narize no kwiyugumura be no kwisokoza nkoresheje amaguru. Mbere narize no kuyaga n’abantu nkoresheje ibimenyetso n’amaguru. Emwe, amaguru ni yo yari asigaye ari amaboko yanje!

Ngeze mu buyabaga, narakunda gusoma ibitabu vy’inkuru z’ibitito. Vyarashika nkiyumvira ko mfise amaboko y’ubuhinga buhanitse yotumye nkora ibintu vyose. Mfise imyaka 14, naciye ntagura kunywa itabi. Numva umenga bituma nihagararako, kandi nkumva meze nk’abandi. Ni nk’aho nibwira nti: ‘Erega na wewe urashoboye! Abanywi b’itabi baba ari abantu bakuze, naho boba bafise amaboko canke batayafise.’

Nahavuye nkora cane mu bijanye n’amashirahamwe. Narinjiye mu muhari w’urwaruka wegukira leta y’Ubudagi, ndaba umunyamabanga mu karere iwacu, ico kikaba cari igiti gikomeye. Narinjiye no mu mugwi w’abaririmvyi, ndatunganya ivyese, ndaja no mu vyo kwinonora imitsi kw’abagendana ubumuga. Aho mariye kwiga umwuga, naciye ntangura gukora mw’ikompanyi imwe yo mu gisagara iwacu. Maze gukura, akenshi naguma nambaye amaboko y’amaterano kubera ko nashaka kuba umuntu akwiye nk’abandi.

INGENE NAMENYE UKURI

Umusi umwe, igihe nari ndindiriye igariyamoshi kugira ngo nje ku kazi, nagiye mbona umugabo anyegera. Yarambajije ingene novyakira nka hamwe Imana yotuma nsubira kugira amaboko yanje. Nabaye nk’uwuzazaniwe. Ni ivy’ukuri yuko nipfuza gusubira kugira amaboko, ariko nabona ko ivyo ari indoto kandi ko bidashoboka! Kubera ko nari umuhakanamana, sinemera ko Imana ibaho. Kuva ico gihe, naciye ndaba ingene noza ndaca kure uwo mugabo.

Haciye igihe, hari umuntu twakorana yansavye ko noja kumuramutsa. Igihe twariko turafata agakawa, abavyeyi biwe baciye batangura kuvuga ivyerekeye Imana yitwa Yehova. Bwari bwo bwa mbere numva ko Imana ifise izina. (Zaburi 83:18) Ariko muri jewe navuga nti: ‘Nta mana iriho, icibagiwe co ni uko yoba ifise izina. Aba bantu nzobahinyuza!’ Naremeye ko tuganira kuri Bibiliya, kubera ko nabona ko nzobajijura. Ariko rero, vyarananiye gutanga ibimenyamenya vy’uko Imana itabaho.

Uko twagenda turasuzuma ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, ni ko nagenda ndajijuka ko Imana ibaho. Narabonye ko hari ibintu vyinshi Imana yari yaramenyesheje vyarangutse, naho nyene haba haciye imyaka amajana n’amajana vyanditswe canke mbere imyaka ibihumbi. Igihe kimwe, twarasuzumye ibivugwa muri Matayo ikigabane ca 24, muri Luka ikigabane ca 21 no muri 2 Timoteyo ikigabane ca 3, tubigereranya n’ukuntu ibintu bimeze kw’isi muri iki gihe. Kurya nyene ibimenyetso bitandukanye bishobora gufasha umuganga kumenya indwara umuntu arwaye, ibintu bitandukanye bivugwa muri ivyo bigabane vyaramfashije kubona ko tubayeho mu gihe Bibiliya yita “imisi ya nyuma.” * Emwe, narumiwe! Narabonye ko ivyo bintu biriko biraranguka.

Naciye njijuka yuko ivyo nariko ndiga vyari ukuri. Naratanguye gusenga Yehova Imana maze ndaheba kunywa itabi, naho nari maze imyaka irenga cumi ndi umuja waryo. Narabandanije kwiga Bibiliya nko mu kiringo c’umwaka. Ku wa 27 Ndamukiza 1986, narabatijwe mu kinyegero mu kibesani c’ubwogero kimeze nk’ubwato, kubera ko igikorwa c’Ivyabona vya Yehova cari kibujijwe mu Budagi bwo mu Buseruko.

