Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Umuntu yatanguye kunywa urumogi rwitwa marijuwana be n’itabi akiri muto yaronse gute inkomezi zo kuvavanura n’iyo ngeso? Ni igiki catumye umuntu w’inkazi yari mu kagwi k’inkozi z’ikibi ashobora gucungera ishavu ryiwe no kurengera urwanko rushingiye kw’ibara ry’urukoba? Rimbura ivyo umwumwe wese muri bo yivugira.

IBIMURANGA

IZINA: HEINRICH MAAR

IMYAKA: 38

IGIHUGU: KAZAKISITANI

IVYO YACIYEMWO: YARI YARIZIZIWE N’URUMOGI RWITWA MARIJUWANA BE N’ITABI

KAHISE KANJE: Navukiye mu Bumanuko bwa Kazakisitani, nko ku bilometero 120 uvuye mu gisagara ca Tashkent. Muri ako karere mu ci usanga isi ituragaye kandi hashushe, urugero rw’ubushuhe rukaba rushika kuri dogere 45, mu rushana na ho rukagabanuka gushika kuri dogere 10 munsi y’ubusa, ivyo bikaba ari ibihe vyiza vyo guteramwo inzabibu hamwe n’urumogi rwitwa marijuwana.

Abavyeyi banje baturuka mu Budagi. Bompi bari abakirisu bo mw’idini ryitwa Evangélique yamara bitaho buhoro ivy’iryo dini ryabo. Ariko rero, baranyigishije gusubiramwo ku mutwe ca gisabisho ca Dawe wa twese. Igihe nari mfise imyaka 14, mawe hamwe na mushikanje mukuru baramaze igihe gito bigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Umusi umwe, narumvise ivyo Vyabona babiri bigana na mawe bariko baramwereka izina ry’Imana, ari ryo Yehova, muri Bibiliya yiwe bwite yari ishaje. Ivyo vyarankoze ku mutima. Mawe yarahagaritse kwiga, bica bituma ukuntu nashimishwa n’ibijanye n’ivy’Imana kugarukira aho. Ariko rero, haciye igihe ndi kw’ishure, umwigisha wacu yaratubwiye ubwoko bwose bw’inkuru z’ikinyoma yari yarumvise ku bijanye n’abo bita ngo ni akadumbi k’Ivyabona vya Yehova. Kubera yuko nari naritavye amakoraniro makeya y’Ivyabona vya Yehova njanye na mushikanje, naciye mbwira uwo mwigisha wanje yuko ivyo bintu yariko aravuga bitari ivy’ukuri.

Igihe nakwiza imyaka 15, nararungitswe i Leningrad, ubu hakaba hitwa St. Petersburg, mu Burusiya, kugira ngo nje kwiga umwuga. Narabwiye abo twari dusangiye icumba utuntu dukeya nari narize ku bijanye na Yehova. Yamara rero, naratanguye kunywa itabi. Igihe naba nagiye kuramutsa ab’i muhira muri Kazakisitani, vyaba vyoroshe ko ngura marijuwana, naho vyari bibujijwe n’amategeko. Vyongeye, naranywa nkarenza urugero inzoga yitwa vodka be n’umuvinyu twahingurira i muhira.

Nararangije ishure ry’imyuga maze nca nja kumara imyaka ibiri mu gisoda c’Abasoviyeti. Ariko rero, bimwebimwe mu bintu vy’ukuri nari narize nisunze Bibiliya igihe nari nkiri muto ntivyamvuyemwo. Igihe uturyo twaba tubonetse, narayagira abasoda bagenzanje ivyerekeye Yehova nkongera nkaburanira Ivyabona igihe baba bariko bavuga ibinyoma ku biberekeye.

