Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IVYOTUMA MU RUGO HABA AGAHIMBARE

Igihe umwana wawe afise ubumuga

Igihe umwana wawe afise ubumuga

CARLO * avuga ati: “Umuhungu wacu Angelo yavukanye ubumuga bwo mu mutwe. Iyo ndwara yiwe iraturuhisha cane ku mubiri, mu bwenge no mu mutima. Kugira ubitahure, niwiyumvire inguvu ukoresha kugira witwararike umwana afise amagara meza, uce uzigwiza incuro ijana. Ivyo biratuma rimwe na rimwe umubano wacu ugira ingorane.”

MIA na we avuga ati: “Kwigisha Angelo ibintu bisanzwe rwose bisaba kwamizako no kwihangana cane. Igihe mba ndushe cane, ndakunda gushavurira umunega wanje Carlo kandi nkumva umenga sinomwihanganira. Birashika ntitubone ibintu kumwe, ivyo bigatuma duhazuka.”

Woba wibuka igihe umwana wawe yavuka? Nta gukeka yuko wari ushashaye guterura nya kayoya. Ariko rero, cokimwe na Carlo na Mia, iyo abavyeyi bibarutse umwana bakababwira ko avukanye indwara canke ubumuga, umunezero bagira uca uvangana n’amaganya.

Woba ufise umwana ari n’ubumuga? Hari aho rero wokwibaza niba bizogenda neza. Niba umufise, rema. Hari abavyeyi nkawe baciye mu ngorane nk’izo mugabo birabagendera neza. Rimbura ingorane zitatu zikunze gushika hanyuma urabe ingene ubukerebutsi bwo muri Bibiliya bwogufasha muri ivyo.

INGORANE YA 1: BIRAKUGORA KWEMERA KO ARWAYE IYO NDWARA.

Abavyeyi benshi baravunika umutima iyo bamenye ko umwana wabo arwaye. Inabibondo umwe yitwa Juliana wo muri Megizike avuga ati: “Igihe abaganga bambwira yuko agahungu kacu Santiago gafise indwara iterwa n’ukwononekara kw’ubwonko, vyarangoye kwemera. Wamengo isi iranguyeko.” Abandi na bo bashobora kwumva bamerewe nka inabibondo yitwa Villana wo mu Butaliyano, uwavuze ati: “Nahisemwo kwibaruka akana naho nari nzi ko mu myaka nari ngezemwo vyarimwo akaga. Ubu, iyo mbonye ingorane umwana wanje afise kubera ubumuga bwo mu mutwe yavukanye, nca numva niyagirije.”

Nimba uhora wihebura canke ukiyagiriza, numenye ko kwiyumva gutyo ari ibisanzwe. Indwara ntizari mu mugambi Imana yari ifitiye abantu mu ntango. (Itanguriro 1:27, 28) Ntiyaremanye abavyeyi ubushobozi bwo gushoka bemera ibintu bitameze nk’uko vyabwirizwa kumera. Kuba umwana wanyu adafise amagara meza, nta gukeka yuko bibababaza cane. Bizofata igihe kugira ngo murengere uwo mubabaro, mubone kumenyera ubuzima bushasha.

Bite ho mu gihe woba wumva wiyagirije ku bijanye n’ubumuga bw’umwana wawe? Uribuka yuko ata muntu n’umwe atahura ijana kw’ijana ingene ibintu mvukanwa twakuye ku bavyeyi, ibidukikije canke ibindi bintu bigira ico bikoze ku magara y’umwana. Ku rundi ruhande, hari aho wokwumva umengo amakosa woyegeka ku wo mwubakanye. Ntureke ngo ivyo bigushikire. Vyiza wosenyera ku mugozi umwe na we, mukitunira ku kwitwararika uwo mwana wanyu.—Umusiguzi 4:9, 10.

INAMA TWOKUGIRA: Nugerageze kumenya ivyerekeye indwara umwana wawe arwaye. Bibiliya ivuga iti: “Ubgenge ni bgo bgubaka urugo, kand’ubukerebutsi ni bgo burukomeza.”—Imigani 24:3, Bibiliya Yera.

Urashobora kumenya vyinshi ugiye ku baganga bavyigiye canke usomye ibitabu vyo kwizigirwa. Kumenya ibijanye n’indwara y’umwana wawe vyogereranywa no kumenya neza ururimi rushasha. Naho mu ntango usanga bitoroshe, urashobora kurwiga ukarumenya.

