Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Womenya gute ugusenga kw’ukuri?

Womenya gute ugusenga kw’ukuri?

Niwige Ijambo ry’Imana

Womenya gute ugusenga kw’ukuri?

Iki kiganiro kirabaza ibibazo woba umaze kwibaza, kikerekana aho ushobora kwisomera inyishu zavyo muri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kuyaga nawe kuri izo nyishu.

1. Hoba hari idini ry’ukuri rimwe gusa?

Yezu yigishije abayoboke biwe idini rimwe gusa, ni ukuvuga idini ry’ukuri. Rimeze nk’inzira, ikaba ari inzira ijana mu buzima. Ku bijanye n’iyo nzira, Yezu yavuze ati: “Bake ni bo bayitora.” (Matayo 7:14) Imana yemera gusa ugusenga gushingiye kw’Ijambo ryayo ry’ukuri. Abasenga Imana b’ukuri bose bunze ubumwe mu kwizera kumwe.​—Soma Yohani 4:23, 24; 14:6; Abanyefeso 4:4, 5.

2. Kubera iki hari amadini menshi cane avuga ko ari aya gikirisu?

Abahanuzi b’ikinyoma barononye ubukirisu bongera barabukoresha mu kwironderera inyungu zabo bwite. Nk’uko Yezu yari yarabivuze, biyerekana ko ari “intama” ziwe mugabo bagakora nk’amabingira ashonje. (Matayo 7:13-15, 21, 23) Ubukirisu bw’ikinyoma bwatanguye canecane intumwa za Yezu zimaze gupfa.​—Soma Ivyakozwe 20:29, 30.

3. Ni ibintu bimwebimwe ibihe biranga ugusenga kw’ukuri?

Abasenga Imana b’ukuri barubaha Bibiliya bakabona ko ari Ijambo ry’Imana. Barihatira kubaho bisunga ingingo ngenderwako zayo. Idini ry’ukuri rero si idini ryisunga ivyiyumviro vy’abantu. (Matayo 15:7-9) Abasenga Imana b’ukuri ntibigisha ibintu ngo bace bakora ibitandukanye na vyo.​—Soma Yohani 17:17; 2 Timoteyo 3:16, 17.

Idini ry’ukuri riratera iteka izina ry’Imana, ari ryo Yehova. Yezu yaramenyekanishije izina ry’Imana. Yarafashije abantu kumenya Imana yongera arabigisha gusenga basaba ngo izina ryayo ryezwe. (Matayo 6:9) Aho uherereye, ni idini irihe riremesha abantu gukoresha izina ry’Imana?​—Soma Yohani 17:26; Abaroma 10:13, 14.

4. Womenya gute abasenga Imana b’ukuri?

Abakirisu b’ukuri barigisha abantu Ubwami bw’Imana. Imana yararungitse Yezu ngo aze kwigisha abantu ubwo Bwami. Ubwami bw’Imana ni bwo bwonyene abantu bakwiye kwizigira. Yezu yarabandanije kubwira abantu ivyabwo gushika apfuye. (Luka 4:43; 8:1; 23:42, 43) Yabwiye abayoboke biwe ngo bamamaze ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Hagize uwukwegera kugira akubwire ivy’Ubwami bw’Imana, uca ubona ko ashobora kuba ari uwo mw’idini irihe?​—Soma Matayo 10:7; 24:14.

Abayoboke ba Yezu si ab’iyi si mbi. Ntibagira uruhara mu vya politike no mu matati yo mu kibano. (Yohani 17:16) N’ikindi kandi, ntibigana ingeso mbi n’inyifato mbi vy’iyi si.​—Soma Yakobo 1:27; 4:4.

5. Ni ikintu nyamukuru ikihe kiranga abakirisu b’ukuri?

Abakirisu b’ukuri barakundana bimwe bidasanzwe. Barigishijwe n’Ijambo ry’Imana kwubaha abantu b’ubwoko bwose. Naho idini ry’ikinyoma usanga kenshi rishigikira cane intambara z’ibihugu, abasenga Imana b’ukuri bobo nta vyo bagira. (Mika 4:1-4) Ahubwo riho, abo mw’idini ry’ukuri baritanga bagakoresha umwanya wabo n’uburyo bwabo kugira bafashe abandi bongere babaremeshe.​—Soma Yohani 13:34, 35; 1 Yohani 4:20, 21.

Ivyabona vya Yehova uko bagize umugwi baramaze kwerekana ko bashingira inyigisho zabo zose kw’Ijambo ry’Imana, ko batera iteka izina ryayo be n’uko bamamaza Ubwami bw’Imana bigisha yuko ari bwo abantu bakwiye kwizigira. Baragaragaza urukundo kandi ntibashigikira intambara.​—1 Yohani 3:10-12.

Ushaka kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 15 c’iki gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Ifoto ku rup. 16]

“Batura icese yuko bazi Imana, mugabo bakayihakanisha ibikorwa vyabo.”​—Tito 1:16