Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Amahera yoba ari yo sôko ry’agahimbare nyakuri?

Amahera yoba ari yo sôko ry’agahimbare nyakuri?

Amahera yoba ari yo sôko ry’agahimbare nyakuri?

SONIA yavukiye muri Esupanye. Akiri umwana, yaritaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova ari kumwe na nyina wiwe. Ariko amaze gukura, yaciye yimukira i Londres mu Bwongereza, maze ahava aratangura gukora mu vyerekeye urudandaza rujanye no guhuza abantu bagiranira amasezerano y’ivy’amahera.

Sonia yarakunda akazi yakora. Yararonka amahera menshi cane kandi yarakontorora ifakara ry’amahera y’abakiriya b’aho yakora. Vyaramuhimbara cane kandi ibintu vyamugendera neza ku kazi. Sonia yama akora amasaha 18 ku musi kandi rimwe na rimwe yaryama amasaha abiri canke atatu gusa mw’ijoro. Mu buzima bwiwe nta kindi womubwiye atari akazi yakora. Maze bukwi na bukwi, ubuzima bwiwe bwarahindutse bimwe bikomeye. Sonia yarafashwe n’indwara ikomeye yonona ubwonko, kumbure ikaba yari ingaruka y’ukuba yama ahagaritse umutima cane. Yari afise imyaka 30 gusa.

Sonia yaramugaye uruhande rumwe rwose rw’umubiri, kandi abaganga ntibari bazi neza yuko yokwigeze asubira kuvuga. Nyina yaciye ubwo nyene aja mu Bwongereza kugira ngo amwitwararike. Igihe Sonia yatangura gusubira gutambuka, nyina yamubwiye ati: “Mpava nja ku makoraniro y’ishengero kandi ntegerezwa kukujana kuko ntashobora kugusiga wenyene.” Sonia yaremeye kujana na we. None vyavuyemwo iki?

Sonia aravuga ivyo yibuka ati: “Ibintu vyose numvise vyagaragara ko ari ukuri. Vyari bihimbaye cane. Naremeye n’umunezero mwinshi kugirirwa inyigisho ya Bibiliya n’umwe mu bantu benshi bandamukije igihe naja ku Ngoro y’Ubwami ari bwo bwa mbere. Abahoze ari abagenzi banje barahagaritse kungendera, ariko abagenzi banje bashasha bari bafise igishika kandi baranyitwararika.”

Buhorobuhoro, Sonia yaratanguye gusubira kuvuga, kandi yarateye imbere n’ingoga na n’ingoga no mu bijanye n’ukwiga Bibiliya. Mu kiringo kidashika umwaka umwe, yarabatijwe. Benshi mu bagenzi biwe bashasha bari mu busuku bwa gikirisu bw’igihe cose, kandi yarashobora kubona ukuntu bari bahimbawe. Sonia yibwiye ati: ‘Na jewe ndipfuza kumera nka bo. Ndipfuza guha Yehova Imana ivyo nshoboye vyose!’ Ubu Sonia akora ubusuku bw’igihe cose.

None ni ibiki Sonia yigiye ku vyamushikiye? Avuga ati: “Naho nariko ndaronka amahera menshi cane, uguta umutwe be n’ugutinya ko nova mu kazi vyatuma mpagarika umutima nkongera nkabura agahimbare. Naratahuye yuko ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose mu buzima ari ukugiranira ubucuti bwiza n’Umuvyeyi wanje wo mw’ijuru Yehova. Ubu ndahimbawe vy’ukuri.”

Intumwa Paulo yanditse ati: “Ugukunda amahera [ni] umuzi w’ubwoko bwose bw’ibintu bibi, kandi mu kurondera gushikira urwo rukundo bamwe barazimijwe bava ku kwizera, bitobekeranisha hose imibabaro myinshi.” (1 Timoteyo 6:10) Sonia arashobora kwemeza neza ko ayo majambo ari ay’ukuri.