Carlo na Mia, bamwe twavuga mu ntangamarara, barondereye amakuru ku muganga asanzwe abakurikirana no kw’ishirahamwe ryanonosoye ivy’ubumuga bw’umwana wabo. Bavuga bati: “Ivyo ntivyadufashije gusa gutahura ingorane twari dukwiye kwitega, ariko kandi vyaradufashije gutahura ibintu uwufise nya bumuga ashoboye gukora. Twarabonye ko umuhungu wacu yari gushobora kugira ubuzima nk’ubw’abandi bana bose mu mice itari mike. Ivyo vyaraduhumurije cane.”

GERAGEZA IKI KINTU: Niwibande ku vyo umwana wawe ashoboye gukora. Nutegekanye udukorwa mwokorera hamwe uko mugize umuryango. Igihe akoze ikintu akagishobora, naho coba ari gitoya, nimuce mumukeza, gutyo musangire na we umunezero.

INGORANE YA 2: WUMVA URUSHE, UTAGIRA N’UWO WOKWITURA.

Woshobora kubona yuko kwitwararika umwana wawe arwaye bituma uruha ugasanzara. Inabibondo umwe yitwa Jenney wo mu gihugu ca Nouvelle-Zélande, avuga ati: “Inyuma y’aho umuhungu wanje bamutoreye indwara y’uruti rw’umugongo (spina-bifida), naramaze imyaka nk’ingahe nama numva ndushe kandi nkarira igihe cose naba ngerageje gukora igikorwa c’i muhira ciyongere ku vyo nari nsanzwe nkora.”

Iyindi ngorane ni uko ushobora kwumva ko utagira uwo wokwitura. Uwitwa Ben afise umwana arwaye indwara y’imitsi be n’indwara y’ubwonko (Asperger). Avuga ati: “Abantu benshi ntibigera batahura vy’ukuri ingene ivyacu vyifashe.” Woshobora kwipfuza kuronka uwo woganyira. Ariko rero, benshi mu bagenzi banyu usanga abana babo bafise amagara meza. Uca rero ugonanwa kubitura.

INAMA TWOKUGIRA: Nusabe abandi bagufashe, kandi wemere ko bagufasha. Juliana, umwe twavuga, yiyemerera ati: “Hari igihe jewe n’umunega wanje twumva ubuyega bwo gusaba abandi ngo badufashe.” Ariko yongerako ati: “Twaratahuye ko tutikwije. Igihe abandi badufashije, turumva ko dushigikiwe.” Hagize umugenzi somambike canke uwundi wo mu muryango agusaba kwicarana n’uwo mwana wawe igihe muteramiye hamwe n’abandi canke mukoraniye hamwe mu vyo gusenga, nuvyemere kandi ubikenguruke. Umugani umwe wo muri Bibiliya ugira uti: “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.”—Imigani 17:17.

Niwitwararike amagara yawe. Nka kurya nyene imodoka rusehabaniha itegerezwa kwama ishirwamwo igitoro kugira ngo ibandanye kujana abantu ku bitaro, ni ko nawe utegerezwa kwigarurira agatege mu gufungura neza, mu kwinonora imitsi no mu kuruhuka kugira ngo ubandanye kwitwararika uwo mwana wawe nk’uko bikwiriye. Nk’akarorero, uwitwa Javier, akaba afise umwana yamugaye, avuga ati: “Kubera ko umwana wanje adashobora kugendagenda, mbona yuko nkwiye kugerageza gufungura neza. Nakare, ni je ndamwunguruza. Ni jewe birenge vyiwe!”

None wokura hehe umwanya wo kwitaho amagara yawe? Abavyeyi bamwebamwe barakurakuranwa mu kwitwararika umwana wabo. Ivyo bica bituma umwe muri abo bavyeyi aronka akaryo ko kuruhuka no kwitwararika ibindi bintu akeneye. Uzokenera kwihoza ibikorwa bidahambaye kugira ngo wicungurire umwanya, mugabo kubigenza gutyo ntivyama vyoroshe. Ariko rero, nk’uko inabibondo umwe wo mu Buhindi yitwa Mayuri abivuga, “urateba ukabimenyera.”

Niwiture umugenzi wizigiye. N’abagenzi badafise abana barwaye barashobora kukwumviriza babigiranye impuhwe. Urashobora no gusenga Yehova Imana. Amasengesho yoba vy’ukuri azogira ico afashije? Uwitwa Yazmin afise abana babiri bavukanye indwara ikomeye yitwa mucoviscidose; avuga ati: “Hari igihe nagira amaganya menshi ku buryo numva umengo kagira gace.” Ariko yongerako ati: “Ndasenga Yehova kugira ngo anduhure, ampe inkomezi. Ivyo birampa inkomezi zo gukomera kw’ibanga.”—Zaburi 145:18.