Maze kurangiza umurimo wa gisirikare, naciye nimukira mu Budagi. Igihe nari mw’ikambi ryashikiramwo abantu baba baje bava mu bindi bihugu, nararonse igitabu kimwe cakoreshwa mu kwiga Bibiliya casohowe n’Ivyabona. Naragisomye ndabigiranye umwete mwinshi maze ndabona ko ivyo cavuga kwari ukuri. Yamara, sinashobora kuvavanura n’itabi be na marijuwana vyari vyaranyiziziye. Haciye igihe gitoya narimukiye mu micungararo y’igisagara ca Karlsruhe. Narahahuriye n’Icabona ca Yehova, maze aca aratangura kunyigisha Bibiliya.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Nari maze igihe kirekire mbona ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana. Maze gusoma ca gitabu nari nararonse cakoreshwa mu kwiga Bibiliya na ho, naciye njijuka ko Bibiliya yishura ibibazo bihambaye vyose umuntu yokwibaza mu buzima. Naho ari ukwo, vyarantwaye igihe kugira ngo nshobore guhindura ingeso zanje. Nahavuye mfata nka nkama impanuro yo muri Bibiliya dusanga mu 2 Abakorinto 7:1 maze ngira umwiyemezo wo kwiyuhagira “ubuhumane bwose bw’umubiri n’umutima,” ivyo bikaba vyasobanura guheba marijuwana n’itabi.

Narashoboye guca mpagarika kunywa marijuwana hafi ubwo nyene. Ariko vyatwaye amezi atandatu yose kugira ngo mvavanure n’akamenyero ko kunywa itabi. Umusi umwe Icabona yanyigisha Bibiliya yarambajije ati: “Ubuzima bwawe bufise intumbero iyihe?” Ivyo vyatumye nzirikana vy’ukuri ku bijanye n’ingene itabi ryari ryaranyiziziye. Nari naragerageje incuro zitari nke guhagarika gutumura itabi. Ariko rero ico gihe hoho, naciye mfata ingingo yo kuza ndasenga imbere yo gufata itabi aho kuza ndasaba Imana ikigongwe maze kuritumura. Mu 1993, narashinze umusi nohagarikiyeko gutumura itabi. Ndabifashijwemwo na Yehova, kuva ico gihe sindasubira gukora kw’itabi.

IVYIZA NAHAKUYE: Kubera yuko nakize ukwizizirwa na marijuwana be n’itabi bizimvye kandi vyonona amagara, ubu mfise amagara arushirije kuba meza. Ubu ndafise agateka ko kuba umukozi akora avyishakiye wo ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo mu Budagi. Emwe, ndahimbarwa cane no kuba narize gushira mu ngiro mu buzima bwanje impanuro ziranga ubukerebutsi dusanga muri Bibiliya! Kumenya ivyo Bibiliya yigisha vyaratumye ubuzima bwanje bugira intumbero nyakuri.

IBIMURANGA

IZINA: TITUS SHANGADI.

IMYAKA: 43

IGIHUGU: NAMIBIYA

IVYO YACIYEMWO: UMUNTU W’INKAZI YARI MU KAGWI K’INKOZI Z’IKIBI

KAHISE KANJE: Nakuriye mu kigwati co hagati mu gihugu mu karere ka Ohangwena ko mu Buraruko bwa Namibiya. Abantu bo mu kigwati c’iwacu bari barasinzikajwe bongera baricwa mu kiringo c’intambara yabereye muri ako karere mu myaka ya 1980. Mu kigwati iwacu, umwana w’umuhungu yabonwa ko ari umugabo igihe gusa yaba azi kurwana kandi akaba ashobora kunesha abandi bana. Emwe, nanje narize kurwana pe!

Igihe naheza ishure, naciye nja kubana na marume mu gisagara ca Swakopmund cari ku nkengera y’ikiyaga. Maze igihe gitoya ndahashitse, naciye nja mu kagwi k’inkozi z’ikibi kari kagizwe n’imisore y’abagarariji. Twarashobora kuja mu bibanza abirabure batahabwamwo nirwere mu gisagara, nko mu mahoteli no mu bubare, kugira ngo gusa tuje gusomborotsa intambara. Mu bihe bitari bike, twararwana n’abacungera umutekano be n’abapolisi. Imisi yose mw’ijoro nagenda nitwaje ikibugita kirekire gikarishe canke umupanga, kugira ngo mbe niteguriye gusimbira ku muntu wese twaba duhuye.