INGENE MFASHA ABANDI

Kubera ko twaburabuzwa, twasengera mu mazu y’abantu turi mu migwi mitomito, akaba ari co gituma namenye abo dusangiye ukwemera bakeyi gusa. Mugabo ntari ndavyiteze, abategetsi baranyemereye kuja mu Budagi bwo mu Burengero, aho Ivyabona vya Yehova bari bemerewe gukora ku mugaragaro. Ari bwo bwa mbere mu buzima, naritavye ibikorane maze ndibonera abo dusangiye ukwemera ibihumbi n’ibihumbi. Emwe, ico kintu sinzopfa ndacibagiye!

Inyuma y’aho ca gihome c’i Berlin gisenyukiye, Ivyabona vya Yehova barasubiye gukora ku mugaragaro. Twaza twashobora gusenga Yehova Imana mu mwidengemvyo. Naripfuza kuvuga inkuru nziza nivuye inyuma. Ariko rero, naratinya kuyaga n’abantu tutamenyeranye. Narikengera bitumwe n’uko nagendana ubumuga, be n’uko imyaka myinshi y’ubuto bwanje nayimaze mu kigo c’abagendana ubumuga. Ariko mu 1992, mu kwezi kumwe naragerageje kumara amasaha 60 mvuga inkuru nziza. Narabishoboye kandi vyatumye ngira umunezero mwinshi. Naciye rero mara ikiringo c’imyaka nk’itatu ndabigira buri kwezi.

Nguma nibuka amajambo yo muri Bibiliya agira ati: “Ni nde agoyagoya nanje singoyagoye?” (2 Abakorinto 11:29) Naho ngendana ubumuga, ndacafise ubwenge n’umunwa wo kuvuga. Ni co gituma ngira uko nshoboye kwose kugira mfashe abandi. Kuba ntafise amaboko bituma ndushiriza gutahura abari n’ivyo badashoboye. Ndazi ingene bibabaza kwipfuza gukora ikintu mugabo ntubishobore. Ndagerageza kuremesha abantu nk’abo. Gufasha abandi muri ubwo buryo birampimbara.

Kubwira abandi inkuru nziza bituma ngira umunezero

YEHOVA ARAMFASHA BURI MUSI

Ariko ntabeshe, birashika nkihebura. Ndipfuza kuba umuntu akwiye nk’abandi. Naho hari ibintu vyinshi nshobora gukora mu buzima bwa misi yose, biramfata umwanya munini, bikansaba akigoro be n’inguvu nyinshi cane. Buri musi, icivugo canje ni: “Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.” (Abafilipi 4:13) Ku musi ku musi, Yehova arampa inkomezi zituma nkora udukorwa twa misi yose. Naratahuye ko Yehova atigeze ampeba, akaba ari co gituma nanje ntipfuza kuzokwigera ndamuheba.

Yehova yarandonkeje umuryango, ico kikaba ari ikintu ntigeze ndonka mu buto bwanje. Umugore wanje Elke ni igitangaza! Arangwa n’urukundo be n’ikibabarwe. Ikigeretseko, ubu mfise abavukanyi b’Ivyabona vya Yehova amamiliyoni, akaba ari umuryango ukwiye kw’isi yose.

Ndi kumwe n’umukenyezi wanje w’umunyarukundo Elke

Vyongeye, ndaremeshwa n’umuhango Imana yatanze w’uko izozana Iparadizo, aho ‘ibintu vyose izobigira bishasha,’ harimwo n’amaboko yanje. (Ivyahishuwe 21:5) Iyo nzirikanye ivyo Yezu yakoze igihe yari kw’isi, nca ndushiriza gutahura uwo muhango. Igihe kimwe yarakijije umuntu yari amugaye, mbere aranasubizako ugutwi kw’umuntu kwari kwacitse. (Matayo 12:13; Luka 22:50, 51) Ivyo Yehova yasezeranye be n’ibitangaro Yezu yakoze, vyaratumye nshira amazinda yuko vuba nzosubira kuba umuntu akwiye.

Ariko ikiruta vyose, ni uko namenye Yehova Imana. Ubu ni Dawe akaba n’umugenzi wanje, ni uruhoza rwanje akaba n’inkomezi zanje. Niyumva nk’Umwami Dawidi, uwanditse ati: “Yehova ni we nkomezi zanje . . . naratabawe, ku buryo umutima wanje wigina.” (Zaburi 28:7) Ukwo kuri kw’agatangaza ni kwo nipfuza kwishimikiza ubuzima bwanje bwose. Nakwakiriye ntagira n’amaboko!

^ ing. 17 Wipfuza kumenya ido n’ido ku bijanye n’ikimenyetso c’uko turi mu misi ya nyuma, raba igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, ikigabane ca 9 kivuga ngo “Twoba turi mu ‘misi ya nyuma’?”, casohowe n’Ivyabona vya Yehova, kikaba kiboneka no ku rubuga www.dan124.com.