Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Thomas Emlyn—Yoba yari umurogosi canke yaburanira ukuri?

Thomas Emlyn—Yoba yari umurogosi canke yaburanira ukuri?

THOMAS EMLYN yari nde kandi ni igiki catumye aburanira ukuri? Ni igiki twomwigirako coshobora kudufasha muri iki gihe?

Kugira turonke inyishu z’ivyo bibazo, turakeneye gusubiza amaso inyuma mu mpera z’ikinjana ca 17 no mu ntango z’ica 18 mu Bwongereza no muri Irlande. Ico gihe Ekleziya yo mu Bwongereza yari ifise ububasha bukomeye. Imigwi y’abaporoti n’abantu batandukanye ntibavuga rumwe n’inyigisho canke imigenzo vya Ekleziya.

YARI NDE?

Ukwo ni ko ibintu vyari vyifashe igihe Thomas Emlyn yavuka ku wa 27 Rusama 1663, ahitwa Stamford, i Lincolnshire mu Bwongereza. Igihe yari afise imyaka 19, yarashikirije insiguro yiwe ya mbere y’ivy’Imana. Mu nyuma, yarabaye umumenyeshamana akorera umuryango w’umuganwakazi yaba i Londres. Ariko rero yahavuye yimukira i Belfast, muri Irlande.

Aho i Belfast, Emlyn yahavuye aza arigisha mw’isengero ya paruwasi. Mu nyuma yagiye araba umuvugabutumwa mu bibanza bitari bike, ushizemwo n’i Dublin.

KUBERA IKI YAGIRIJWE UKUROGOTA?

Muri ivyo bihe, Emlyn yariko ariga Bibiliya avyitondeye. Ivyo yize vyatumye agira amakenga ku bijanye n’inyigisho y’Ubutatu naho nyene yari yahoze ayemera. Amaze gusuzuma Injili, yarajijutse yuko zihuza n’ibintu bishasha yariko aratahura.

Emlyn ntiyaciye ubwo nyene avuga ivyo yari yubuye. Ariko rero, abantu bamwebamwe bo mw’ishengero ry’i Dublin yigishamwo barabonye ko atari akivuga Ubutatu mu nsiguro ziwe. Abonye ko abandi batokwakiriye neza ivyo yari yubuye, yanditse ati: “Sinshobora kwitega ko nzobandanya gukorera ng’aha maze kuvuga ivyo nemera.” Muri Ruheshi 1702, bagenziwe babiri baramukariye kubera ko atari akivuga Ubutatu mu nsiguro ziwe. Emlyn yarabatomoreye ko atakibwemera, aca ahitamwo gutanga imihoho.

Icandikano Emlyn yatanzemwo ibimenyamenya vyo muri Bibiliya vyerekana igituma Yezu atoshobora kuba Imana Musumbavyose

Haciye imisi mikeyi, yaravuye i Dublin muri Irlande, aja mu Bwongereza. Ariko rero, inyuma y’amayinga cumi yarasubiye i Dublin kugira atunganye ibintu bimwebimwe afise intumbero yo kwimukira burundu i Londres. Aho i Londres, yaciye asohora icandikano (An Humble Inquiry Into the Scripture-Account of Jesus Christ), yizigiye kuburanira ivyiyumviro vyiwe. Muri ico candikano, yaratanze ibimenyamenya bitomoye vyerekana igituma Yezu atoshobora kuba Imana Musumbavyose. Ivyo vyatumye abo mw’ishengero Emlyn yahozemwo ry’i Dublin bashangashirwa, baca baramwitwarira.

Emlyn yarafashwe arengutswa imbere ya Sentare y’umwamikazi i Dublin ku wa 14 Ruheshi 1703. Mu candikano Emlyn yasohoye (True Narrative of the Proceedings), avuga ko yagirijwe ‘kwandika no gusohora igitabu, ngo muri co akaba yararogose, akarondera gukora ikibi, n’ibindi n’ibindi, mu kwemeza yuko Yezu Kristu atangana n’Imana Data.’ Urubanza rwaciye  rucibwa impaga. Abasenyeri indwi ba Ekleziya yo muri Irlande bari bicaranye n’abacamanza. Emlyn ntiyemerewe kugira ico avuze ngo yiburanire. Umushingwamanza akomeye Richard Levins yabwiye Emlyn yuko yari kwicwa “nk’imbwa, ata tegeko canke ugufyina.” Mu gusozera urwo rubanza, umucamanza mukuru wa Irlande ari we Richard Pyne yabwiye umugwi w’abarwihweje ngo baramutse bataruciye nk’uko vyitezwe, “ba nyakwubahwa abasenyeri bari ng’aho,” akaba kumbure yashaka kubereka ko bociye bahanwa nk’uko bikwiriye.

