Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igipfukisho c’imbere

Igipfukisho c’imbere

Igipfukisho c’imbere

Rwaruka rwacu twikundira,

Umuvyeyi wanyu wo mw’ijuru, Yehova Imana, arabakunda cane. Ashaka ko muhimbarwa. Mwoshobora kwibaza muti: ‘Ubwo koko birashoboka ko umuntu ahimbarwa muri iki gihe?’ Ico ni ikibazo ciza. Nakare, ingorane ntizibuze mu buzima. Bisa n’uko imisi yose dushikirwa n’ingorane zoshobora kutunyaga umunezero. Ariko Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru aca ahaseruka kugira adufashe! Ijambo ryiwe riratanga ubuyobozi dukeneye kugira tuvyifatemwo neza muri ubu buzima butoroshe. Naho Bibiliya yanditswe kera cane, impanuro itanga n’ubu ziracari ngirakamaro nk’uko vyari biri igihe yandikwa.—⁠Zaburi 119:98, 99; 2 Timoteyo 3:16, 17.

Iki gitabu twagiteguye kubera ko tubakunda. Dushaka ko muhimbarwa kandi mukagira ico mwimariye mu buzima. Ku bw’ivyo, tubaremesheje kugisoma cose uko cakabaye no kuza muracikorako kenshi igihe muhuye n’ingorane. Imwe mu ntumbero z’iki gitabu ni iyo kubafasha kurushiriza guseruranira akari ku mutima n’abavyeyi banyu. Twizigiye ko muzosomera hamwe n’abavyeyi banyu ibihimba vy’iki gitabu canke mukavyigira hamwe. Nimwungukire ku bukerebutsi bwabo no ku tuntu n’utundi bazi!

Tubipfurije kuroranirwa,

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova