UMUNARA W’INDERETSI Myandagaro 2013 | Amashusho y’ubushegabo yoba ata co atwaye canke ni ishano?

Amashusho y’ubushegabo yoba ata co atwaye canke ni ishano? Umuntu yokora iki ngo avavanure n’amashusho y’ubushegabo?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Amashusho y’ubushegabo yoba ata co atwaye canke ni ishano?

Kuraba amashusho y’ubushegabo bigira ingaruka izihe ku bantu no ku miryango?

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA

“Naricaye ndiyumvira iyo ubuzima bwanje bwariko buraja”

Raba ukuntu ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zafashije umugabo umwe guhindura ingeso n’ivyiyumviro kugira ngo ahimbare Imana.

IBIBAZO VY'ABASOMYI

Kubera iki abantu bamwebamwe bo muri Bibiliya batavugwa amazina?

Twoba dukwiye kwiyumvira yuko abantu bose bavugwa muri Bibiliya mugabo batavugwa amazina bari abantu babi canke ata co bamaze?

NIWIYEGEREZE IMANA

‘Kamere zayo zitaboneka ziribonekeza neza’

Woba wemera Imana? Woba ushobora gutanga ivyemeza ko ibaho?

NIWIGANE UKWIZERA KWABO

‘Yarazigamwe hamwe n’abandi indwi’

Vyagenze gute ngo Nowa n’umuryango wiwe barokoke mu gihe kigoye kuruta ibindi vyose abantu bari bamaze kubona?

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Ni ibiki vyoshobora gutuma amasengesho amwamwe adahimbara Imana? Twokora iki kugira ngo Imana itwumvirize?

Ibindi usanga kuri internet

Ivyabona vya Yehova boba baharira ivomo abahoze mw’idini ryabo?

Rimwe na rimwe guca umuntu mw’ishengero birakenerwa kandi birashobora gufasha uwo muntu kugaruka mw’ishengero.