Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

NIWIYEGEREZE IMANA

‘Iranengesereza imitima yacu’

‘Iranengesereza imitima yacu’

Yehova yoba atwitaho vy’ukuri canke yoba atababaye ingorane abantu barimwo ng’aha kw’isi? Inyishu Bibiliya itanga kuri ico kibazo iraremesha. Imana iritaho vy’ukuri umuryango w’abantu, kandi yipfuza ko tunezererwa ubuzima. Ku musi ku musi, iratuma abantu bungukira ku kumera neza kwayo kwinshi, harimwo mbere n’abantu batigera bashima. Rimbura amajambo intumwa Paulo yavuze.—Soma Ivyakozwe 14:16, 17.

Igihe Paulo yariko abwira abantu bo mu gisagara c’i Lusitira batasenga Imana, yavuze ati: “Mu mayaruka yarenganye [Imana] yararetse amahanga yose ngo abandanye kugendera mu nzira zayo, naho mu vy’ukuri itaretse ngo igume itagira ikiyishingira intahe mu kuba yarakoze ivyiza, ikabaha imvura iva mw’ijuru n’ibiringo vyimbuka, ikanengesereza imitima yanyu ibifungurwa be n’urweze.” None ayo majambo yasobanura iki ku bariko barumviriza Paulo?

Abo bantu b’i Lusitira ntivyabagoye kubona ko ivyo Paulo yariko aravuga ari vyo. Bararima, kandi intara babamwo yari intara imera kandi ironka amazi akwiye. Ariko nk’uko Paulo yabibibukije, Imana ni yo ituma abantu baronka imvura n’ibiringo vyimbuka. Igihe cose rero baba bimbuye vyinshi, bagafungura udufungurwa turyoshe, baba bariko barungukira ku kumera neza kw’Imana.

Ayo majambo Paulo yabwiye abantu b’i Lusitira aratwigisha ibintu bihambaye bitari bike ku bijanye na Yehova Imana.

Yehova yipfuza ko twihitiramwo. Urabona ko Paulo yavuze yuko Yehova yaretse amahanga yose “ngo abandanye kugendera mu nzira zayo.” Igitabu kimwe gifasha abahinduzi ba Bibiliya kivuga yuko iyo mvugo ishobora gusobanura ko “bagenda uko bipfuza” canke ko “bakora ivyo bo babona ko ari vyiza.” Yehova ntahata umuntu n’umwe ngo amusenge. Yaturemanye ubushobozi bwo kwihitiramwo ingene twobaho.—Gusubira mu vyagezwe 30:19.

Yehova yipfuza ko tumumenya. Paulo yasiguye ko Imana itaretse ngo igume “itagira ikiyishingira intahe.” Ca gitabu twavuga cerekana yuko iyo mvugo ishobora guhindurwa ngo “Imana yareretse neza abantu ingene imeze.” Ivyo Imana yaremye birerekana neza “kamere . . . zitaboneka” zayo nk’ukumera neza, ubukerebutsi, ububasha n’urukundo. (Abaroma 1:20) Muri Bibiliya Yehova yarahishuye n’ibindi vyinshi ku bimwerekeye. (2 Timoteyo 3:16, 17) Wumva none ivyo biterekana neza ko yipfuza ko tumumenya?

Ku musi ku musi, Imana iratuma abantu bungukira ku kumera neza kwayo kwinshi, harimwo mbere n’abantu batigera bashima

Yehova yipfuza ko duhimbarwa. Paulo yavuze ko Imana ‘inengesereza imitima yacu ibifungurwa be n’urweze.’ N’umucumuzi atemera Yehova arashobora gufungura uko umutima wiwe ugomba kandi akagira agahimbare ku rugero runaka mu buzima. Ariko Imana yo yipfuza ko tugira agahimbare nyakuri kandi k’igihe kirekire. Ivyo vyoshoboka ari uko gusa twize ibiyerekeye kandi tukabishira mu ngiro mu buzima bwacu.—Zaburi 144:15; Matayo 5:3.

Twese turungukira ku kumera neza kwa Yehova ku musi ku musi. Ubona gute urondeye kumenya vyinshi ku bijanye n’ingene wokwerekana ko ukengurukira iyo Mana ‘inengesereza umutima wawe ibifungurwa be n’urweze’?

Aho tukuremesheje gusoma muri Mukakaro

Ivyakozwe 11-28