“Ndiko ndazira ico mbona ko ari ukuri [kw’Imana] n’ubuninahazwa bwayo.”—Vyavuzwe na Thomas Emlyn

Emlyn amaze gukubitwa intahe mu gahanga, umushingwamanza mukuru yamugiriye inama yo kwemera ko yihenze. Emlyn yaranse, aca acibwa amande n’umunyororo w’umwaka. Kubera ko atari ashoboye kuriha ayo mande, yaciye amara imyaka ibiri mu munyororo gushika umugenzi wiwe ajijuye abategetsi ngo bayagabanye. Emlyn yarekuwe ku wa 21 Mukakaro 1705. Amabi yakorewe yatumye avuga ya majambo yasubirwamwo mu ntango agira ati: “Ndiko ndazira ico mbona ko ari ukuri [kw’Imana] n’ubuninahazwa bwayo.”

Emlyn yaciye yimukira i Londres, aho yahavuye yifatanya na William Whiston, uwundi muhinga mu vya Bibiliya yari yarangajwe kubera yanditse ivyo yabona ko ari ukuri kwa Bibiliya. Whiston yarubaha Emlyn, akamwita “ ‘umuntu wa mbere kandi nyamukuru yaburaniye’ ico twokwita ‘ubukirisu bwa kera.’ ”

KUBERA IKI YIYAMIRIJE UBUTATU?

Cokimwe na William Whiston be n’uwundi muhinga yubahwa yitwa Isaac Newton, Emlyn yasanze Bibiliya idashigikira inyigisho y’Ubutatu nk’uko iboneka muri Keredo ya Athanase. Yasiguye ati: “Maze kuzirikana ata gufyina no kwiga Ivyanditswe vyeranda, . . . narabonye imvo ikomeye . . . yo guhindura ivyiyumviro ku vyerekeye ivyo nari narigishijwe bijanye n’Ubutatu.” Yashitse ku ciyumviro c’uko “Imana ikaba na se wa Yezu Kristu ari yo yonyene Musumbavyose.”

Ni igiki catumye Emlyn ashika kuri ico ciyumviro? Yarabonye ivyanditswe vyinshi vyerekana ukuntu Yezu na Se batandukanye. Reka turabe bikeyi gusa muri vyo. (Amajambo Emlyn yabivuzeko ari mu ndome zihiritse)

  •  Yohani 17:3: “Kristu ntiyigera avugwa ko ari iyo Mana imwe canke ko ari Imana, ngo ace aba we Mana yonyene.” Data gusa ni we yitwa “Imana yonyene y’ukuri.”

  •  Yohani 5:30: “Umwana ntakora ivyo yigombeye, ariko akora igomba rya Data.”

  •  Yohani 5:26: “Ubuzima bwiwe abuhabwa na Data.”

  •  Abanyefeso 1:3: “Yezu Kristu akunze kwitwa Umwana w’Imana, ariko nta na rimwe Data yigera yitwa Se w’Imana, mugabo akenshi yitwa Se w’Umukama wacu Yezu.”

Emlyn amaze kurimbura ibimenyamenya vyose, yaciye avuga ashimitse ati: “Nta hantu na hamwe mu Vyanditswe vyeranda twovuga yuko hoba hadomako ko Data, Umwana na Mpwemu Yera ari umuntu umwe rudende.”

BITWIGISHA IKI?

Abenshi muri iki gihe baratinya kuburanira ivyo Bibiliya yigisha. Emlyn we yari yiteguriye gushigikira ukuri kwo muri Bibiliya. Yabajije ati: “Kubera iki none umuntu yosoma arondera ukuri guhambaye kuruta ukundi kwose nimba atokuburanira kandi abona ko gutomoye neza mu Vyanditswe vyeranda?” Emlyn yaranse guhemukira ukuri.

Akarorero ka Emlyn be n’abandi karashobora gutuma turaba ko twoba twiteguriye gushigikira ukuri mu gihe dutyekejwe duhorwa ivyo twemera. Na twebwe turashobora kwibaza duti: ‘Ni igiki gihambaye kuruta ikindi? Kwoba ari ugushimagizwa n’ikibano canke ni ugushigikira ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana?’