Umusi umwe mw’ijoro igihe twariko turatana mu mitwe n’akagwi k’inkozi z’ikibi k’abakeba, nagarukiye ku munwa w’icobo. Umuntu yari muri ako kagwi twariko turatana mu mitwe yaranturutse inyuma, kandi yagira ance umutwe igihe mugenzanje yaca amukubita araraba. Naho nagarukiye ku munwa w’icobo, nagumye ndi inkazi cane mu buzima. Bishitse tugaharira n’umuntu uwo ari we wese, yaba umugabo canke umugore, ni jewe nama namubanje ingumu.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Igihe nahura n’Icabona ca Yehova ari bwo bwa mbere, uwo mukenyezi yaransomeye imirongo akuye muri Zaburi ya 37 maze aca ambwira yuko igitabu co muri Bibiliya c’Ivyahishuwe kirimwo n’iyindi mihango myiza igitangaza yerekeye kazoza. Ariko kubera yuko atavuze aho iyo mihango iri muri ico gitabu, nararondeye Bibiliya maze muri iryo joro ndasoma igitabu cose c’Ivyahishuwe. Narashimye umuhango nasomye mu Vyahishuwe 21:3, 4 w’uko “urupfu [ruta]zokwongera kubaho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare [bita]zokwongera kubaho.” Igihe ivyo Vyabona bagaruka, naremeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya.

Vyari bigoye cane guhindura ivyiyumviro vyanje be n’ivyo nakora. Ariko mu Bikorwa 10:34, 35 haranyigishije yuko “Imana itagira nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi [imwemera].” Narakoze kandi ukwo nshoboye kwose kugira ngo nshire mu ngiro ibivugwa mu Baroma 12:18, ahavuga hati: “Nimba bishoboka, uko bivana namwe kwose, mubane amahoro n’abantu bose.”

Uretse ko nategerezwa kwiga gucungera ishavu ryanje, nategerezwa kandi kuvavanura n’itabi ryari ryaranyiziziye cane. Akenshi, narasenga Yehova amosozi yuzuye mu maso, ndamusaba ngo amfashe. Ariko rero, biboneka ko mu ntango nakora ibintu mu buryo butari bwo, nkaba navuga ko ndiko nywa itabi nita ko ari ryo rya nyuma, mu nyuma ngaca nsenga. Ca Cabona yanyigisha Bibiliya yaramfashije kubona agaciro ko gusenga imbere yo gutora itabi. Nari nkeneye kandi kwirinda kuja hafi y’abariko baranywa itabi. Vyongeye, narakurikije inama nagiriwe yo kubwira abo twakorana ukuntu kunywa itabi ari bibi. Ivyo vyaramfashije vy’ukuri, kuko vyatumye ntaza ndaronka amatabi ya gusa, ni ukuvuga ko abandi banywa itabi ku kazi batokwongeye kuza bararimpa.

Nahavuye mpeba kunywa itabi ndongera ndavavanura n’uburyo nari nahoze mbayeho. Inyuma y’amezi atandatu namaze niga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya nongera ndazishira mu ngiro, narakwije ibisabwa vyo kubatizwa ndacika Icabona ca Yehova.

IVYIZA NAHAKUYE: Narajijutse ko Ivyabona vya Yehova bari mw’idini ry’ukuri igihe nabona urukundo rwigaragaza muri bo, naho baba bafise ubwoko ubuhe canke ibara ry’urukoba irihe. Mbere n’imbere y’uko mbatizwa ngacika Icabona, hari umwe mu bagize ishengero w’umuzungu yantumiye i muhira iwe kugira ngo dusangire akajumbu. Ivyo vyari nk’indoto. Imbere y’aho sinari bwigere nicarana mu mahoro n’umuzungu, ikitovugwa co ni ugusangira na we akajumbu turi mu rugo iwe. Ico gihe nari mu bagize umuryango nyakuri w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose.

Muri kahise, abacungera umutekano be n’abapolisi bari baragerageje kumpatira guhindura ivyo niyumvira be n’ivyo nakora, ariko ntibabishoboye. Bibiliya yonyene ni yo yagize ububasha bwo kumfasha guhindura kamere maze ncika umuntu ahimbawe.

[Iciyumviro ku rup. 29]

“Akenshi, narasenga Yehova amosozi yuzuye mu maso, ndamusaba ngo amfashe”