GERAGEZA IKI KINTU: Suzuma ivyo ufungura, igihe winonora imitsi n’umwanya uryama ingene ungana. Nurabe ingene wocungura umwanya mu kwihoza ibikorwa bidahambaye cane kugira ngo witwararike amagara yawe. Nuze urahindura urutonde rwawe igihe bikenewe.

INGORANE YA 3: WITWARARIKA CANE UMWANA ARWAYE KURUTA ABANDI BASIGAYE.

Iyo umwana arwaye, birashobora kugira ingaruka ku vyo umuryango ufungura, aho umuryango uja gutembera, be n’umwanya abavyeyi bamarana n’umwana umwumwe wese. Ivyo bishobora gutuma abandi bana babona ko batitaweho. Vyongeye, abavyeyi barashobora gutwarwa cane no kwitwararika umwana wabo arwaye ku buryo umubano wabo ugira ingorane. Sebibondo umwe wo muri Liberiya yitwa Lionel avuga ati: “Hari igihe umukenyezi wanje avuga ko ari we yiremetse umutwaro munini, ko jewe ntitaho umuhungu wacu. Nca numva umengo anshize hasi, kandi hari igihe nca ndamwishura nabi.”

INAMA TWOKUGIRA: Kugira ngo wereke abana bawe ko ubitwararika bose, nukore ibintu bibaryohera. Jenney, umwe twavuga, agira ati: “Rimwe na rimwe turagirira umuhungu wacu mukuru akantu kadasanzwe, mbere niyo yoba gusa kumujana gufungurira kw’iresitora akunda.”

Niwereke abana bawe ko ubitwararika bose

Kugira ngo ukingire umubano wawe, nuyage n’uwo mwubakanye kandi musenge muri kumwe. Sebibondo umwe wo mu Buhindi yitwa Aseem, akaba afise umwana arwaye intandara, avuga ati: “Naho rimwe na rimwe jewe n’umukenyezi wanje twumva turushe cane kandi tubabaye, turitwararika kwicara hamwe, tukayaga tukongera tugasengera hamwe. Buri gitondo, imbere y’uko abana bacu bavyuka, turafata umwanya tukicara tukaganira ku murongo kanaka wo muri Bibiliya.” Hari abandi bubakanye bafata akanya ko kuganira ari bonyene imbere yo kuryama. Kugira ibiyago mwene ivyo no gusengera hamwe bivuye ku mutima, birakomeza umubano wanyu iyo muri mu bihe bitoroshe. (Imigani 15:22) Umugabo n’umugore umwe bavuze bati: “Ibihe vyiza cane twagize mu buzima bwacu vyabaye igihe twari mu biringo bigoye kuruta ibindi twaciyemwo.”

GERAGEZA IKI KINTU: Nukengurukire abandi bana bawe ku bintu vyose bakora kugira ngo bashigikire mwene wabo arwaye. Nuze urereka abana bawe be n’uwo mwubakanye ko ubakunda kandi ko ukenguruka ukuntu bagushigikira.

GUMA UBONA KO IBINTU BIZOGENDA NEZA

Bibiliya isezerana yuko vuba Imana igiye gukuraho indwara zose n’ubumuga bwose bishikira abato n’abakuze. (Ivyahishuwe 21:3, 4) Ico gihe, “nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’” *Yesaya 33:24.

Mu kurindira ico gihe, urashobora kuroranirwa mu twigoro ugira two kurera umwana wawe afise ubumuga. Carlo na Mia, bamwe twavuga mu ntango, bagira bati: “Ntucike intege iyo ubonye umengo nta kigenda. Niwibande ku bintu vyiza ubona kuri uwo mwana wawe, kuko ari vyinshi cane.”

^ ing. 3 Muri iki kiganiro, si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

^ ing. 29 Ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye n’uwo muhango Bibiliya itanga w’uko tuzobaho dufise amagara atagira agahaze, nurabe ikigabane ca 3 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

NIWIBAZE UTI . . .

  • Nkora iki kugira ngo ngume mfise amagara meza ku mubiri no mu mutima nongere ngume mfitaniye ubucuti bwiza n’Imana?

  • Ni ryari mperuka gukengurukira abandi bana banje ku kuntu banshigikira??